Abigishwa Gukora Ukugomba kwa Yehova
“Unyigishe gukora ivyo ugomba, kukw ari wewe Mana yanje.”—ZABURI 143:10.
1, 2. (a) Ni ryari dukwiye kwigishwa, tukabigira dufise agatima nyabaki katibesha? (b) Ni kuki ukwigishwa na Yehova ari ukwa nkenerwa cane?
BURI musi umuntu aba ari muzima kandi agira ibintu, arashobora kwigishwa ikintu kitari ic’ubusa. Ivyo kuri wewe ni ko bimeze, eka no ku bandi nyene. Mugabo ni igiki gishika iyo umuntu apfuye? Ntibishoboka ko umuntu hagira ico yigishwa canke ngo agire ico amenya ameze gutyo. Bibiliya iravuga itomora yuko abapfuye “[a]ta co baba bakizi.” Nta bumenyi buri muri Sheoli, ya mva abantu bose basanzwe bajamwo. (Umusiguzi 9:5, 10) Ivyo vyoba none bisigura yuko ukwigishwa turonka hamwe n’ukurunda ubumenyi kuri twebwe ari ivy’ubusa? Ivyo biva ku co twigishwa no ku kugene dukoresha ubwo bumenyi.
2 Niba twigishwa ibintu binyasi gusa, nta kazoza karamba tugira. Yamara tugahirwa, amamiliyoni y’abantu mu mahanga yose bariko barigishwa ukugomba kw’Imana agatima kari ku buzima budashira. Ishingiro ry’ico cizigiro riherereye mu kwigishwa na Yehova, we Sôko ry’ubumenyi ntangabuzima.—Zaburi 94:9-12.
3. (a) Ni kuki twovuga yuko Yezu yari we mwigishwa wa mbere w’Imana? (b) Ni inkuramazinda nki dufise yuko abantu bokwigishijwe na Yehova, bikanzukamwo iki?
3 Umwana mfura w’Imana, nka we mwigishwa wayo wa mbere, yarigishijwe gukora ukugomba kwa Se wiwe. (Imigani 8:22-30; Yohana 8:28) Yezu na we ahiwe, yarerekanye yuko igitigiri kinini c’abantu bokwigishijwe na Se. Ibizigizigi ni ibiki ku bo muri twebwe biga ibiva ku Mana? Yezu yavuze ati: “Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe [na Yehova, NW]. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe. . . . N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwizera afise [ubuzima, NW] budashira.”—Yohana 6:45-47.
4. Amamiliyoni y’abantu bariko banyengērwa gute n’inyigisho mvamana, kandi ni ibizigizigi nyabaki bafise?
4 Yezu aho yariko asubiramwo ibiri muri Yesaya 54:13, ivyabwirwa umugore w’ikigereranyo w’Imana, Zayoni yo mw ijuru. Ico kimenyeshakazoza cerekeye canecane abana ba nya mugore, ba bayoboke 144 000 ba Yezu Kirisitu bavyawe n’impwemu. Amasigarira y’abo bana bo mu vy’impwemu arashirutse ubute kino gihe, bakaja imbere mw iporogarama y’ukwigisha yo ku mubumbe wose. Bwa mwanzuro, amamiliyoni y’abandi bagize “ishengero ryinshi” na bo nyene barungukira ku kwigishwa na Yehova. Barafise ikizigizigi kidasanzwe c’ukwiga ata rupfu rubaciramwo. Uti gute? Urabona, bari mu murongo ngo bazorokoke ya ‘marushwa ahambaye’ yegereza anyaragasa, ngo bazokwinovore kandi ubuzima budashira kw isi y’iparadizo.—Ivyahishuriwe Yohana 7:9, 10, 13-17.
Dutsindagirire Cane ku Gukora Ukugomba kw’Imana
5. (a) Igisomwa c’umwaka co mu 1997 ni ikihe? (b) Dukwiye kubona gute ivyerekeye ukwitaba amahwaniro makirisu?
5 Mu kiringo c’uwu mwaka w’1997, mu makorane arenga 80 000 kw isi yose, Ivyabona vya Yehova bazogumya mu muzirikanyi ubudata, aya majambo yugurura Zaburi 143:10: “Unyigishe gukora ivyo ugomba.” Ico ni co kizoba igisomwa c’umwaka co mu 1997. Ayo majambo, ayazoshirwa ahibonekeje mu Ngoro z’Ubwami, azoba nk’inyibutsa yuko ikibanza ciserukije c’ukuronkeramwo inyigisho mvamana ari ku mahwaniro y’ikorane, aho dushobora gusangira iporogarama iriko irarangurwa y’ugucisha ubwenge. Igihe twiyunze ku bavukanyi bacu ku mahwaniro ngo twigishwe n’Umucishabwenge Ruheta wacu, turashobora kwiyumvamwo nka wa munyamazaburi yanditse ati: “Naranezerewe hamwe bambgira, bati Tugende tuje ku ngoro [ya Yehova, NW].”—Zaburi 122:1; Yesaya 30:20.
6. Ni ibiki twemera icese vyavuzwe mu majambo ya Dawidi?
6 Egome, turipfuza kwigishwa gukora ukugomba kw’Imana hagukora ukugomba kw’umubisha wacu ya Diyǎbule canke ukugomba kw’abantu banyamakemwa. Nuko rero, nka kumwe kwa Dawidi, turemera icese Imana dusenga kandi dusukurira, túvuga duti: “Kukw ari wewe Mana yanje: [Im]pwemu [y]awe [nz]iza [i]ndōngōre mu nzira irashe.” (Zaburi 143:10) Mu gishingo c’ugushaka kwivanga n’abantu b’abanyabinyoma, Dawidi yakunze kuba aho insengo ya Yehova ishishikarwa. (Zaburi 26:4-6) Afashijwe n’impwemu y’Imana imurongorera intambuko, Dawidi yarashoboye guhonyorera mu makanda y’ubutungane.—Zaburi 17:5; 23:3.
7. Impwemu y’Imana yakoze gute kw ikorane rikirisu?
7 Dawidi Mukuru, Yezu Kirisitu, yaramaze amazinda intumwa yuko impwemu yera yobigishije vyose kandi ikabibutsa ibintu vyose yari yarababwiye. (Yohana 14:26) Guhera kuri Pentekoti kubandanya, Yehova yagiye arahishura “ivy’ibgina vy’Imana” biri mw Ijambo ryiwe ryanditse. (1 Ab’i Korinto 2:10-13) Ivyo Yezu yabigize abicishije ku mugende uboneka yise “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (NW) Uno utanga imfungurwa z’ivy’impwemu zirimbûrwa mw iporogarama y’ukwigisha igirirwa amakorane y’igisata c’Imana kw isi yose.—Matayo 24:45-47.
Turigishwa Ukugomba kwa Yehova ku Mahwaniro Yacu
8. Ni kuki ukujamwo mu Rwigo rw’Umunara w’Inderetsi ari ivy’agaciro cane?
8 Amayagwa yo mu Rwigo rw’Umunara w’Inderetsi rw’ikorane rwa buri mushamvu kenshi arerekana ishirwa mu ngiro ry’ingingo za Bibiliya. Nta gukeka ivyo biradufasha kwirwanaho mu maganya y’ubuzima. Mu nyigo zindi hararimbūrwa ibintu-kuri bigera kure vy’ivy’impwemu canke ibimenyeshakazoza vya Bibiliya. Ewe kuntu twigishwa vyinshi mu gihe c’izo nyigo! Mu bihugu bitari bike, Ingoro z’Ubwami ziruzura no ku bunwa mu gihe c’ayo mahwaniro. Yamara hari ibihugu bitari bike usanga igitigiri c’abitaba amahwaniro carururutse. Wewe wibaza ko biva kuki? Hoba hariho bamwebamwe bareka akazi ko mw isi kakagongana n’uguteranira hamwe kwabo ubudahorereza kugira ‘boherereze ku rukundo no ku bikorwa vyiza’? Canke hoba hagira amasaha menshi amarwa mu mirimo tugirana n’abagenzi canke mu kurorera televiziyo, bigatuma urutonde nkurikizwa rusa n’uruzitanye ntibishoboke ko tuja ku mahwaniro yose? Ibuka ya nkeburo duhabwa mu Baheburayo 10:23-25. Mbega ntuze ugutororokanira hamwe ngo turonke incishabwenge mvamana si ikintu gihambaye mbere kuruta, ubu “[tubona] wa musi wegereza”?
9. (a) Ihwaniro Nyizabusuku rishobora kuturonsa gute ivyangombwa ku bw’igikenurwa? (b) Inyifato yacu ikwiye kuba nyabaki ku vyerekeye ugushinga intahe?
9 Rimwe mu mabanga ya mbere na mbere dushinzwe ni iry’ugusukura nk’abakenuzi b’Imana. Ihwaniro Nyizabusuku ryagenewe kutwigisha ukugene ivyo twoshobora kubishitsa mu buryo kirumara. Turiga ukugene twokwegêra abantu, ico twovuga, uko twokwifata mu gihe batwakiriye neza, canke mbere ico twogira mu gihe abantu biyamye ubutumwa tubazanira. (Luka 10:1-11) Uko ubuhinga kirumara muri ivyo bwihwezwa kandi bugashirwa mu myerekano muri iryo hwaniro rya buri mushamvu, turabona kwitegura neza kuruta kugira dushikire abantu atari gusa igihe tuva mu nzu tuja mu yindi, ariko kandi igihe dukwiririza mu mabarabara, ku mapariko y’imiduga, igihe turi mu muduga twipakije, ku bibuga vy’indege, igihe turiko twisumamwo, canke mu mashure. Tujanishije n’ico dusaba, ngo “Unyigishe gukora ivyo ugomba,” tuzorondera kwungukira ku karyo kose kugira dukore nk’uko Databuja yaduhimirije, ati: “Umuco wanyu ubonesh[e] imbere y’abantu, ngo . . . bahimbaze So wo mw ijuru.”—Matayo 5:16.
10. Ni mu buryo ki dushobora vy’ukuri gufasha ‘ababikwiriye’?
10 Kuri mwen’ayo mahwaniro y’ikorane turigishwa no kugira abandi abayoboke. Iyo turonse abashimishwa canke tukagira uwo dusigira igisohokayandikiro, ico tuba turondera iyo tugarutse kubasūra ni ugutanguza inyigo za Bibiliya zo ku muhana. Mu nyuro imwe, ivyo birasa na kwa ‘kugumana n’ababikwiriye’ kw’abayoboke kugira bano babigishe ibintu Yezu yari yarabategetse. (Matayo 10:11; 28:19, 20) Kuba dufise ibifasho vy’agahebuza, nka ca gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira, vy’ukuri ni ivyangombwa bikwiye kugira dushitse igikenurwa cacu bimwe binogangije. (2 Timoteyo 4:5) Buri mushamvu uko witaba Ihwaniro Nyizabusuku hamwe n’Ishure y’Igikorwa Ngenerwa ca Gitewokarasi, niwinanate utegere hanyuma maze ukoreshe impanyu rufasha zizotuma uratwa ko uri uwo mu bakenuzi b’Imana bakwije neza ibisabwa, bakora ukugomba kw’Imana.—2 Ab’i Korinto 3:3, 5; 4:1, 2.
11. Bamwebamwe berekanye gute ko bizera amajambo dusanga muri Matayo 6:33?
11 Ni ukugomba kw’Imana yuko ‘tuguma tubanza kurondera ubwami hamwe n’ubutungane bwayo.’ (Matayo 6:33) Niwibaze, uti ‘Jewe nokurikiza nte iyo ngingo hamwe ivyo akazi kanje ko mw isi gasaba [canke ak’umwubakane wanje] bigonganye n’ukwitaba amahwaniro?’ Abahumuye mu vy’impwemu batari bake botera intambwe zinaka kugira bayage n’abakoresha babo ivy’ico kibazo. Hari umukenuzi umwe w’igihe cose yamenyesheje umukoresha wiwe yuko buri mushamvu akeneye kuja araronka umwanya adakora kugira yitabe amahwaniro y’ikorane. Uno yarabimwemereye. Ariko kubera ukugomba kumenya ibibera ku mahwaniro, uno mukoresha yarasavye kuyitaba. Yarahumviye itangazo ryerekeye umukwakwa w’intara wari wimirije. Bwa mwanzuro, nya mukoresha yariyungunganije kugira yitabe umusi muzima kuri uwo mukwakwa. Ni icigwa giki wokura muri ako karorero?
Turigishwa Ukugomba kwa Yehova n’Abavyeyi Bibanga Imana
12. Kugira abana bigishwe ukugomba kwa Yehova, ni igiki abavyeyi bakirisu bakwiye kugirana ubwiyumanganyi n’ubushikamyi?
12 Ariko amahwaniro y’ikorane hamwe n’imikwakwa si yo ntunganyo rudende y’ukugira twigishwe gukora ukugomba kw’Imana. Abavyeyi bibanga Imana barabwirizwa ngo bamenyereze, batoze indero bongere barere abana babo kugira bashemeze Yehova kandi bakore ukugomba kwiwe. (Zaburi 148:12, 13; Imigani 22:6, 15) Ukugenza gutyo bisaba ko tujana “abana” bacu ku mahwaniro aho bashobora ‘kwumviriza no kwiga,’ ariko kubigisha hakoreshejwe ivyandiko vyeranda i muhira kwo bite? (Gusubira mu vyagezwe 31:12; 2 Timoteyo 3:15) Ingo nyinshi barakuye amaboko mu mpuzu baratangura amaporogarama y’ugutohoza Bibiliya mu rugo ubudahorereza, mugabo ivyo bitahīrira ku kuyongēra canke gufatwa minenerwe ata gihe kinini kihaciye. Mwebwe vyoba ari ko vyabagendeye? Mwoba mwiyumvira none ko igîrenama ry’uko mwogira mwen’urwo rwigo rudahorereza ritabereye canke ko urugo rwanyu rwimereye ukundi ku buryo ritogeza gukora mu biberekeye? Naho ibintu vyoba biri gute, mwebwe bavyeyi gire se musubiremwo vya bihimbu vyizavyiza, bivuga ngo “Un riche héritage spirituel” (Iragi Ritunze ry’Ivy’Impwemu) na “La persévérance est récompensée” (Ukugumako Kuratangirwa Impêra) biri mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Myandagaro 1995.
13. Ingo zishobora gute kwungukira ku kurimbūra igisomwa c’umusi?
13 Ingo ziremeshejwe kugira akamenyero k’ukurimbūra igisomwa c’umusi mu gatabu Kuyachunguza Maandiko Kila Siku. Gusoma gusa igisomwa hamwe n’insasanuro ni vyiza, ariko kuyaga kuri nya gisomwa no kwerekana ikurikizwa ryaco biba nzanakunguko kuruta. Nk’akarorero, niba muriko murimbūra Abanyefeso 5:15-17, abaharurwa b’urugo bashobora gutegeza ku buryo bw’ ‘ugucungura umwanya ubereye’ w’urwigo rwa buri muntu ukwiwe, ukujamwo mu muce munaka w’igikenurwa c’igihe cose, n’ukwitwararika ibigabu bishingwano bindi vya gitewokarasi. Ni vyo, ikiyago urugo rugira ku gisomwa c’umusi coshobora kujana umuntu umwe canke benshi ku ‘kubandanya kurushirizaho gutegera ukugomba kwa Yehova ukwo ari kwo.’
14. Mu Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7 herekana ko abavyeyi boba abigisha bwoko ki, ivyo bigasaba iki?
14 Abavyeyi bategerezwa kuba abigisha b’inshirukabute b’abana babo. (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Mugabo ntiwumve, si ukwama barakarira canke barategeka gusa abo bavyaye. Se w’abana na nyina wabo bakeneye kandi kwumviriza, muri ubwo buryo bakarushiriza kuba abashoboye kumenya ibikenewe gusigurwa, gufoborwa, gutangirwa ibirorezo, no gusubirwamwo. Mu rugo rumwe rw’Abakirisu, abavyeyi baravyura ukuyaga kutagiramwo uguhishanya mu kuremesha abana babo kubaza ibibazo ku bintu badatahura canke bibaraza ishinga. Ivyo vyarabahaye kumenya ko umuhungu wabo w’umwebeya yari afise ingorane y’ugutahura ko Yehova atagira itanguriro. Abavyeyi bǎrashoboye gukoresha amamenyeshwa yo mu bisohokayandikiro vy’Ishirahamwe Watch Tower vyerekana yuko igihe n’ikirere vyemerwa ko bitagira iherezo. Ivyo vyarabereye ikirorezo iyo mpanyu, kandi umuhungu wabo vyaramumaze akanyota. Be mufata umwanya rero mwishure ibibazo vy’abana banyu mutomoye kandi mukoresheje Ivyanditswe, mubafashe kubona yuko kwiga gukora ukugomba kw’Imana bishobora kubamara akanyota cane. Ibindi bintu abantu b’Imana—abato n’abakuze—bigishwa kino gihe ni ibiki?
Barigishwa Gukunda no Kurwana Urugamba
15. Ni ryari urukundo rwacu rwa kivukanyi rushobora kugeragezwa ko ari urw’ukuri?
15 Nk’uko bisabwa na ya mbwirizo nshasha Yezu yaduha, “[t]wigishijwe n’Imana gukundana.” (1 Ab’i Tesalonike 4:9) Igihe ibintu bitekanye kandi bigenda neza, twoshobora kwiyumvamwo ko dukunda abavukanyi bacu bose. Yamara ni ibiki bihora bishika iyo ukudahuza kw’umuntu n’uwundi kuvyutse canke iyo tubabajwe n’ivyo uwundi Mukirisu avuze canke agize? Ibintu bigeze aho, ububenyakuri bw’urukundo rwacu bushobora kugeragezwa. (Gereranya na 2 Ab’i Korinto 8:8.) Ni igiki Bibiliya itwigisha kugira iyo ibintu bimeze bityo? Kimwe ni ukwihata kuranga urukundo bimwe bishitse. (1 Petero 4:8) Aho kurondera ibitwungura twebwe ubwacu, gushavuzwa n’udukosa dutoduto canke kubîka ikibi mu nda, dukwiye gukora kugira tureke urukundo rupfuke ivyaha vyinshi. (1 Ab’i Korinto 13:5) Ivyo turazi ko ari ukugomba kw’Imana, kuko ari vyo Ijambo ryayo ryigisha.
16. (a) Abakirisu bigishwa kurwana intambara nyabaki? (b) Turonswa ivyangombwa gute?
16 Naho abenshi batofatanya urukundo n’intambara, intambara ni ikindi kintu twigishwa, ariko ikaba iy’ubwoko bundi. Dawidi yaremeye icese yuko azera Yehova ngo amwigishe ukugene yoshishikara intambara, naho mu gihe ciwe ivyo vyarimwo n’ukurwana burwane kazire abansi ba Isirayeli. (1 Samweli 17:45-51; 19:8; 1 Abami 5:3; Zaburi 144:1) Tweho kino gihe urugamba rwacu ni nyabaki? Ibirwanisho vyacu si ivy’umubiri. (2 Ab’i Korinto 10:4) Urwacu ni urugamba rw’ivy’impwemu, mu kururwana tukaba dukeneye kwambara ibirwanishwa vy’impwemu. (Abanyefeso 6:10-13) Abicishije kw Ijambo ryiwe no ku gisata ciwe gikoranije, Yehova aratwigisha kurwana intambara y’ivy’impwemu tutananirwa.
17. (a) Ni amayeri maki ya Diyǎbule ikoresha kugira idukevyeshe? (b) Ni ibiki dukwiye kuzibukīra mu buryo bw’ubwenge?
17 Mu buryo bw’uruhendo, bw’urwenge, ya Diyǎbule kenshi ikoresha ibintu vy’iyi si, abahuni, hamwe n’abandi barwanya ukuri, igíra akigoro ngo idukebereze ku bintu bimaze gito. (1 Timoteyo 6:3-5, 11; Tito 3:9-11) Ni nk’uko yoba ibona yuko ifise akabero gato k’ukudutsinda ikoresheje igitero c’indamvu canke c’imbonankubone, ari na ho igerageza kudutsitaza mu gutuma twidoga kandi tubazagiza ibitagira mvura, ivyo usanga bitagira ikintu bimaze mu vy’impwemu. Nk’abarwanantambara barikanuye, dukwiye kuba maso kuri izo ngeramizi nk’uko tuba maso ku bitero vy’imbonankubone.—1 Timoteyo 1:3, 4.
18. Kutaba tukibaho ku neza yacu mu binyakuri bisaba iki?
18 Ntidukorereza ivyipfuzo vy’abantu canke ukugomba kw’amahanga. Yehova yaratwigishirije ku karorero ka Yezu yuko tudakwiye kuba tuciberaho ku neza yacu; ahubwo dukwiye kwibangikanya ya mero-gatima nyene Kirisitu Yezu yari afise kandi tukabaho ngo dukore ukugomba kw’Imana. (2 Ab’i Korinto 5:14, 15) Mu gihe caheze dushobora kuba twari dufise ubuzima bw’ihururu, bw’urwangara, dusesagura umwanya w’igiciro. Ubudandahirwe, akaborerwe, hamwe n’ubushegabo, ni ibiranga iyi si mbi. Ubu ko twigishwa ngo dukore ukugomba kw’Imana, ntidushima none kubona dutanijwe n’iyi si yononekaye? Niturwane urugamba rukomeye rero mu vy’impwemu kugira twirinde kujamwo mu mimogorero ihumanya y’iyi si.—1 Petero 4:1-3.
Turigishwa ngo Twunguke Twebwe Ubwacu
19. Ukwigishwa ukugomba kw’Imana hanyuma maze tukarikora bizodushikana ku nyungu nki?
19 Ni ngombwa ngo twemere icese yuko kwigishwa gukora ukugomba kwa Yehova kutwungura bihambaye. Birumvikana, dutegerezwa kurangūra uruhara rwacu mu gutega yompi kugira twige kandi maze dukurikire incishabwenge turonka biciye ku Mwana wiwe hamwe no kw Ijambo ryiwe be n’igisata ciwe gikoranije. (Yesaya 48:17, 18; Abaheburayo 2:1) Tugenjeje dutyo, tuzokomezwa ngo duhagarare dushikamye muri ibi bihe vy’ubutindi kandi turinde ibihuhusi bituri imbere. (Matayo 7:24-27) N’ubu nyene, tuzoheza turyohere Imana mu gukora ukugomba kwiwe kandi dushire amazinda yuko amasengesho yacu yishurwa. (Yohana 9:31; 1 Yohana 3:22) Hanyuma tuzogira ubuhirwe nyakuri.—Yohana 13:17
20. Ni igiki vyoba vyiza uzirikanyeko uko ubona igisomwa c’umwaka mu kiringo cose c’umwaka w’1997?
20 Muri iki kiringo c’umwaka w’1997, tuzogira ubudasiba akanyonza ubuhozako k’ugusoma n’ukurimbūra igisomwa c’umwaka, Zaburi 143:10: “Unyigishe gukora ivyo ugomba.” Uko tugira ivyo, nidukoreshe tumwetumwe mu turyo turonka ngo tuzirikane ku ntunganyo Imana yatugiriye z’ukugira twigishwe, nk’uko bihejeje kwerekanwa. Kandi nidukoreshe mwen’ukwo kuzirikana kuri ayo majambo bwa nsunitsi y’ugukora duhuza n’iyo ntakambo, tuzi yuko “ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.”—1 Yohana 2:17.
Wokwishura Ute?
◻ Ni bande kino gihe bariko bigishwa gukora ukugomba kwa Yehova?
◻ Zaburi 143:10 ikwiye kutunyengera gute mu kiringo c’umwaka w’1997?
◻ Ni mu buryo ki turiko twigishwa gukora ukugomba kwa Yehova?
◻ Ni igiki abavyeyi bakirisu basabwa mu kwigisha abana babo?