Umwami Yari Afise Ubutunzi n’Ubwenge
Woba wibaza ko amatungo yoshobora kukuzanira ubuhirwe? Nka hamwe hogira uwuguha amahera menshi cane, mbega ntiwohimbarwa? Ngirango wohimbarwa. Kumbure wokwiyumvira uburyo woyakoresha.
NTITWOBIHAKANA, hari ibintu indiri umuntu yogura kugira ngo ubuzima bubemwo amaraha n’umunezero. Amahera arashobora kandi kuba “ubgugamo” bukingira umuntu ingorane atari yiteze, nk’indwara canke ubushomeri.—Umusiguzi 7:12.
Ariko ni isano irihe riri hagati y’amahera n’ubuhirwe? Wewe woba wiyumvira nk’uko benshi biyumvira, ngo ubuhirwe ni ikintu camuka ku butunzi? Kuronkera inyishu ivyo bibazo si icoroshe kubera ko amahera ashobora kworoha gupima canke guharura, ariko ku buhirwe ivyo bikaba bidashoboka. Ntiwoshobora gushira ubuhirwe ku munzane ngo ubupime.
Maze kandi, hari abatunzi bamwebamwe basa n’abari n’ubuhirwe, ariko abandi ugasanga bari mu magorwa. No ku bakene ni ko bimeze. Mugabo hari abantu benshi—ushizemwo mbere n’abamaze gutunga—bemera ko amahera menshi kuruta azobazanira ubuhirwe burushirije.
Umuntu umwe yanditse ibintu mwene ivyo yari Umwami Salomo wo muri Isirayeli ya kera. Yari umwe mu batunzi ba mbere bigeze kubaho. Ushobora gusoma ukuntu ubutunzi amahanga yari afise buvugwa mu kigabane c’10 c’igitabu ca Bibiliya citwa Abami ba Mbere. Usanga nk’akarorero umurongo wa 14 uvuga uti: “Amazahabu yaza kwa Salomo mu mwaka mu mwaka, ukuriba kwayo kwashika italanto amajana atandatu na mirongwitandatu na zitandatu.” (Ni twe duhiritse izo ndome) Ico gitigiri kingana n’amatoni 25 y’inzahabu. Muri iki gihe, inzahabu zingana gutyo zoshobora kuba ziciye amafaranga nk’100 000 000 000 y’amarundi!
Yamara Salomo ntiyari atunze vyonyene; Imana yari yaramuhezagiye imuha ubwenge. Bibiliya yigana iti: “Umwami Salomo yarusha abami bose bo mw isi ubutunzi n’ubgenge. Mu bihugu vyose vyo mw isi hāhora haza abagomba kubona Salomo, no kwumva ivyo avugishwa n’ubgenge Imana yashize mu mutima wiwe.” (1 Abami 10:23, 24) Na twebwe nyene turashobora kwungukira ku bwenge bwa Salomo, kubera ko ivyo yanditse bigize igihimba c’inkuru ivugwa na Bibiliya. Reka turabe ivyo yari afise atubwira ku vyerekeye isano riri hagati y’ubutunzi n’ubuhirwe.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]
Bikuwe muri Die Heilige Schrift - Übersetzt von Dr. Joseph Franz von Allioli. Druck und Verlag von Eduard Hallberger, Stuttgart