Bose Ni Ngombwa Babazwe n’Imana Ivyo Bǎkoze
“Umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.”—ABAROMA 14:12.
1. Ni imbibe nki zari zashingiwe uburenganzira bwa Adamu na Eva?
YEHOVA MANA yaremye abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva ari abantu bashoboye kwihitiramwo. Naho bari hasi y’abamarayika, bari ibiremwa vy’ubwenge bishoboye gufata ingingo zirimwo urwevu. (Zaburi 8:4, 5) Yamara, uwo mwidegemvyo Imana yari yabahaye ntiwari uruhusha rw’ukwishingira iciza n’ikibi. Bǎri n’ico babazwa ku Muremyi wabo, kandi ukwo kugira ico babazwa kwarakongereye n’abakomoke babo bose.
2. Yehova vuba agiye kugira ukubáza nyabaki, kandi kubera iki?
2 Ubu turiko twegereza igihe-gaheta c’uru runkwekwe rw’ibintu rubi, Yehova hariho ukubáza azogira kw isi. (Gereranya n’Abaroma 9:28.) Vuba, abantu batibanga Imana bazobwirizwa kwishuzwa na Yehova Mana kubera iyononwa ry’ubutunzi bw’isi, ihonywa ry’ubuzima bw’abantu, na canecane ihamwa ry’abasuku biwe.—Ivyahishuriwe Yohana 6:10; 11:18.
3. Ni ibibazo ibihe tuja kurimbūra?
3 Kubera ko duhanzwe n’ibizoshika bituma tubaza umutima, twebwe twozanirwa akunguko n’ukuzirikana ibintu bitunganye Yehova yagiranye n’ibiremwa vyiwe mu bihe vyaheze. Ivyanditswe none bishobora kudufasha gute ku ruhande rwacu, kugira twisigure bimwe vyemeretse ku Muremyi wacu? Ni uburorero ubuhe bushobora kudufasha, kandi ni ubuhe dukwiye kwirinda kwigana?
Abamarayika Hariho Ico Babazwa
4. Tumenya dute yuko Imana iri n’ico yishuza abamarayika kubera ibikorwa vyabo?
4 Ibiremwa vya kimarayika vya Yehova vyo mw ijuru na vyo nyene hari ico bibazwa kuri we, cokimwe natwe. Imbere y’Umwuzure wo mu gihe ca Nowa, hari abamarayika bagararije biha imibiri y’inyama kugira baje mu vy’uguhuza ibitsina n’abagore. Kubera ko ivyo biremwa mpwemu vyari n’ubwihitiremwo, vyarashobora gufata iyo ngingo, ariko vyagumye biri n’ico bibazwa ku Mana. Igihe nya bamarayika bagarariji basubira mu karere mpwemu, Yehova ntiyabemereye gusubira gufata ikibanza bari baramanye. Umuyoboke Yuda atubwira yuko ‘barindirijwe urubanza rwa wa musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza.’—Yuda 6.
5. Ni ugutemba nyabaki kwabaye kuri Shetani n’amademo yiwe, kandi ukugira ico babazwa kubera ubugarariji bwabo kuzoshirwa mu buryo gute?
5 Abo bamarayika bagarariji, ari bo mademo, umutegetsi wabo ni Shetani ya Diyǎbule. (Matayo 12:24-26) Uwo mumarayika mubi yaragararije Umuremyi wiwe yongera arahiga ngo Yehova nta burenganzira agira bwo kuba Segaba. Abavyeyi bacu ba mbere Shetani yabajanye mu caha, ivyo biraheza vyanzukamwo ugukuraho bagapfa. (Itanguriro 3:1-7, 17-19) Naho Yehova yaretse Shetani agashika mu birimba vy’ijuru mu kiringo kinaka inyuma yaho, igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuwe cabuye yuko mu gihe nyaco c’Imana, uwo mubi yojugunyiwe mu micungararo y’isi. Ivyibonekeza vyerekana yuko ivyo vyabaye inyuma gatoyi y’aho Yezu Kirisitu aronkeye ububasha bw’Ubwami mu 1914. Amaherezo, nya Diyǎbule n’amademo yiwe bazoja mw ihona ridashira. Ca kibazo cerekeye ububesegaba kimaze kuja catorerwa umuti, ivy’ukubazwa ubugarariji bizoba rero vyashizwe mu buryo bicishijwe aho ukuri kuri.—Yobu 1:6-12; 2:1-7; Ivyahishuriwe Yohana 12:7-9; 20:10.
Umwana w’Imana Hariho Ico Abazwa
6. Yezu abona ate ukuba ari n’ico abazwa kuri Se?
6 Ese akarorero keza Yezu Kirisitu Umwana w’Imana yatanze! Kubera yari umuntu w’inkemuke aringaniye na Adamu, Yezu yaragirira akamwemwe mu gushitsa igomba ry’Imana. Yari n’urweze kandi rw’ugufatwa ko abazwa ugukurikiza iteka Imana yashinze. Ku bimwerekeye, umunyamazaburi yaramenyesheje bíbereye ati: “Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; mber’ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.”—Zaburi 40:8; Abaheburayo 10:6-9.
7. Igihe Yezu yariko asenga buca apfa, ni kuki yashoboye kuvuga amajambo yanditswe muri Yohana 17:4, 5?
7 Naho Yezu yarwanijwe bimwe vy’urwanko, yaragize igomba ry’Imana kandi arazigama ukutadohoka gushika ku rupfu rwo ku giti c’ugukanagirizwako. Gutyo yararishe rero ca giciro c’incungu kugira agombore ubwoko-muntu ngo bukurweko inkurikizi nkwegarupfu z’icaha ca Adamu. (Matayo 20:28) Ni co gituma Yezu igihe bwaca apfa yashoboye kuzamba n’umwishimiro mwinshi ati: “Nagushimagije mw isi, nnonosoye igikorwa wampaye gukora. Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.” (Yohana 17:4, 5) Yezu yarashobora kubwira ayo majambo Se wiwe wo mw ijuru kubera ko yariko atsinda neza agahigisho k’ivy’ukugira ico abazwa, kandi akaba yari yêmeretse ku Mana.
8. (a) Paulo yaranze ate yuko ari ngombwa ngo tugire ico tubazwa kuri Yehova Mana kubera ivyo twǎkoze? (b) Tuzofashwa n’iki kugira twemerwe n’Imana?
8 Twebwe si nka wa muntu Yezu Kirisitu w’inkemuke, turi abanyamakemwa. Yamara, hariho ico tubazwa ku Mana. Umuposolo Paulo yavuze ati: “Ariko weho, n’iki gituma uhinyura mwene So? Kandi nawe, n’iki gituma ukēngēra mwene So? Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana. Kuko handitswe, ngo Nk’uko ndiho, ni k’Uhoraho agize, amavi yose azompfukamira, n’indimi zose zizovuga ishimwe ry’Imana. Nuko rero, umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.” (Abaroma 14:10-12) Kugira dushobore kwishura kuri ivyo kandi twemerwe na Yehova, mu rukundo rwiwe yaraduhaye imburanyamutima hamwe n’Ijambo ryiwe ryahumetswe, ari ryo Bibiliya, vyompi kugira bituyobore mu vyo tuvuga no mu vyo tugira. (Abaroma 2:14, 15; 2 Timoteyo 3:16, 17) Twungukiye vyuzuye ku ntunganyo za Yehova z’ivy’impwemu kandi tugakurikira imburanyamutima yacu yǐgishijwe na Bibiliya, bizodufasha kugira twemerwe ku Mana. (Matayo 24:45-47) Impwemu yera ya Yehova, ari yo nguvu nkorakazi, ni irindi sôko ry’inkomezi n’uburongozi. Dúkoze duhuza n’ubuyobozi bwa nya mpwemu hamwe n’inyobozo duhabwa n’imburanyamutima yacu yǐgishijwe na Bibiliya, tuba turanze yuko ‘tutiyobagiza Imana,’ yo ari ngombwa ngo itubaze ivyo tugira.—1 Ab’i Tesalonike 4:3-8; 1 Petero 3:16, 21.
Amahanga Hariho Ico Abazwa
9. Abanyedomu bari bande, kandi ni ibiki vyabashikiye kubera ivyo bǎgiriye Isirayeli?
9 Yehova hariho ico abaza amahanga. (Yeremiya 25:12-14; Zefaniya 3:6, 7) Rimbūra ivya bwa bwami bwa kera bwa Edomu, ubwari buherereye mu bumanuko bw’Ikiyaga c’Umunyu no mu buraruko bw’Ikigobe ca Akaba. Abanyedomu bari abantu b’Abasemite, bari n’ico bapfana cane n’Abisirayeli. Naho sekuruza w’Abanyedomu yari Esau umwuzukuru wa Aburahamu, Abisirayeli barīmwe uruhusha rw’uguca i Edomu ku ‘nzira y’iroro’ igihe bariko baja muri ca Gihugu c’Isezerano. (Guharūra 20:14-21) Mu binjana n’ibindi akankanzi ka Edomu kǎrakuze gacika urwanko ntakigongwe rwankwa Isirayeli. Amaherezo, Abanyedomu bǎtegerejwe kwishuzwa kubera uguhimiriza Abanyababiloni ngo bahonye Yeruzalemu mu 607 B.G.C. (Zaburi 137:7) Mu kinjana ca gatandatu B.G.C., ingabo za Babiloni zirongôwe n’Umwami Nabonide zǎrigaruriye Edomu, hano hacikishwa ubuyobe, nk’uko Yehova yari yarabivumereye.—Yeremiya 49:20; Obadiya 9-11.
10. Abanyamowabu bǎgiriye ibiki Abisirayeli, kandi ni mu buryo ki Imana yagize ico ibaza Mowabu?
10 Mowabu na ho nyene si ho hǎmerewe neza kuruta. Ubwami bwa Mowabu bwari i buraruko bwa Edomu n’i buseruko bw’Ikiyaga c’Umunyu. Imbere y’uko Abisirayeli binjira ca Gihugu c’Isezerano, Abanyamowabu ntibǎbākiriye neza, bikaboneka ko bǎbahaye umutsima n’amazi kugira gusa bicire amahera. (Gusubira mu vyagezwe 23:3, 4) Balaki Umwami w’i Mowabu yararāritse kamenyi Balamu ngo avume Isirayeli, Abanyamowabukazi na bo barakoreshwa kugira bavyurire inambu abagabo bisirayeli ngo baje mu vy’ubushegabo n’ubusengabimana. (Guharūra 22:2-8; 25:1-9) Ariko rero, Yehova ntiyaretse ngo urwanko Mowabu hari hafitiye Isirayeli rwijane. Nk’uko vyari vyaramenyeshejwe, Mowabu harashikiwe n’ubuyobe buvuye mu minwe y’Abanyababiloni. (Yeremiya 9:25, 26; Zefaniya 2:8-11) Egome, Imana yaragize ico ibaza Mowabu.
11. Mowabu na Amoni vyacitse nk’ibisagara ibihe, kandi ni igiki ibimenyeshakazoza vya Bibiliya vyerekana ku biraba urunkwekwe rw’ibintu rubi rw’ubu?
11 Si Mowabu gusa habwirizwa kwishuzwa n’Imana; na Amoni nyene kwari ukwo. Yehova yari yabuye ati: “Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora, ah’igisuru ciganziye, habe iyengo ry’imyunyu, hahinduke amatongo ibihe bidashira.” (Zefaniya 2:9) Ibihugu vy’i Mowabu n’i Amoni vyarasanganguwe, nk’uko nyene Imana yari yarahoneje ibisagara vy’i Sodomu n’i Gomora. Nk’uko bivugwa n’Ishirahamwe ry’ivy’Ugutohoza Ubutaka ry’i Londere, abashakashatsi bavuga yuko batoye ahǎri haherereye vya bisagara Sodomu na Gomora vyatongorwa, ku nkengera y’i buseruko bw’Ikiyaga c’Umunyu. Ivyibonekeza vyokwishimirwa bishobóra kandi gutorwa ku vyerekeye ivyo, nta kindi vyogira atari ugushigikira ibimenyeshakazoza vya Bibiliya vyerekana yuko urunkwekwe rw’ibintu rubi rw’ubu na rwo nyene ruzogira ico rubazwa kuri Yehova Mana.—2 Petero 3:6-12.
12. Naho Isirayeli yabwirizwa kwishuzwa n’Imana kubera ivyaha vyayo, ni ibiki vyari vyarabûwe ku biraba amasigarira y’Abayuda?
12 Naho nyene Isirayeli yari yaratoneshejwe na Yehova bimwe bihambaye, kubera ivyaha vyayo yabwirizwa kwishuzwa ku Mana. Igihe Yezu Kirisitu yaza mw ihanga rya Isirayeli, abenshi bǎramwiyugumuye. Amasigarira gusa ni bo bǎtumikishije ukwizera hanyuma bacika abakurikizi biwe. Paulo yarerekeje ibimenyeshakazoza bimwebimwe kuri ayo masigarira y’Abayuda igihe yandika ati: “Yesaya asemerera ivy’Abisirayeli, at’Igitigiri c’Abisirayeli n’iyo coba nk’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira ni yo azokira: kuk’Uhoraho azoshitsa ijambo ryiwe mw isi, ariringanize kand’arihimbure. Kandi nk’uko Yesaya yavuze kera, at’Iyaba Uhoraho Nyen’ingabo atādushigarije uruvyaro, tuba twarabaye nk’i Sodomu, tukagirwa nk’i Gomora.” (Abaroma 9:27-29; Yesaya 1:9; 10:22, 23) Uwo muposolo yaradonze akarorero ka bamwe 7 000 bo mu gihe ca Eliya batari bunamiye Bayali, hanyuma avuga ati: “Nuko ni ko biri no mur’iki gihe, harih’amasigarira nk’uko yatoranijwe n’ubuntu bg’Imana.” (Abaroma 11:5) Ayo masigarira yari agizwe n’abantu umwumwe ubwiwe bari n’ico babazwa ku Mana.
Uburorero bw’Ivy’Ukugira Ico Umuntu Abazwa
13. Ni ibiki vyashikiye Kayini igihe Imana yamubaza igituma yagandaguye murumunawe Abeli?
13 Bibiliya iradonda ivyabaye bitari bike vyerekeye ivy’ukugira ico umuntu abazwa kuri Yehova Mana. Fata Kayini umuhungu mfura wa Adamu bwa karorero. We hamwe na murumunawe Abeli bompi bǎrashikanira inkuka Yehova. Inkuka ya Abeli yari iyemereka ku Mana, ariko iya Kayini ikaba itemereka. Igihe Kayini yabazwa igituma yagurukiye kuri murumunawe akamugandagura, yabwiranye Imana ubugumarare, ati: “Nar’umwungere wa murumunanje?” Kayini kubera icaha ciwe, yaratekejwe ngo aje mu “gihugu c’i Nodi, ku ruhande rwa Edeni ahahera i burasirazuba.” Nta kwihana mvamutima namba yaranze kubera ubukozi bw’ikibi bwiwe, yicuza gusa kubera igihano aronse gicishijwe aho ukuri kuri.—Itanguriro 4:3-16.
14. Ivy’uko umuntu ubwiwe hari ico abazwa ku Mana bitangiwe ikirorezo gute mu vyashikiye wa muherezi mukuru Eli n’abahungu biwe?
14 Ukugira ico umuntu ubwiwe abazwa ku Mana kuratangirwa kandi ikirorezo n’ivyashikiye Eli umuherezi mukuru w’Abisirayeli. Abahungu ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi, bǎrasukuye bwa baherezi bagira ibirori, ariko “bǎgīrwa n’akarenganyo bagirira abantu, hamwe n’ukutibanga Imana, ntibirinde ubwoko na bumwe bw’ikibi,” bivugwa n’umumenyeshakahise Josèphe. Abo bagabo b’ “abanyangeso mbi” ntibemera Yehova, baja mu vy’inyirongōro y’ubumenja, hanyuma bagīrwa n’ubushegabo bw’agaterasoni. (1 Samweli 1:3; 2:12-17, 22-25) Kubera ko Eli yari se wabo akaba n’umuherezi mukuru wa Isirayeli, yari n’igikorwa c’ukubatoza indero, ariko yarabakangiriye vyonyene n’ubwitonzi. Eli ‘yagumye yubaha abahungu biwe kubarutisha Yehova.’ (1 Samweli 2:29) Igihano caraje ku nzu ya Eli. Abahungu biwe bompi bǎpfiriye umusi umwe na se, umuryango wabo w’abaherezi ukuraho uraranduka muhenu. Gutyo nya kugira ico abazwa kwari gushizwe mu buryo.—1 Samweli 3:13, 14; 4:11, 17, 18.
15. Ni kuki Yonatani mwene Mwami Sauli yahawe ishimwe?
15 Akarorero gatandukanye rwose ni akatanzwe na Yonatani mwene Mwami Sauli. Vuba inyuma y’aho Dawidi yiciye Goliyati, “umutima wa Yonatani [waciye] ufatana n’uwa Dawidi akaramata,” hanyuma bapfundika isezerano ry’ukugiranira ubugenzi. (1 Samweli 18:1, 3) Bisa n’uko Yonatani yabonye ko impwemu y’Imana yavirîye Sauli, ariko ishaka uwo Yonatani yari afitiye insengo y’ukuri ryagumye ritagabanije. (1 Samweli 16:14) Inkenguruko Yonatani yari afitiye ubukuru Dawidi yahawe n’Imana ntiyigeze ijugumba. Yonatani yaratahuye ko hariho ico abazwa ku Mana, kandi Yehova yaramuhaye ishimwe kubera ingendo yiwe yubahitse, mu kuraba neza ko umuryango wiwe ubandanije amāruka n’ayandi.—1 Ngoma 8:33-40.
Ukubazwa Kuriho mw Ikorane Rikirisu
16. Tito yari nde, kandi ni kuki vyovugwa ko yishuye neza ku Mana ku bimwerekeye?
16 Ivyanditswe vy’Ikigiriki Bikirisu birayāga neza abagabo n’abagore benshi bisiguye neza ku biberekeye. Nk’akarorero, hǎriho Umukirisu mugiriki yitwa Tito. Havugwa yuko yacitse Umukirisu mu gihe c’urugendo rw’ubumisiyonari rwa mbere Paulo yagize i Kupuro. Kubera ko Abayuda n’abakebanuke b’i Kupuro bashobora kuba bari i Yeruzalemu mu gihe ca Pentekote yo mu 33 G.C., Ubukirisu bushobora kuba bwǎshikiriye nya zinga mu nyuma yaho gatoyi. (Ivyakozwe n’intumwa 11:19) Naho ari ukwo, Tito yaragaragaye ko ari umwe mu bakozi bizerwa bakorana na Paulo. Yaraherekeje Paulo na Barunaba ku rugendo rw’ukuja i Yeruzalemu nko mu 49 G.C., igihe ca kibazo gihambaye c’ivy’ugukebwa catorerwa inyishu. Ivy’uko Tito yari uwutakebwe vyarongereje uburemere ku ciyumviro ca Paulo c’uko abakebanukiye Ubukirisu badakwiye kurongōrwa n’Iteka rya Musa. (Ab’i Galatiya 2:1-3) Igikorwa ngenerwa ciza ca Tito kirashingirwa intahe mu Vyanditswe, kandi mbere Paulo yaramurungikiye ikete rihumetswe n’Imana. (2 Ab’i Korinto 7:6; Tito 1:1-4) Biboneka ko gushika mu mpera nyene z’ingendo ziwe kw isi, Tito yabandanije kwishura neza ku Mana ku bimwerekeye.
17. Timoteyo yishuye neza mu buryo nyabaki, kandi ako karorero koshobora gukora iki kuri twebwe?
17 Timoteyo yari uwundi muntu munyeshaka yishuye neza kuri Yehova Mana, bimwe vyemeretse. Naho Timoteyo yarwaragurika, yarashize ahabona ‘ukwizera kutarimwo uburyarya’ yongera ‘arajakarana na Paulo mu vy’ugushikana kure ubutumwa bwiza.’ Uwo muposolo mu nyuma yarashoboye kubwira Abakirisu bagenziwe b’i Filipi ati: “Simfise uwundi ari n’umutima nk’uw’uwo [Timoteyo], yobabara ivyanyu vy’ukuri.” (2 Timoteyo 1:5; Ab’i Filipi 2:20, 22; 1 Timoteyo 5:23) Imbere y’intege nke z’umuntu hamwe n’ibindi bigeragezo, na twebwe turashobora kugira ukwizera kutagiramwo uburyarya kandi tugashobora kwisigura neza ku Mana.
18. Ludiya yari nde, kandi ni agatima nyabaki yerekanye?
18 Ludiya yari umugore yibanga Imana, uwo bigaragara ko yishuye neza ku Mana ku bimwerekeye. We hamwe n’inzu yiwe bari mu bantu ba mbere b’i Buraya bǎyobokeye Ubukirisu kubera igikenurwa ca Paulo i Filipi nko mu 50 G.C. Ludiya imvukira y’i Tuwatira, umengo yari uwakebanukiye Ubuyuda, ariko i Filipi hashobora kuba hǎri Abayuda bakeyi kandi ata n’isinagogi n’imwe ihari. Uwo hamwe n’abandi bagore bakunda Imana bǎhwaniye hampande y’uruzi igihe Paulo yabagambira. Umwanzu wavyo ni uko Ludiya yacitse Umukirisu vyongeye aringinga Paulo n’abo vyifatanije ngo bagumane na we. (Ivyakozwe n’intumwa 16:12-15) Ubwakīrabashitsi Ludiya yaranze buguma ari iharama ndobanuzi ry’Abakirisu b’ukuri.
19. Doruka yishuye neza ku Mana ku bimwerekeye mu gukora ibikorwa vyiza ibihe?
19 Doruka ni uwundi mugore yishuye neza kuri Yehova Mana ku bimwerekeye. Igihe yapfa, Petero yaragiye i Yopa nk’uko vyari vyasabwe n’abayoboke babayo. Abagabo babiri bǎsanganiye Petero “bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo.” Doruka yarasubijwe muzima. Ariko yoba ari uwo kwibuka kubera gusa umutima bigaburo wiwe? Oyaye. Yari “umwigishwa” akaba kandi vy’ukuri ubwiwe yaraja mu gikorwa c’uguhindura abayoboke. Abagore bakirisu kino gihe na bo nyene “[b]ari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi.” Baragira kandi akanyamuneza ko kujamwo mu vy’ukuvugira aheru inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abayoboke.—Ivyakozwe n’intumwa 9:36-42; Matayo 24:14; 28:19, 20.
20. Ni ibibazo biki twoshobora kwibaza?
20 Bibiliya iraranga bimwe bitonganutse yuko amahanga n’abantu umwumwe ukwiwe bategerezwa kugira ico babazwa ku Mukama Segaba Yehova. (Zefaniya 1:7) Niba twariyeguriye Imana, twoshobora rero kwibaza, duti ‘Jewe noba mbona gute uduteka natewe n’Imana hamwe n’amabanga yanshinze? Jewe ndiko nishura nte kuri Yehova na Yezu Kirisitu ku binyerekeye?’
Wewe Wokwishura Iki?
◻ Wotanga igihinyuza ute c’uko abamarayika n’Umwana w’Imana hariho ico babazwa kuri Yehova?
◻ Ni uburorero bwo muri Bibiliya ubuhe buhari buranga yuko Imana iri n’ico ibaza amahanga?
◻ Bibiliya ivuga iki ku vy’ukuba umwumwe wese ari n’ico abazwa ku Mana?
◻ Abantu bamwebamwe bavugwa muri Bibiliya bǐshuye neza kuri Yehova Mana ni bande?
[Ifoto ku rup. 8]
Yezu Kirisitu yarishuye neza kuri Se wiwe wo mw ijuru ku bimwerekeye
[Abo dukesha ifoto ku rup. 11]
Urupfu rwa Abeli/The Doré Bible Illustrations/Dover Publications, Inc.
[Ifoto ku rup. 13]
Nka kumwe kwa Doruka, abagore bakirisu kino gihe barishura neza kuri Yehova Mana ku biberekeye