“Abantu b’Ingabirano” bo Kwitwararika Intama za Yehova
“Yaradūze, ija iyo hejuru, ijanye iminyago, [“itanga abantu b’ingabirano,” NW].”—ABANYEFESO 4:8.
1. Umuvukanyikazi w’Umukirisu umwe yavuze iki ku vyerekeye abakurambere bo mw’ishengero arimwo?
“NDABASHIMIYE ku kuntu mutwitwarika cane gutyo. Ukumwenyura kwanyu, igishika n’ukuntu mutwitaho, ntibigiramwo uburyarya. Mwama nantaryo muri hafi yacu kugira ngo mudutege ugutwi kandi mutubwire amajambo avuye muri Bibiliya atweza umutima. Ndasaba Imana ngo sinze nigere ndabafata ibisanzwe.” Ivyo ni umuvukanyikazi w’Umukirisu yavyandikiye abakurambere bo mw’ishengero arimwo. Birumvikana, urukundo rwagaragajwe n’abungere b’Abakirisu bitwararika rwaramukoze ku mutima.—1 Petero 5:2, 3.
2, 3. (a) Nk’uko bivugwa muri Yesaya 32:1, 2, abakurambere b’abanyembabazi bitwararika gute intama za Yehova? (b) Ni ryari umukurambere ashobora kubonwa nk’ingabirano?
2 Abakurambere ni intunganyo Yehova yashizeho kugira ngo babungabunge intama ziwe. (Luka 12:32; Yohana 10:16) Intama za Yehova zirafise agaciro kanini kuri we: mu vy’ukuri zirafise agaciro kanini ku buryo yaziguze amaraso y’agaciro ya Yezu. Ntibitangaje rero kuba Yehova ahimbarwa igihe abakurambere bafatana ikibabarwe umukuku wiwe. (Ivyakozwe 20:28, 29) Raba iyi ndondoro menyeshakazoza yagizwe kuri abo bakurambere, canke “abaganwa” igira iti: “Uw’ari we wese azoba nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; azoba nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.” (Yesaya 32:1, 2) Egome, ni abo gukingira, kuruhurira no guhumuriza intama ziwe. Abakurambere baragirana imbabazi umukuku baba rero bariko barihata kugira ngo bashitse ivyo Imana ibitezeko.
3 Abakurambere mwene abo muri Bibiliya bavugwa ko ari “abantu b’ingabirano.” (Abanyefeso 4:8, NW) Iyo wiyumviriye ingabirano, usanga ari ikintu umuntu ahabwa kikamutunganiriza ingorane yari afise canke kikamuzanira ubuhirwe. Umukurambere ashobora kubonwa nk’ingabirano igihe akoresha ubushobozi bwiwe kugira ngo asahirize ubusho mu vyo bukeneye yongere aterere agacumu k’ubumwe ku buhirwe bw’umukuku. None ivyo yoshobora kubikora gute? Inyishu, iyo dusanga mu majambo Paulo yavuze mu Banyefeso 4:7-16, irahayagiza ubwitwararitsi burangwa urukundo Yehova agirira intama ziwe.
“Abantu b’Ingabirano” Bava Hehe?
4. Mw’iranguka rya Zaburi 68:18, ni mu buryo ubuhe Yehova ‘yadūze iyo hejuru,’ kandi ni ba nde bari “ingabirano zo mu buryo bw’abantu”?
4 Igihe Paulo yakoresha imvugo ngo “abantu b’ingabirano,” yariko arasubiramwo amajambo y’Umwami Dawidi, uwavuze ivya Yehova ati: “Uradūze, uja iyo hejuru, ujanye iminyago, uhērewe [“ingabirano zo mu buryo bw’abantu,” NW].” (Zaburi 68:18) Abisirayeli bamaze imyaka mikeyi mu Gihugu c’Isezerano, Yehova mu buryo bw’ikigereranyo ‘yaraduze’ ku Musozi Siyoni hanyuma agira Yeruzalemu umugwa mukuru w’ubwami bwa Isirayeli, Dawidi na we akaba umwami wabwo. None izo “ngabirano zo mu buryo bw’abantu” bari ba nde? Bari abantu bajanywe inyagano igihe ico gihugu cigarurirwa. Zimwe muri izo nyagano mu nyuma zarashikirijwe Abalewi kugira ngo zifashe mu bikorwa vyo mw’ihema.—Ezira 8:20.
5. (a) Paulo yerekana gute ko Zaburi 68:18 iranguka mw’ishengero ry’Abakirisu? (b) Ni mu buryo ubuhe Yezu ‘yadūze iyo hejuru’?
5 Mw’ikete Paulo yandikiye Abanyefeso, arerekana yuko ayo majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira iranguka rinini mw’ishengero ry’Abakirisu. Paulo yabaye nk’uwusubiramwo Zaburi 68:18, yandika ati: “Arik’umuntu wese muri twebge yahawe ubuntu, nk’uko tugererwa ingabire ya Kristo. Ni co gituma ivuga, iti Yaradūze, aja iyo hejuru, ajanye iminyago, [“itanga abantu b’ingabirano,” NW].” (Abanyefeso 4:7, 8) Ngaho Paulo iyo zaburi ayirabisha kuri Yezu ko ari we muserukizi w’Imana. Yezu “[y]aranesheje isi” ku bw’ingendo yiwe y’ubudahemuka. (Yohana 16:33) Yaranatsinze urupfu na Shetani biciye ku kuzurwa n’Imana imukuye mu bapfuye. (Ivyakozwe 2:24; Abaheburayo 2:14) Mu 33 G.C., Yezu uwari yazutse yaraduze aja ‘iyo hejuru haruta amajuru yose’—hejuru y’ibindi biremwa vyose vyo mw’ijuru. (Abanyefeso 4:9, 10; Ab’i Filipi 2:9-11) Kubera ko yari yatsinze, Yezu yatwaye “iminyago” ayikuye mu minwe y’umwansi. Gute?
6. Kuva kuri Pentekote mu 33 G.C., Yezu uwari yaduze yatanguye gute gusahura inzu ya Shetani, kandi ya “minyago” yayimajije iki?
6 Igihe yari kw’isi, Yezu yarerekanye ububasha afise kuri Shetani mu guhabuza abari barafashwe mpiri n’amadayimoni. Ni nk’aho Yezu yari yateye inzu ya Shetani, aramuboha, hanyuma amunyaga ibintu vyiwe. (Matayo 12:22-29) Iyumvire nawe ukunyaga Yezu yari gushobora kugira ico gihe amaze kuzurwa hanyuma agahabwa ‘ububasha bwose mw’ijuru no kw’isi’! (Matayo 28:18) Yezu uwaduze, yahereye kuri Pentekote mu 33 G.C. atangura bwa muserukizi w’Imana gusahura inzu ya Shetani mu ‘gutwara iminyago,’ ni ukuvuga abantu bari bamaze igihe kirekire mu buja bw’icaha n’urupfu kandi bifatiwe na Shetani. Iyo “minyago” baremeye gucika “abagurano ba Kristo, [ba]kora ivy’Imana igomba bivuye ku mutima.” (Abanyefeso 6:6) Kukaba nkako, Yezu yababohoye abakura mu minwe ya Shetani kw’izina rya Yehova, maze abahereza ishengero ngo baribere “abantu b’ingabirano.” Iyumvire uburakari buhebuje Shetani yagize igihe banyahurwa abona!
7. (a) Ba “bantu b’ingabirano” bafise uduteka utuhe mu mashengero? (b) Yehova yahaye akaryo akahe umugabo wese akora ari umukurambere?
7 Twoba tubona abo “bantu b’ingabirano” mw’ishengero muri iki gihe? Ego cane! Turababona bakora bwa bakurambere, bakora bagatama ari ‘abamamaji b’inkuru nziza, abungere n’abigisha’ mu mashengero arenga 87 000 y’abasavyi b’Imana kw’isi yose. (Abanyefeso 4:11) Shetani nta kindi ashaka atari uko bofata nabi umukuku. Ariko ico si co catumye Imana ibashikiriza ishengero ibicishije kuri Kirisitu. Ahubwo, Yehova yatanze abo bagabo kugira ngo ishengero rimererwe neza, kandi bari n’ico babazwa kuri we kubera intama yabashinze. (Abaheburayo 13:17) Niba ukora bwa mukurambere, Yehova yaraguhaye akaryo keza igitangaza ko kugaragaza yuko ubwawe uri ingabirano canke umuhezagiro ku bavukanyi bawe. Ivyo urashobora kubigira mu kurangura amabanga ane ahambaye.
Igihe Bikenewe ko Umuntu ‘Abogorwa’
8. Ni mu buryo ubuhe twese dukenera rimwe na rimwe kubogorwa?
8 Ubwa mbere, nk’uko Paulo abivuga, abo “bantu b’ingabirano” batangwa ‘kugira ngo abera babogorwe.’ (Abanyefeso 4:12) Izina ry’Ikigiriki ryahinduwemwo ‘kubogora’ ryerekeza ku “gutondeka [ikintu] neza.” Kubera ko turi abantu b’abanyagasembwa, twese rimwe na rimwe turakenera kubogorwa—kugira ngo ukwiyumvira kwacu, inyifato yacu canke ukuntu twigenza ‘bitondekwe neza’ mu buryo buhuje n’ukwiyumvira kw’Imana be n’ivy’igomba. Yehova n’urukundo n’akantu yaratanze “abantu b’ingabirano” bo kudufasha guhindura ibikeneye guhindurwa. None ivyo babikora gute?
9. Umukurambere ashobora gute gufasha kubogora intama yakoze ikosa?
9 Rimwe na rimwe, umukurambere ashobora gusabwa gufasha intama yakoze ikosa, uwushobora kumbure kuba ‘yateye intambwe itari yo imbere y’uko abimenya.’ None umukurambere yoshobora gufasha gute? Mu B’i Galatiya 6:1 havuga hati: “[“Mugerageze kubogora,” NW] ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza.” Ni co gituma igihe umukurambere ariko aratanga impanuro atotatira nyene gukora ikosa, ngo akoreshe amajambo y’ukumuryagagura. Impanuro ikwiye kuremesha uwuyihabwa, ntikwiye ‘kumutera ubwoba.’ (2 Ab’i Korinto 10:9; gereranya na Yobu 33:7.) Nya muntu yoshobora kuba yari amaze kumaramara, akaba ari co gituma umwungere w’umunyarukundo yirinda kujanjagura umutima w’uwo muntu. Igihe biboneka ko impanuro, eka mbere n’igikangiro gikomeye bitanzwe bivuye ku rukundo, vyoshobora kugarura ukwiyumvira kw’uwakoze ikosa canke bigatuma yisubirako, gutyo bigatuma asubira gutungana.—2 Timoteyo 4:2.
10. Ukubogora abandi birimwo n’iki?
10 Igihe Yehova yatanga “abantu b’ingabirano” kugira ngo batubogore, yashaka ko abakurambere boba abaruhurira abasavyi biwe mu vy’impwemu kandi bakaba abakwiye kwiganwa. (1 Ab’i Korinto 16:17, 18; Ab’i Filipi 3:17) Ukubogora abandi ntibirimwo gusa ugukosora abafashe ingendo mbi, ariko kandi harimwo n’ugufasha intahemuka kugira ngo bumire ku ngendo igororotse.a Muri iki gihe, kubera ingorane nyinshi zihari usanga zivuna umutima, abantu benshi barakeneye indemesho kugira ngo bakomere ku muheto. Bamwebamwe bashobora kuba bakeneye gufashwa n’ikibabarwe kugira ngo bahuze ukwiyumvira kwabo n’ukw’Imana. Nk’akarorero, hari Abakirisu b’abizerwa barwana n’ukwiyumva ko ataco bashoboye canke ko ataco bamaze. Mwene abo “barandutse imitima” bashobora kwumva ko Yehova atokwigera abakunda, n’uko n’utwigoro twiza bagira mu gukorera Imana tutokwigera twemerwa kuri yo. (1 Ab’i Tesalonike 5:14) Ariko ubwo buryo bwo kwiyumvira ntibujanye n’ukuntu Imana ibona vy’ukuri abayisenga.
11. Abakurambere bashobora gukora iki mu gufasha abarwana n’inyiyumvo z’uko ataco bamaze?
11 Yemwe bakurambere, mushobora gukora iki kugira ngo mufashe mwene abo bantu? Nimuganire na bo n’umutima mwiza ku bimenyamenya vyo mu Vyanditswe vy’uko Yehova yitwararika umwumwe mu basavyi biwe, kandi mubakure amazinda yuko ivyo vyanditswe vya Bibiliya biberekeye bo ubwabo. (Luka 12:6, 7, 24) Bafashe babone yuko Yehova ‘yabakweze’ ngo bamukorere, ari na co gituma ategerezwa kuba abona ko bafise agaciro. (Yohana 6:44) Bakure amazinda yuko atari bo bonyene bagize inyiyumvo nk’izo: abasavyi ba Yehova benshi barazigize. Umuhanuzi Eliya igihe kimwe yaradendebukiwe bimwe bigera kure ku buryo yipfuza gupfa. (1 Abami 19:1-4) Abakirisu basizwe bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bumva ‘batsindishijwe’ n’imitima yabo bwite. (1 Yohana 3:20) Turaremeshwa no kumenya ko muri Bibiliya havugwamwo abantu b’intahemuka bari bafise “inyiyumvo nk’izacu.” (Yakobo 5:17, NW) Murashobora kandi kurabira hamwe n’uwavunitse umutima ibiganiro biremesha vyo mu Munara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Utwigoro mugirana urukundo two kugarura ukwizigira kwa mwene abo bantu ntituzobura gushimwa na ya Mana yabatanze nk’ “abantu b’ingabirano.”—Abaheburayo 6:10.
“Ukwubaka” Umukuku
12. Ni ibiki vyerekanwa n’imvugo ngo “bubake umubiri wa Kristo,” kandi ni igiki gikenewe mu kwubaka umukuku?
12 Ubwa kabiri, abo “bantu b’ingabirano” batanzwe kugira ngo “bubake umubiri wa Kristo.” (Abanyefeso 4:12) Paulo ngaha akoresha imvugo ngereranyo. ‘Kwubaka’ bitwibutsa ivy’ukwubaka inzu, “umubiri wa Kristo” na wo ukerekeza ku bantu, ni ukuvuga abagize ishengero ry’Abakirisu basizwe. (1 Ab’i Korinto 12:27; Abanyefeso 5:23, 29, 30) Birakenewe ko abakurambere bafasha abavukanyi babo kugira ngo bakomere mu vy’impwemu. Ico barondera ni ‘ukwubaka, si ugusenyura’ umukuku. (2 Ab’i Korinto 10:8) Igikenewe kugira ngo umuntu yubake umukuku ni urukundo, kubera ko “urukundo r[w]ubaka.”—1 Ab’i Korinto 8:1.
13. Bisobanura iki kuba umuntu w’impuhwe, kandi ni kuki bihambaye ko abakurambere bagaragaza impuhwe?
13 Umuce umwe w’urukundo ufasha abakurambere kwubaka umukuku ni impuhwe. Kuba umunyampuhwe bisobanura ukwumvira imbabazi abandi—gutahura ivyiyumviro vyabo n’inyiyumvo zabo, kutirengagiza ko hari ivyo badashoboye. (1 Petero 3:8) Ni kuki bihambaye ko abakurambere bagira impuhwe? Igihambaye kuruta ni ukubera ko Yehova, we atanga “abantu b’ingabirano,” ari Imana y’impuhwe. Igihe abasavyi biwe bariko baracumukura canke bari mu mubabaro, arabumvira imbabazi. (Kuvayo 3:7; Yesaya 63:9) Ntiyirengagiza ko hari ivyo badashoboye. (Zaburi 103:14) None rero abakurambere boshobora kugaragaza impuhwe gute?
14. Ni mu buryo ubuhe abakurambere bashobora kugaragariza impuhwe abandi?
14 Iyo umuntu yacitse intege abituye, barumviriza, bagatahura ko izo nyiyumvo afise ziri n’ishingiro. Baragerageza gutahura ivyo abavukanyi babo bakuriyemwo, kamere yabo, n’ukuntu ivyabo vyifashe. Maze igihe abakurambere batanze imfashanyo yo mu Vyanditswe ikomeza, intama ziraheza zigasanga kuyakira vyoroshe kubera ko iba ivuye ku bungere babatahura kandi bakabitwararika vy’ukuri. (Imigani 16:23) Impuhwe ziratuma kandi abakurambere batirengagiza ivyo abandi badashoboye hamwe n’inyiyumvo ivyo bishobora kubazanira. Nk’akarorero, Abakirisu bamwebamwe b’umutima bashobora kwumva ko hari ico biyagiriza kubera ko badashoboye gukora vyinshi mu murimo w’Imana, kumbure bitumwe n’ubusaza canke amagara make. Hari abandi na bo bashobora kuba bakeneye indemesho yotuma baryohora igikenurwa cabo. (Abaheburayo 5:12; 6:1) Impuhwe izotuma kandi abakurambere baronka “amajambo aryoshe” yubaka abandi. (Umusiguzi 12:10) Igihe intama za Yehova zikomejwe kandi zikavyurirwa ingiro, urukundo bafitiye Imana ruzotuma bagira ivyo bashoboye vyose mu kuyikorera!
Ni Abantu Baremesha Ubumwe
15. Imvugo ngo “ubumwe buva ku kwizera” isobanura iki?
15 Ica gatatu, abo “bantu b’ingabirano” batangwa kugira ngo “twese [dushike] ku kugiranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana.” (Abanyefeso 4:13) Imvugo ngo “ubumwe buva ku kwizera” ishaka kuvuga ubumwe, atari ubumwe bw’ivyizerwa gusa, ariko kandi bw’abizera. Iyo rero ni iyindi mpamvu yatumye Imana iduha “abantu b’ingabirano” bo kuremesha ubumwe mu basavyi bayo. None ivyo babikora bate?
16. Ni kuki bihambaye ko abakurambere bazigama ubumwe hagati yabo ubwabo?
16 Ubwa mbere, bategerezwa kuzigama ubumwe hagati yabo ubwabo. Mu gihe abo bungere bokwicamwo imice, intama zokwumva ko zititwararitswe. Umwanya w’agaciro boshoboye kumara bariko bararagira umukuku woshobora gutwarwa n’amanama be n’ibihari birebire ku bintu vyabaye, kandi ivyo bitari bikenewe. (1 Timoteyo 2:8) Hari aho abakurambere batoshoka bemeranya ikintu cose baganiriye, kubera ko ari abantu bafise kamere zishobora kuba zinyuranye cane. Ubumwe ntibubuza ko bagira ivyiyumviro bitandukanye canke mbere ko babishikiriza mu buryo buri ku burimbane igihe bagirana ibiganiro badahishanya. Abakurambere barazigama ubumwe bwabo mu kwumvirizanya bubahana ata kwikekana. Kandi bugingo ata ngingo ya Bibiliya iba irenzweko, umwe wese arakwiye n’umutima ukunze kwemera kandi agashigikira ingingo ya nyuma ifashwe na nya nama y’abakurambere. Umutima woroha werekana ko bayobowe n’ “ubgenge buva mw ijuru,” bukaba ari ‘ubw’amahoro, bwengenga.’—Yakobo 3:17, 18.
17. Abakurambere bashobora gute gufasha kuzigama ubumwe mw’ishengero?
17 Abakurambere baraba maso kandi kugira ngo baremeshe ubumwe mw’ishengero. Igihe ibintu bitera amacakubiri bigeramiye amahoro—nk’insaku zibabaje, kwama twikeka abandi, canke umutima w’amahane—baratanga impanuro ngirakamaro badatevye. (Ab’i Filipi 2:2, 3) Nk’akarorero, abakurambere bashobora kuba bazi abantu bacokorana birenze urugero canke bama bashaka kwisuka mu vy’abandi, gutyo bakaba bitaye mu bitabaraba. (1 Timoteyo 5:13; 1 Petero 4:15) Abakurambere bazogerageza gufasha mwene abo bantu kumenya ko iyo ngendo ihushanye n’ivyo twigishijwe n’Imana be n’uko umwe wese azotegerezwa ‘kwikorera umutwaro wiwe bwite.’ (Ab’i Galatiya 6:5, 7; 1 Ab’i Tesalonike 4:9-12) Bakoresheje Ivyanditswe, barasigura yuko Yehova hari ibintu vyinshi arekera ijwi ryacu ryo mu mutima, kandi nta n’umwe muri twebwe akwiye gucira urubanza abandi ku bintu mwene ivyo. (Matayo 7:1, 2; Yakobo 4:10-12) Kugira dukorane mu bumwe, hategerezwa kuba ukwizigiranira n’ukwubahana mw’ishengero. Iyo abo “bantu b’ingabirano” batanze impanuro ivuye mu Vyanditswe igihe bikenewe, baradufasha kuzigama amahoro n’ubumwe.—Abaroma 14:19.
Ugukingira Umukuku
18, 19. (a) Ba “bantu b’ingabirano” badukingira ba nde? (b) Ni iyindi ngeramizi iyihe intama zikwiye gukingirwa, kandi abakurambere bakora gute kugira ngo bazikingire?
18 Ubwa kane, Yehova atanga ba “bantu b’ingabirano” kugira badukingire ngo ntitwoshwe “n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.” (Abanyefeso 4:14) Ijambo ry’intango ryahinduwemwo ngo “amangetengete” bivugwa ko risigura “ukwiba mu gukina igisoro” canke “ubuhinga mu gukina igisoro.” Ivyo none ntibitwibutsa ukuntu abahakanyi b’abanyarwenge bakora? Barakoresha ivyiyumviro vy’uruyeri bakagoreka Ivyanditswe kugira ngo bakwegakwege Abakirisu b’ukuri babateshe ukwizera kwabo. Abakurambere bategerezwa kwiyubara ayo “mabingira y’inkazi”!—Ivyakozwe 20:29, 30.
19 Intama za Yehova zirakwiye gukingirwa n’izindi ngeramizi nyene. Wa mwungere wa kera Dawidi yarakingiye umukuku wa se ibikoko vyohava biwurya, adatinya. (1 Samweli 17:34-36) No muri iki gihe nyene, hoshobora kubaho ibihe abakurambere b’Abakirisu b’abitwararitsi babwirizwa kugaragaza ubutinyutsi kugira ngo bakingire umukuku abo bose bofata nabi canke bagacinyiza intama za Yehova, na canecane izoroshe kuruta izindi. Abakurambere ntibazotebagana gukura mw’ishengero abacumuzi b’ibigirankana bakoresha nkana amangetengete, uruhendo n’uruyeri kugira ngo bakore ikibi.b—1 Ab’i Korinto 5:9-13; gereranya na Zaburi 101:7.
20. Ni kuki dushobora kwumva dutekaniwe igihe tubungabungwa n’ “abantu b’ingabirano”?
20 Ese ukuntu dukura ubwatsi ku bw’abo “bantu b’ingabirano”! Kubera ukwitwararika babigiranye urukundo, turashobora kwumva dutekaniwe, kuko batubogorana ikibabarwe, bakadukomeza babigiranye urukundo, kandi bakaba biteguye kubungabunga ubumwe bwacu, bakaba kandi badukingira badatinya. Ariko none abo “bantu b’ingabirano” bakwiye kubona gute uruhara bafise mw’ishengero? Kandi dushobora gute kwerekana ko tubashima? Ivyo bibazo biraza gusuzumwa mu kiganiro gikurikira.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri Bibiliya y’Ikigiriki yitwa La Septante, iryo rivuga nyene ryahinduwe ngo “kubogora” ryarakoreshejwe muri Zaburi 17[16]:5, aho intahemuka Dawidi yasavye Imana ngo intambwe ziwe zigume mu makanda ya Yehova.
b Nk’akarorero, raba “Ibibazo vy’Abasomyi” mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1980, urupapuro 31-32, n’ikiganiro kivuga ngo “Nitwanke Ikibi Urunuka,” mu nomero yo ku wa 1 Nzero 1997 (mu Gifaransa), urupapuro 26-29.
Woba Uvyibuka?
◻ “Abantu b’ingaribano” ni bande, kandi ni kuki Imana yabahaye ishengero ibicishije kuri Kirisitu?
◻ Abakurambere barangura gute ibanga bajejwe ryo kubogora umukuku?
◻ Abakurambere bashobora gukora iki kugira bakomeze bagenzi babo basangiye ukwemera?
◻ Abakurambere bashobora gute kuzigama ubumwe bw’ishengero?
[Ifoto ku rup. 24]
Impuhwe zirafasha abakurambere kuremesha abavunitse umutima
[Ifoto ku rup. 24]
Ubumwe buri hagati y’abakurambere buraremesha ubumwe mw’ishengero