‘Nurwane Intambara Ikomeye y’Ukwizera’!
‘Murwane intambara ikomeye y’ukwizera kwashikirijwe aberanda rimwe rizima.’—YUDA 3, NW.
1. Ni mu buryo ki Abakirisu b’ukuri bari mu ntambara muri iki gihe?
ABASODA bari ku rugamba bama nantaryo bagira ubuzima butoroshe. Iyumvire wambaye igikoresho c’urugamba kiguhwanya hanyuma ukagenda ibirometero bidaharurwa naho ikirere coba kimeze gute, umenyerezwa bimwe binaniza gukoresha ibirwanisho, canke ukaba utegerezwa kwirwanira wikingira ibihanamizi bikaze vy’uburyo bwose vyohava bigutwara ubuzima canke bikagukomeretsa. Ariko rero, Abakirisu b’ukuri ntibaja mu ntambara z’ibihugu. (Yesaya 2:2-4; Yohana 17:14) Mugabo dutegerezwa kutigera twibagira ko twese hari intambara turiko turarwana. Shetani aranka urunuka Yezu Kirisitu n’abayoboke biwe bari kw’isi. (Ivyahishuriwe 12:17) Abafata ingingo yo gukorera Yehova Imana bose, ni nk’aho baba biyandikishije kuba abasoda bo kurwana intambara yo mu vy’impwemu.—2 Ab’i Korinto 10:4.
2. Yuda adondora gute intambara ya gikirisu, kandi ikete ryiwe rishobora kudufasha gute kwihangana muri iyo ntambara?
2 Yuda, uwavukana na Yezu kuri nyina wabo, ntiyihenze rero mu kwandika ati: “Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra [kurwana intambara ikomeye y’ukwizera kwashikirijwe aberanda rimwe rizima, NW].” (Yuda 3) Igihe Yuda ahimiriza Abakirisu “kurwana intambara ikomeye,” akoresha ijambo rifitaniye isano n’ijambo rihindurwa ngo “umuniho.” Egome, iyo ntambara irashobora kuba iyigoye, mbere itera umuniho! Hoba hari aho uhora usanga bigoye kwihangana muri iyo ntambara? Ikete rigufi ariko rifise ububasha Yuda yanditse rirashobora kubidufashamwo. Riraduhimiriza kunanira ubushegabo, kwubaha ubukuru bwashinzwe n’Imana, no kwizigamira mu rukundo rw’Imana. Reka turabe ingene twoshira mu ngiro iyo mpanuro.
Nunanire Ubushegabo
3. Ishengero ry’Abakirisu ryari rihanzwe n’ibintu vyihutirwa ibihe mu gihe ca Yuda?
3 Yuda yarabona ko mu Bakirisu bagenziwe atari bose barwanya Shetani bagatsinda. Hariho ibintu vyihutirwa vyari bigeramiye umukuku. Nk’uko Yuda avyandika, abantu bononekaye bari ‘babinyegetejemwo.’ Abo bantu bariko bakomeza ubushegabo ku rwenge. Vyongeye, baravugira ibikorwa vyabo ku ruyeri, “bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke.” (Yuda 4) Kumbure, nka kumwe kw’Abaginositike ba kera, biyumvira yuko uko umuntu arushiriza gucumura ari ko yorushiriza kuronka inema y’Imana—bigaca rero biba nk’aho iciza ari ukurushiriza gucumura! Canke kumbure biyumvira yuko Imana y’ubuntu itokwigeze ibahana. Ivyo ari vyo vyose, bari biyumviriye ukutariko.—1 Ab’i Korinto 3:19.
4. Ni uturorero dutatu utuhe Yuda adonda tw’imanza Yehova yashikije kera?
4 Yuda arahinyuza ukwiyumvira kwabo kubi yuko kutari kwo akoresheje uturorero dutatu tw’imanza Yehova yashikije mu bihe vyaheze: urwo yashikije ku Bisirayeli ‘batari bizeye’; urwo yashikije ku ‘bamarayika . . . bataye ahantu habo’ kugira ngo bacumurane n’abagore; hamwe n’urwo yashikije ku baba i Sodomu n’i Gomora bari ‘bakoze ubusambanyi bimwe birenze urugero kandi bagakurikira umubiri bawukoresha uko utabigenewe.’ (Yuda 5-7, NW; Itanguriro 6:2-4; 19:4-25; Guharūra 14:35) Mugabo kuri kimwe cose muri ivyo bihe, Yehova yarashikije ku bacumuzi urubanza rw’akadaseswa.
5. Yuda avuga ivyavuzwe n’umuhanuzi uwuhe wa kera, kandi ubwo buhanuzi bwaseruye gute ivy’uko butari amasigaracicaro?
5 Mu nyuma, Yuda arerekeza ku rubanza rurushirije mbere kuba urushika kure. Arasubiramwo ubuhanuzi bwa Henoki—kikaba ari icanditswe ata handi kiboneka mu Vyanditswe vyahumetswe.a (Yuda 14, 15) Henoki yari yaravuze ko hoje igihe Yehova yociriye urubanza abatibanga Imana bose hamwe n’ibikorwa vyabo vy’ukutibanga Imana. Birakwegēra ubwenge kubona Henoki yarakoresheje umwanya wa kahise, kubera ko imanza z’Imana zitobaye amasigaracicaro, nk’aho zoba zari zimaze gushitswa. Abantu bashobora kuba barashinyaguriye Henoki bakanashinyagurira Nowa mu nyuma, ariko abo batyekezi bose basomeye nturi mw’Isegenya yakwiye umubumbe wose.
6. (a) Abakirisu bo mu gihe ca Yuda bari bakeneye kwibutswa ibiki? (b) Ni kuki ivyo Yuda yibutsa dukwiye kubishira ku muzirikanyi?
6 Ni kuki Yuda yanditse ivy’izo manza z’Imana? Kubera ko yari azi yuko bamwe mu bari bifatanije n’amashengero y’Abakirisu mu gihe ciwe bariko bakora ibicumuro binganya ububi na bimwe vyakwega izo manza zo mu bihe vyahise, bikaba kandi vyari bikwiriye igihano nkavyo. Ni co gituma Yuda yandika ko amashengero akeneye kwibutswa ibintu vy’ukuri bimwebimwe vy’ishimikiro vyo mu vy’impwemu. (Yuda 5) Biboneka ko bari baribagiye yuko Yehova Imana yabona ivyo bariko bakora. Egome, igihe abasavyi biwe barenze amategeko yiwe n’ibigirankana, bakihumanya bagahumanya n’abandi, arabibona. (Imigani 15:3) Ibikorwa nk’ivyo biramubabaza bimwe bikomeye. (Itanguriro 6:6; Zaburi 78:40) Ni iciyumviro giteye akoba kwumva twebwe abantu buntu dushobora gutera umubabaro Umukama Segaba w’ijuru n’isi. Nta musi atatwitegereza, kandi igihe dukoze uko dushoboye kwose kugira ngo tugere ikirenge mu c’Umwana wiwe Yezu Kirisitu, ukuntu twigenza kuraheza kugatuma umutima wiwe unezerwa. Ntitwigere rero tubabazwa na mwene ivyo bintu Yuda atwibutsa, ariko tubishire ku muzirikanyi.—Imigani 27:11; 1 Petero 2:21.
7. (a) Ni kuki abakora ibibi bikomeye bakwiye gutabaranya bakarondera gufashwa bidatevye? (b) Twese dushobora gute kwirinda ubushegabo?
7 Yehova ntabona gusa, ahubwo kandi aragira ico akoze. Kubera ko ari Imana y’ubutungane, biteba bitebuka arahana inkozi z’ikibi. (1 Timoteyo 5:24) Abiyumvira ko izo manza yashikije ari inkuru gusa z’ivyabaye kera n’uko atitayeho ibibi bakora, bariko barihenda gusa. Umuntu wese rero muri iki gihe akora ubushegabo akwiye gutabaranya akarondera gufashwa n’abakurambere b’Abakirisu bidatevye! (Yakobo 5:14, 15) Twese ntitwobura kuzirikana turavye ukuntu ubushegabo buduhanamiye mu vy’impwemu. Uko umwaka utashe hama habaho abo buhitana, ni ukuvuga abacibwa muri twebwe, benshi muri bo bakaba bacibwa kubera ivyaha bakoze vy’ubushegabo ata kwihana. Dutegerezwa kwiyemeza bimwe bishikamye kunanira inyosha mbi izo ari zo zose zoba mbere zitanguye gutuma tuja mu nzira nk’iyo.—Gereranya na Matayo 26:41.
Twubahe Ubukuru Bwashinzwe n’Imana
8. “Abanyacubahiro” bavugwa muri Yuda 8 bari ba nde?
8 Iyindi ngorane Yuda ashaka gutunganya ni iy’ukubura ukwubaha ubukuru bwashinzwe n’Imana. Nk’akarorero, ku murongo w’8 abo bantu babi nyene abagiriza ko “[ba]tuka abanyacubahiro.” Abo ‘banyacubahiro’ bari ba nde? Bari abantu b’abanyagasembwa, ariko bari bafise amabanga bashinzwe n’impwemu yera ya Yehova. Nk’akarorero, amashengero yari afise abakurambere, bakaba bari bashinzwe kuragira umukuku w’Imana. (1 Petero 5:2) Hariho n’abacungezi b’ingenzi nyene, nka ya ntumwa Paulo. Inama y’abakurambere y’i Yeruzalemu na yo yakora nk’inama nyobozi, igafata ingingo ziraba ishengero ry’Abakirisu ryose uko ringana. (Ivyakozwe 15:6) Yuda yari arajwe ishinga cane n’uko mw’ishengero hariho abantu bamwebamwe bavuga nabi canke bambika ibara abantu nk’abo.
9. Yuda atanga uturorero utuhe ku vyerekeye ukutubaha ubukuru?
9 Kugira ngo Yuda yerekane ububi bw’ibiganiro mwene ivyo bitaranga urupfasoni, ku murongo wa 11 aravuga utundi turorero dutatu two kubibutsa: aka Kayini, aka Balamu, n’aka Kora. Kayini yariyobagije impanuro ndangarukundo ya Yehova hanyuma n’ibigirankana akurikirana ingendo yiwe bwite y’urwanko rushikana ku bwicanyi. (Itanguriro 4:4-8) Balamu yaraburiwe kenshi, izo mburizi zigategerezwa kuba zava kw’isoko rirengeye ubutahuzi—eka n’ingamiya yiwe ubwayo yaravuganye na we! Ariko Balamu nticabujije ko n’ubwikunzi n’akantu abandanya umugambi wiwe urwanya igisata c’Imana. (Guharūra 22:28, 32-34; Gusubira mu Vyagezwe 23:5) Kora yari afise amabanga ubwiwe yari yarashinzwe, ariko yumva adahagije. Yagiye mu vyo kugarariza umuntu w’incabugufi kurusha abari kw’isi bose, ari we Musa.—Guharūra 12:3; 16:1-3, 32.
10. Vyoshoboka bite ko bamwe bagwa mu mutego w’ ‘ukuvuga nabi abanyacubahiro,’ kandi ni kuki dukwiye kwirinda ibiganiro mwene ivyo?
10 Ese ukuntu utwo turorero tutwigisha mu buryo bukomeye kwumvira impanuro no kwubaha abo Yehova akoresha yashinze amabanga! (Abaheburayo 13:17) Biroroshe cane gutora amahinyu abakurambere bagenywe, kuko ari abanyagasembwa nk’uko natwe twese turi abanyagasembwa. Ariko mu gihe twishinze kuraba amahinyu yabo hanyuma icubahiro tubafitiye kikagwabira, ntaho twohava dusanga turiko ‘dutuka abanyacubahiro’? Ku murongo w’10, Yuda aravuga ivy’abantu “batuka ivyo batazi.” Hari nk’igihe hogira abavuga nabi ingingo yafashwe n’inama y’abakurambere canke komite ncarubanza. Yamara ntibazi ido n’ido ry’ibintu vyose abakurambere barinze kwihweza kugira ngo bafate ingingo. Ni kuki none boheza bakavuga nabi ibintu batazi? (Imigani 18:13) Abashishikara ibiganiro bibi mwene ivyo boshora gutera amacakubiri mw’ishengero, kumbure mbere bagasa n’ “ivyubirizi” bibi ku mitororokano y’abizera bagenzi babo. (Yuda 12, 16, 19) Ntitukarondere kubera abandi ingeramizi mu vy’impwemu. Ahubwo, umwe wese muri twebwe niyiyemeze gushima abantu bashinzwe amabanga, ku bw’igikorwa bakora kitoroshe no ku bw’ukuntu bita ku mukuku.—1 Timoteyo 5:17.
11. Ni kuki Mikayeli yirinze gukoresha nabi ububasha afise ngo acire urubanza Shetani?
11 Yuda aravuga akarorero k’umuntu yubashe neza ubukuru bwashizweho. Yandika ati: “Mikayeli, umumarayika mukuru, hamwe yatongana na wa Murwanizi, ahārīra na we bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngw amucokore, ariko yamubgiye, at’Uhoraho aguhane.” (Yuda 9) Iyo nkuru ikwegêra ubwenge ivugwa na Yuda wenyene mu Vyanditswe vyahumetswe, irigisha ivyigwa bibiri bitomoye. Ku ruhande rumwe, iratwigisha kurekera urubanza mu maboko ya Yehova. Shetani biboneka ko yashaka gukoresha nabi ikiziga ca wa muntu w’umwizerwa Musa, kugira ngo akomeze ivy’ugusenga kw’ikinyoma. Ese ukuntu ari bibi! Yamara Mikayeli yaricishije bugufi aririnda guca urubanza, kubera ko Yehova wenyene ari we yari afise ubwo bubasha. Ese rero ukuntu twebwe dukwiye kurushiriza kwirinda gucira urubanza abantu b’abizerwa bagerageza gukorera Yehova.
12. Abari mu bibanza vy’amabanga mw’ishengero ry’Abakirisu bokwigira iki ku karorero ka Mikayeli?
12 Ku rundi ruhande, abafise ububasha bunaka mw’ishengero boshobora kandi gukura icigwa kuri Mikayeli. Ubiravye, naho Mikayeli yari ‘umumarayika mukuru’ ari hejuru y’abandi bamarayika bose, ntiyakoresheje nabi ububasha afise, naho yari asomborokejwe. Abakurambere b’abizerwa barakurikira neza ako karorero, bakamenya yuko gukoresha nabi ububasha bafise ari ukutubaha ukugaba n’ukuganza kwa Yehova. Ikete rya Yuda riravuga ibitari bike ku bagabo bari bafise ibibanza vy’icubahiro mu mashengero ariko bagakoresha nabi ububasha bwabo. Nk’akarorero, mu vyo Yuda yanditse kuva ku murongo wa 12 gushika ku wa 14, aragiriza bimwe bikomeye “abungere bīragira ubgabo ata dusoni.” (Gereranya na Ezekiyeli 34:7-10.) Mu yindi mvugo, ikintu bishirira imbere kwari ukwihesha inyungu, atari ukuzihesha umukuku wa Yehova. Abakurambere muri iki gihe barashobora kwigira vyinshi ku turorero tubitubi mwene utwo. Vy’ukuri, amajambo ya Yuda ngaho aratwereka ashimitse uko tudakwiye kumera. Igihe twihaye ubwikunzi ntidushobora kuba abasoda ba Kirisitu; tuba twatwawe n’ukurondera ivyacu. Ahubwo twese nyabuna nitubeho twisunga aya majambo ya Yezu: “Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.”—Ivyakozwe 20:35.
“Mwizigamire mu Rukundo rw’Imana”
13. Ni kuki twese dukwiye kwipfuza cane kuguma mu rukundo rw’Imana?
13 Amagana mu mpera z’iri kete, Yuda atanga iyi mpanuro isusurutsa umutima: “Mwizigamire mu rukundo rw’Imana.” (Yuda 21) Nta kintu na kimwe kizodufasha kurwana intambara ya gikirisu kurusha ukuguma turi musi y’urukundo rwa Yehova Imana. Nakare urukundo ni yo kamere nkuru ya Yehova. (1 Yohana 4:8) Paulo yandikiye Abakirisu b’i Roma ati: “Mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ubu[zima], cank’abamarayika, cank’abaganza, cank’ibiriho, cank’ibizoba, cank’abafise ubushobozi, cank’uburebure bg’igihagararo, cank’uburebure bg’amajepfo, cank’ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.” (Abaroma 8:38, 39) None tuguma muri urwo rukundo gute? Nk’uko Yuda abivuga, reka turabe zitatu mu ntambwe dushobora gutera.
14, 15. (a) Bisobanura iki kwiyubaka ku “kwizera kwa[cu] kwera cane?” (b) Twokwihweza dute ukuntu ibirwanishwa vyacu vyo mu vy’impwemu bimeze?
14 Ubwa mbere, Yuda atubwira kubandanya kwiyubaka ku “kwizera kwa[cu] kwera cane.” (Yuda 20) Nk’uko twabibonye mu kiganiro cakurikiwe n’iki, ico ni igikorwa kibandanya. Tumeze nk’inyubakwa zikeneye kuguma zikomezwa ngo ntizisenyuke mu gihe ikirere kirushirije kuba kibi. (Gereranya na Matayo 7:24, 25.) Ntitwigere rero twiyizigira birenze urugero. Ahubwo, niturabe aho dushobora kwiyubaka kw’ishingiro ry’ukwizera kwacu, turushirize gukomera, tube abasoda ba Kirisitu barushirije kuba abizerwa. Nk’akarorero, twoshobora kwihweza ibigize umwambaro wo mu vy’impwemu ugizwe n’ibirwanishwa bivugwa mu Banyefeso 6:11-18.
15 None ibirwanishwa vyacu bwite vyo mu vy’impwemu bimeze gute? Mbega “inkinzo y’ukwizera” yacu yoba ikomeye nk’uko bikwiriye? Dutereje amaso inyuma ku myaka iheze, twoba tubona ibimenyetso binaka bigaragaza ko twasubije hasi, nk’uguhororokerwa kuza ku makoraniro, ugutakaza umwete wo mu gikenurwa, canke ukudashasharira inyigisho yacu bwite? Ibimenyetso mwene ivyo si ivyo gufata minenegwe! Ubu dukwiye guhaguruka tukiyubaka kandi tukikomeza mu kuri.—1 Timoteyo 4:15; 2 Timoteyo 4:2; Abaheburayo 10:24, 25.
16. Gusengana impwemu yera bisobanura iki, kandi ni ikintu kimwe ikihe dukwiye gusaba Yehova tudahorereza?
16 Uburyo bwa kabiri bwo kuguma mu rukundo rw’Imana ni mu kubandanya ‘gusengana impwemu yera.’ (Yuda 20) Ivyo bisobanura gusenga tuyoborwa n’impwemu ya Yehova kandi duhuza n’Ijambo ryiwe ryahumetswe n’impwemu. Isengesho ni uburyo buhambaye budufasha kwiyegereza Yehova no kumuserurira ukuntu tumuyobokera. Ntidukwiye kwigera twiyobagiza ako gateka k’igitangaza twatewe! Kandi igihe dusenga, twoshobora gusaba impwemu yera—tukayisaba twamizako. (Luka 11:13) Ni yo nguvu dushobora kuronka ikomeye kuruta izindi zose. Mu gihe dufise imfashanyo mwene iyo, turashobora nantaryo kuguma mu rukundo rw’Imana kandi tukihangana nk’abasoda nyene ba Kirisitu.
17. (a) Ni kuki akarorero Yuda yatanze mu vy’ukugira imbabazi ari akibonekeje cane? (b) Umwe wese muri twebwe yobandanya gute kugira imbabazi?
17 Ica gatatu, Yuda aduhimiriza kubandanya kugira imbabazi. (Yuda 22) Akarorero ubwiwe yatanze muri ivyo si gato. Uravye ubwononekare n’ubushegabo n’ubuhuni vyariko vyisobekanga mw’ishengero ry’Abakirisu, oya ntiyarira busema. Mugabo rero, ntiyatekewe n’ubwoba ngo ace yiyumvira yuko ibihe vyoba vyari bibi cane ku buryo umuntu atogaragaza iyo kamere “y’ikibabarwe,” ari zo mbabazi. Ahubwo nyabuna yahimirije abavukanyi biwe kubandanya kugira imbabazi igihe cose bishoboka, bakumvisha n’ubuntu bwinshi abari bafise amadidane, eka mbere ‘bakokōra mu muriro’ abegereje gukora ivyaha bikomeye. (Yuda 23; Ab’i Galatiya 6:1) Ese ukuntu ivyo ari ikintu gihimiriza neza abakurambere muri ibi bihe bidurumbanye! Na bo nyene barihata kugira ngo bagire imbabazi ahari impamvu y’ukubigira hose, ariko bakagumana ugushikama igihe bikenewe. Na twebwe twese turashaka kugaragarizanya imbabazi. Nk’akarorero, hakuza turabika ishavu ku tuntu dutoduto, turashobora kuba abanyabuntu tukarekura.—Ab’i Kolosayi 3:13.
18. Twokwemezwa n’iki ko dushobora gutsinda mu ntambara turimwo yo mu buryo bw’impwemu?
18 Intambara turwana si iyoroshe. Nk’uko Yuda abivuga, ni ‘intambara ikomeye.’ (Yuda 3, NW) Abansi bacu barakomeye. Ibiduhanze si Shetani wenyene, hariko n’isi mbi hamwe n’udusembwa twacu bwite! Yamara, turashobora kwizigira gutsinda ata nkeka! Kubera iki? Kubera ko turi ku ruhande rwa Yehova. Yuda asozera ikete ryiwe atwibutsa ko Yehova bikwiriye koko yuko ahabwa “ubuninahazwa, inganji, ubukomezi n’ububasha kuva kera na rindi n’ubu no mu myaka yose.” (Yuda 25, Ubwuzure Bushasha) Ico none si iciyumviro giteye akoba? Hari none uwoharira ko iyo Mana nyene “[i]shobora kubazigama ngo ntimutsitare”? (Yuda 24) Oya namba! Umwe wese muri twebwe niyiyemeze kubandanya kunanira ubushegabo, kwubaha ubukuru bwashinzwe n’Imana, kandi twizigamire mu rukundo rw’Imana. Muri ubwo buryo, tuzoronkera hamwe intsinzi, imwe y’ubuninahazwa.
[Akajambo k’epfo]
a Abashakashatsi bamwebamwe bavuga ko Yuda ivyo abidonda abikuye mu gitabu Book of Enoch (Igitabu ca Henoki) kitemewe ko kiri mu vyahumetswe. Ariko rero, uwitwa R. C. H. Lenski avuga ati: “Turibaza duti: ‘Isoko ry’ico cegeranyo, ari co [Gitabu ca Henoki] ni irihe?’ Ico gitabu ni icongeweko, kandi nta muntu azi neza amatariki ibice bitandukanye bikigize vyandikiweko . . . ; nta wokwemeza ko imvugo zimwezimwe zaco kumbure zitakuwe kuri Yuda ubwiwe.”
Ibibazo vy’Isubiramwo
◻ Ikete rya Yuda ritwigisha gute kunanira ubushegabo?
◻ Ni kuki kwubaha ubukuru bwashinzwe n’Imana ari ikintu gihambaye?
◻ Ikibi kinini cane coba gihagaze hehe umuntu akoresheje nabi ubukuru afise mw’ishengero?
◻ Twoshobora gukora gute kugira ngo ‘tugume mu rukundo rw’Imana’?
[Ifoto ku rup. 27]
Abakirisu barwana intambara yo mu buryo bw’impwemu, si nka ba basoda b’Abaroma
[Ifoto ku rup. 30]
Abungere b’Abakirisu bakora babitumwe n’urukundo, ntibabitumwa n’ubwikunzi