ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/2 rup. 12-17
  • Nugume Ugendana n’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume Ugendana n’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukubaho Kutari Mahindagu
  • Nuhunge wa Mutego w’Ukwiyemera
  • Ntureke ngo Ugutinya Umuntu Kukwifatire
  • Niwirinde Gukengera Impanuro
  • Kwihanganira Amaganya yo mu Buzima Tukererwa
  • Genda urongorwa n’ukwizera, nturongorwe n’ivyo ubona!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Nugume Ugendera mu Nzira ya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Intambwe za Mbere mu vy’Ukugendana n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/2 rup. 12-17

Nugume Ugendana n’Imana

“Mugendeshwe n[’im]pwemu, ni ho mutazoshitsa ivy’akameremere kanyu kifuza.”—AB’I GALATIYA 5:16.

1. (a) Henoki yagendanye n’Imana ibintu bimeze gute, kandi yamaze igihe kingana iki agendana na yo? (b) Nowa yamaze igihe kingana iki agendana n’Imana, kandi ni amabanga aremereye ayahe yari afise?

BIBILIYA itubwira ko Henoki ‘yagumye agendana n’Imana.’ Naho abantu bari bamukikije bavuga amajambo mabimabi kandi ingeso zabo zikaba zarangwa n’ukutubaha Imana, yarashishikaye kugendana n’Imana gushika ubuzima bwiwe burangiye amaze imyaka 365 y’amavuka. (Itanguriro 5:23, 24; Yuda 14, 15) Nowa na wene “yagendana n’Imana.” Ivyo yabigize mu gihe yarera umuryango wiwe, mu gihe yihanganira isi yoshwa n’abamarayika b’abagarariji hamwe n’uruvyaro rwabo rwakora ivy’ubukazi, mu gihe kandi yitaho ido n’ido ry’ivyasabwa mu kwubaka ubwato amahero bwaruta icombo ico ari co cose kigīra kw ibahari co mu bihe vya kera. Yagumye agendana n’Imana inyuma y’Isegenya, n’igihe nyene ukugarariza Yehova kwongera kuvyura umutwe i Babeli. Si ivy’imbeshere, Nowa yagumye agendana n’Imana gushika ku gupfa kwiwe amaze imyaka 950 y’amavuka.—Itanguriro 6:9; 9:29.

2. ‘Kugendana n’Imana’ bishaka kuvuga iki?

2 Igihe Bibiliya ivuga ko abo bantu b’ukwizera ‘bagendana’ n’Imana, ikoresha iryo jambo mu mero mberanya. Bisigura ko Henoki na Nowa uko bigenza hari mu buryo butanga ikimenyamenya c’ukwizera Imana kwabo gukomeye. Bakoze ivyo Yehova yabategetse hanyuma ubuzima bwabo barabutyorora bahuje n’ivyo bari bamuziko bafatiye ku vyo yagiranye n’abana b’abantu. (Gereranya na 2 Ngoma 7:17.) Ntibavuga ko bemera mu bwenge gusa ivyo Imana yavuga canke yagira ariko barakoze bisunze ibintu vyose yasaba—atari gusa bikeyi muri ivyo, ariko vyose uko vyari, ku rugero rubashobokera nk’abantu b’abanyagasembwa. Gutyo Nowa, nk’akarorero, yakoze ivyo nyene Imana yamubariye. (Itanguriro 6:22) Nowa ntiyitaye imbere y’ubuyobozi yari yahawe, kandi ntiyabifashe minenegwe ngo yinekūre mu gukora. Kubera ko yari afitaniye na Yehova ubucuti bwa ba somambike, akumva afise umwidegemvyo wo gusenga Imana kandi akishimira cane ubuyobozi bwayo, yariko agendana n’Imana. Wewe woba uriko ukora ivyo?

Ukubaho Kutari Mahindagu

3. Ni igiki gihambaye bimwe bikomeye ku basuku b’Imana bose biyeguye kandi bakabatizwa?

3 Birashwangamura umutima kwitegereza abantu igihe batangura kugendana n’Imana. Igihe bafashe ingingo z’umutisubirako bahuje n’ukugomba kwa Yehova, baratanga ikimenyamenya c’ukwizera, ivyo bitagizwe akaba ata n’umwe yoshobora guhimbara Imana. (Abaheburayo 11:6) Ese ukuntu duhimbarwa no kubona buri mwaka, tugize incahagati mu myaka itanu ishize, abantu barenga 330 000 bariyeguriye Yehova hanyuma bakishikana kugirango babatizwe mu mazi! Ariko igihambaye kandi ni uko bo hamwe n’abandi bo muri twebwe boguma bagendana n’Imana.—Matayo 24:13; Ivyahishuriwe 2:10.

4. Naho benshi mu Bisirayeli bavuye mu Misiri berekanye ukwizera kunaka, ni kuki batinjiye mu Gihugu c’Isezerano?

4 Mu gihe ca Musa, vyasavye ukwizera kugirango urugo rw’Abisirayeli ruhimbaze Pasika mu Misiri kandi rumijagire amaraso ku bishimaryango no ku ruhande rwo hejuru rw’ubwinjiriro bw’inzu yabo. (Kuvayo 12:1-28) Ariko rero, ukwizera kwa benshi kwarahungabanye igihe babona ingabo za Farawo zegereje inyuma yabo ku Kiyaga Gitukura. (Kuvayo 14:9-12) Zaburi 106:12 harerekana ko igihe bari bamaze kujabuka badora banyuze ahaca ikiyaga kandi bakabona ya mazi asūriranya azimanganya ingabo z’Abanyamisiri, barongeye ‘kwizera ijambo rya Yehova.’ Ariko haciye igihe gitoyi, mu bugaragwa, Abisirayeli batanguye kwidoga ku vyerekeye amazi yo kunywa, ibifungurwa, n’ubuhagarikizi. Raporo itera kwihebura yatanzwe na ba batasi 10 bo muri ba bandi 12 bagaruka bavuye mu Gihugu c’Isezerano yarabateye ubwoba. Ibintu bimeze gutyo, nk’uko muri Zaburi 106:24 havuga, “ntibizera ijambo ry[’Imana].” Bashatse kwisubirira mu Misiri. (Guharūra 14:1-4) Ukwizera bari bafise kwose kwagiye kugira inguvu gusa baboneye ibintu vy’igitangaza vyerekana ububasha bw’Imana. Ntibagumye bagendana n’Imana. Ico vyavuyemwo, abo Bisirayeli ntibinjiye mu Gihugu c’Isezerano.—Zaburi 95:10, 11.

5. 2 Ab’i Korinto 13:5 n’Imigani 3:5, 6 hafitaniye isano gute n’ukugendana n’Imana?

5 Bibiliya iradukebura iti: ‘Mugume mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera.’ (2 Ab’i Korinto 13:5) Kuba “mu kwizera” bisobanura kwumira ku vyizerwa vya gikirisu vyose uko bingana. Ivyo birahambaye cane niba dushaka kwererwa mu vyo kugendana n’Imana imisi yose y’ukubaho kwacu. Kugirango tugendane n’Imana, dutegerezwa kandi kugaragaza kamere y’ukwizera, tukizigira Yehova vyuzuye. (Imigani 3:5, 6) Hariho imitego n’ibinaganyi injojo bishobora gutega abananirwa no kugenza gutyo. Bimwebimwe muri ivyo ni ibihe?

Nuhunge wa Mutego w’Ukwiyemera

6. Ni ibiki Abakirisu bose bazi ku vyerekeye ubusambanyi n’ukurenga ibigo, kandi biyumvira iki kuri ivyo vyaha?

6 Umuntu wese yize Bibiliya, akegurira Yehova ubuzima bwiwe, kandi akaba yarabatijwe, arazi ko Ijambo ry’Imana ryiyamiriza ubusambanyi n’ukurenga ibigo. (1 Ab’i Tesalonike 4:1-3; Abaheburayo 13:4) Mwen’abo baremera ko kuvyiyamiriza ari vyiza. Bashaka kubaho bahuje n’ico. Yamara, ubusambanyi burabandanya kuba umwe mu mitego ya Shetani ifata kuruta iyindi yose. Kuki?

7. Mu Biyaya vy’i Mowabu, ni gute abagabo b’Abisirayeli bagiye mu ngeso bari bazi ko ari mbi?

7 Ubwa mbere hoho, abaja muri iyo ngeso y’ubusambanyi bashobora kuba batari babitegekanije. Kumbure ni ko vyagendeye ba Bisirayeli mu Biyaya vy’i Mowabu. Ku bagabo b’Abisirayeli bari barambiwe n’ubuzima bwo mu bugaragwa, abagore b’Abanyamowabukazi n’Abamidiyanikazi babakwegakweze bashobora kuba babanje kubabera nk’abagenzi, nk’abakīranyi. Ariko ni ibiki vyashitse igihe Abisirayeli bemera ubutumire ngo bagirane ubugenzi n’abantu basaba Bayali ntibasabe Yehova, abantu baretse abakobwa babo (eka n’abo mu ngo zikomakomeye) ngo bagirane amahuzabitsina n’abagabo batari barababiriye? Igihe abagabo bo mw ikambi ry’Abisirayeli batangura kubona ko mwen’iyo migendano ishimishije, barakwegakwezwe ngo bagire ibintu bari bazi ko ari bibi, kandi ivyo vyarabatwaye agatwe.—Guharūra 22:1; 25:1-15; 31:16; Ivyahishuriwe 2:14.

8. Muri iki gihe turimwo, ni ibiki bishobora kujana Umukirisu mu busambanyi?

8 Ni igiki coshobora gutuma umuntu agwa mu mutego nk’uwo muri iki gihe? Naho ashobora kuba azi ukuntu ubusambanyi ari icaha gikomeye, mu gihe kandi adatahura ingeramizi iri mu vy’ukwiyemera, ashobora kwireka akaja mu bintu bituma arushwa inguvu n’akosho ko gukora ikibi.—Imigani 7:6-9, 21, 22; 14:16.

9. Ni imburizi izihe ziva mu Vyanditswe zishobora kuturinda ubushegabo?

9 Mu mvugo idakikiriza, Ijambo ry’Imana riratuburira kugira ntiduhendwe ngo twiyumvire ko dukomeye cane ku buryo imyifatanyo mibi itotwonona. Muri ivyo harimwo ukurorera ibiganiro vya televiziyo vyerekana ubuzima bw’abantu b’abashegabo no kuraba ibinyamakuru bivyura ivyipfuzo vy’ubushegabo. (1 Ab’i Korinto 10:11, 12; 15:33) N’ukwifatanya na bagenzi bacu bizeye nyene mu bihe bibibibi, birashobora kwubukamwo ingorane zikomeye. Ugukwegakwegana hagati y’abadasangiye igitsina kurakaze. Umwitwarariko urangwa urukundo watumye ishirahamwe rya Yehova ritugabisha ngo ntituje aha twenyene hihishije turi kumwe n’uwo tudasangiye igitsina tutabiranye, canke atari uwo mu muryango. Kugirango tugume tugendana n’Imana, turakeneye guhunga umutego w’ukwiyemera kandi tukitondera impanuro Imana iduha yo kutuburira.—Zaburi 85:8.

Ntureke ngo Ugutinya Umuntu Kukwifatire

10. Ni mu buryo ki “gutinya abantu” ari umutego?

10 Hari iyindi ngeramizi ivugwa mu Migani 29:25, ahavuga hati: “Gutinya abantu n’ukwitega umutego.” Umutego utegwa n’umuhîzi kenshi uba uriko impururu idwega mw izosi canke imigozi yizingazingira ku maguru y’igikoko. (Yobu 18:8-11) Uguhindishwa agashitsi n’umuntu na vyo nyene birashobora kuniga ubushobozi umuntu afise bwo kuvuga ataco yinona, no kwigenza mu buryo buhimbara Imana. Icipfuzo co guhimbara abandi ni igisanzwe, kandi ukutitaho na gato ico abandi biyumvira na vyo ntibiranga ubukirisu. Ariko ukurimbanya ibintu kurakenewe. Iyo ukurazwa ishinga n’ukuntu abandi bohava babibona gutumye umuntu akora ivyo Imana ibuza canke akareka gukora ivyo Ijambo ry’Imana ritegeka, uwo muntu aba yafashwe n’umutego.

11. (a) Ni igiki corinda kanaka ngo ugutinya umuntu ntikumwifatire? (b) Ni gute Yehova yafashije abasuku biwe barwana n’ugutinya abantu?

11 Ugukingirwa umutego mwen’uwo ntikuri mu gatima umuntu aba yaramanye, ahubwo kuri mu ‘kwizigira Yehova.’ (Imigani 29:25b) Umuntu iyo yizigira Imana, niyo yoba yari asanzwe ari umunyasoni, arashobora guhava akaba umunyabutwari kandi akaba uwuhamye. Igihe cose tuzoba dukikijwe n’imikazo y’uru runkwekwe rw’ibintu rwa gishetani, tuzokenera kuba maso ku vy’ugutinya umuntu gufata nk’umutego. Naho umuhanuzi Eliya azwi ko yakoze umurimo urangwa n’ubutwari, igihe Yezebeli yamutera ubwoba ngo aramwicisha, yaragize ubwoba arahunga. (1 Abami 19:2-18) Bivuye ku kuremerwa, intumwa Petero yaragize ubwoba arihakana ngo Yezu Kirisitu nta we azi, hanyuma haciye imyaka arareka ubwoba buratuma yigenza mu buryo bunyuranye n’ukwizera. (Mariko 14:66-71; Ab’i Galatiya 2:11, 12) Ariko rero, Eliya na Petero bompi baremeye gufashwa mu vy’impwemu, hanyuma kubera ko bizigiye Yehova, barabandanije gukorera Imana mu buryo yemera.

12. Ni uturorero utuhe two muri iki gihe twerekana ukuntu hari abantu bafashijwe kugira birinde kureka ngo ubwoba butume basubiza umugongo inyuma bakareka guhimbara Imana?

12 Benshi mu basuku ba Yehova muri iki gihe na bone barize ukuntu botsinda ubwoba bufata bwa mutego. Hari Icabonakazi w’umuyabaga mu gihugu ca Guyana yemeje ibi: “Kw ishure urugamba rwo kunanira umukazo w’abo tungana rurakomeye.” Ariko yongeyeko ati: “N’ukwizera Yehova kwanje ni kwo kw’uko.” Igihe umwigisha wiwe yamushinyagurira imbere y’isomero ryose kubera ukwizera kwiwe, yarasenze Yehova mu gacerere. Mu nyuma bari ahiherereye, yarashinze icabona ku mwigisha n’ubugenge. Umusore umwe yariko ariga ivyo Yehova asaba, igihe yagendera igisagara ciwe c’amavukiro muri Bénin yariyemeje gukuraho ikigirwamana se wiwe yari yaramuhinguriye. Uwo musore yari azi ko igishusho ata buzima gifise, kandi ntiyagitinye, ariko yari azi kandi ko abāho boshangashirwa bakarondera kumwica. Yarasenze Yehova, hanyuma mw ijoro ca kigirwamana akijana mw ishamba aragisenyagura. (Gereranya n’Abacamanza 6:27-31.) Igihe umugore umwe wo mu gihugu ca République Dominicaine yatangura gukorera Yehova, umugabo wiwe yamusavye guhitamwo umwe, hagati ya we na Yehova. Uwo mugabo yaramukangishije ukwahukana. Mbega ubwoba bwari gutuma uwo mugore aheba ukwizera kwiwe? Yasubijeyo ati: “Iyaba kwari uguhemuka vyari kuntera isoni, ariko sinterwa isoni no gukorera Yehova Imana!” Uwo mugore yagumye agendana n’Imana, kandi haciye igihe umugabo wiwe yarifatanije na we mu gukora ukugomba kwa Yehova. Twizigiye Data wa twese wo mw ijuru tugaherezako, na twebwe turashobora kwirinda kureka ngo ugutinya umuntu gutume dusubiza umugongo inyuma ngo tureke gukora ivyo tuzi ko vyohimbara Yehova.

Niwirinde Gukengera Impanuro

13. Tuburirwa ku vyerekeye umutego uwuhe muri 1 Timoteyo 6:9?

13 Naho imitego imwimwe ikoreshwa n’abahigi itegwa ngo ifate igikoko cose coshobora guca ahantu hanaka, hari iyindi mitego ikwegêra ibikoko hakoreshejwe ivyambo binungwanungwisha bihenda. Ukwo ni ko amatungo amereye abantu benshi. (Matayo 13:22) Muri 1 Timoteyo 6:8, 9, Bibiliya iraturemesha ngo tubumbwe n’ivyo turya be n’ivyo twambara. Maze iratuburira iti: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura.”

14. (a) Ni igiki cohava kibuza umuntu gushira ku mutima impanuro yo kubumbwa n’ibiribwa hamwe n’ivyambarwa? (b) Ugupima nabi ivy’ubutunzi bishobora gute gutuma umuntu akengera ya mburizi iri muri 1 Timoteyo 6:9? (c) Ni mu buryo ubuhe “ivyifuzo vy’amaso” bituma bamwebamwe batabona umutego ubategereye?

14 Naho hatanzwe iyo mburizi, benshi barafatwa n’umutego kubera ko batirabishako iyo mpanuro. Kuki? Hoba ari uko ubwibone butuma bakovya ngo bumire ku buryo bw’ukubaho busaba ibirenze ‘ivyo barya n’ivyo bambara,’ bimwe Bibiliya idusaba ko vyotubumba? Canke kumbure boba bakengera imburizi Bibiliya itanga kubera ko amatungo bayapimira ku vyo abakire ba cane bafise? Vyonyene, Bibiliya ivy’ukwiyemeza kuba umutunzi ibihushanya n’ukubumbwa n’ivyo kurya be n’ivyambarwa. (Gereranya n’Abaheburayo 13:5.) Mbega “ivyifuzo vy’amaso”—ukwipfuza gutunga ibintu amaso abona, mbere ibikurikiranwa vyo mu vy’impwemu bikanahasigara—vyoba bituma bigiza mu kibanza ca kabiri ibiteza imbere ugusenga kw’ukuri? (1 Yohana 2:15-17; Hagayi 1:2-8) Ese ukuntu abashira ku mutima vy’ukuri impanuro ya Bibiliya kandi bakagendana n’Imana mu kugira ugukorera Yehova co kintu ca mbere mu buzima bwabo barushirije kuba abahirwe!

Kwihanganira Amaganya yo mu Buzima Tukererwa

15. Ni ibintu nyabaki vyumvikana ko bitera amaganya benshi mu bantu ba Yehova, kandi dukwiye kuba maso ku wuhe mutego igihe turi mu mukazo mwen’uwo?

15 Ikintu kigwiriye kuruta ukwiyemeza kuba umutunzi, ni ukwitwararikana amaganya menshi ukuronka ivyo umuntu akeneye mu buzima. Benshi mu basuku ba Yehova usanga babeshejweho n’utuntu dukeyi. Baramara amasaha menshi bakora bagatama ngo bapfume baronka n’ivyambarwa bibayabaye, aho abo mu rugo rwabo bokika umusaya mw ijoro, hamwe n’udufungurwa na dukeyi borarira. Abandi usanga barwana n’ingorane ziturutse ku kurwara canke gusaza kwabo ubwabo canke kw’abo mu rugo iwabo. Ese ukuntu vyokworoha kureka ibintu nk’ivyo bikaniga inyungu zo mu vy’impwemu mu buzima bwabo!—Matayo 13:22.

16. Ni gute Yehova adufasha kwihanganira imikazo yo mu buzima?

16 Yehova aratubwirana urukundo ivyerekeye ukuruhurirwa kuzobonwa ku ngoma y’Ubwami bwa Mesiya. (Zaburi 72:1-4, 16; Yesaya 25:7, 8) Aradufasha kandi kwihanganira imikazo y’ubu yo mu buzima, mu kuduha impanuro ku vy’ukuntu twoguma turinganije ivyo dushira imbere y’ibindi. (Matayo 4:4; 6:25-34) Yehova akoresheje ivyabaye vy’ukuntu yafashije abasuku biwe mu bihe vyahise, aradusubiriza umutima mu nda. (Yeremiya 37:21; Yakobo 5:11) Aradukomeza mu kuduha ukumenya ko urukundo afitiye abasuku biwe badahemuka ruguma ari rwarundi, naho twoshikwako n’ivyago bimeze gute. (Abaroma 8:35-39) Ku bamwizigira, Yehova avuga ati: “Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.”—Abaheburayo 13:5.

17. Tanga uturorero tw’ukuntu hari abantu bashikirwa n’ivyago bikaze bashoboye kuguma bagendana n’Imana.

17 Kubera ko Abakirisu b’ukuri bakomezwa no kumenya ivyo, baguma bagendana n’Imana haguca iruhande ngo bigire mu nzira z’isi. Hari filozofiya y’isi usanga igwiriye mu bakene mu bihugu vyinshi, ngo utwaye ku vy’umuntu afise vyinshi kugusumvya kugirango ugaburire urugo rwawe ntuba wivye. Ariko abagenda barongōrwa n’ukwizera bariyama ico ciyumviro. Imbere y’ibindi vyose baha agaciro ukwemerwa n’Imana kandi ikaba ari yo bahanga amaso ngo ibahere impera ingeso zabo zizira ubugunge. (Imigani 30:8, 9; 1 Ab’i Korinto 10:13; Abaheburayo 13:18) Hari umupfakazi mu Buhindi yasanze ukugira umutima wo gukora bivanze n’ukwirwanako bimufasha kwihanganira ingorane. Hakuba uwubabazwa n’ukuntu amerewe mu buzima, yari azi yuko aramutse ashize Ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo mu kibanza ca mbere mu buzima bwiwe, Yehova yohunze imigisha utwigoro agira ngo aronke ivyo akeneye, we hamwe n’umuhungu wiwe. (Matayo 6:33, 34) Abashika ibihumbi vyinshi hirya no hino kw isi barerekana ko Yehova ari we buhungiro bwabo n’igihome kibakingira, naho boshikirwa n’ivyago bimeze gute. (Zaburi 91:2) Nawe ivyo woba ubigira?

18. Urupfunguzo rwo kwirinda umutego w’isi ya Shetani ni uruhe?

18 Igihe cose tuzoba tubaye muri uru runkwekwe rw’ibintu, hazobaho imitego dutegerezwa kwirinda. (1 Yohana 5:19) Bibiliya iragenekereza iyo mitego kandi ikatwereka ukuntu twoyirinda. Abakunda Yehova vy’ukuri kandi bagatinya kutamuhimbara babitewe n’impamvu nziza, barashobora neza gutsinda imitego mwen’iyo. Mu gihe ‘bagumye bagendeshwa n’impwemu,’ ntibazotwarwa n’inzira z’isi. (Ab’i Galatiya 5:16-25) Imbere y’abubakira ubuzima bwabo ku migenderanire bafitaniye na Yehova bose, hari icizero ntangere c’ukugendana n’Imana, bakazogiranira na we ubucuti bwa ba somambike ibihe bidashira.—Zaburi 25:14.

Wobisobanura Gute?

◻ Ni gute ukwiyemera gushobora kuba umutego?

◻ Ni igiki gishobora kuturinda ngo ntitwifatirwe n’ugutinya umuntu?

◻ Ni ibiki vyohava bituma tunanirwa no gukurikiza impanuro ku vyerekeye ingeramizi iri mu vy’ugukurikira amatungo?

◻ Ni igiki cotuma dushobora kwirinda gufatwa n’umutego w’amaganya yo mu buzima?

[Ifoto ku rup. 16, 17]

Abenshi baguma bagendana n’Imana mu buzima bwabo bwose

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika