ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/7 rup. 3-4
  • Imana Yoba Yemera Ubwoko Bwose bw’Insengo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana Yoba Yemera Ubwoko Bwose bw’Insengo?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Insengo Nteramazinda mu Bihe vya Kera
  • Insengo Ityorotse Icîka Iyandukijwe
  • Yaraburaniye ugusenga gutyoroye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ubu ni co gihe c’uko ufata ingingo ntabanduka yo kugira ico ukoze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yaraburaniye ugusenga gutyoroye
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/7 rup. 3-4

Imana Yoba Yemera Ubwoko Bwose bw’Insengo?

IMANA yaremanye umuntu inkenero y’ivy’impwemu—inkenero y’ugusenga. Si ikintu caciye mu muhindaguriko. Cari igihimba c’umuntu kuva mu ntango.

Ariko rero ikibabaje, ubwoko-muntu bwarashizeho uburyo bwinshi bw’ugusenga, kandi ahanini ubwo ntibwimbutse umuryango w’abantu wunze ubumwe. Ahubwo intambara nsesamaraso ni zo n’ubu zirirwa zirarwanwa mw izina ry’idini. Ivyo biravyura ikibazo gihambaye: Ukuntu umuntu asenga Imana kwoba kuri n’ico kuvuze?

Insengo Nteramazinda mu Bihe vya Kera

Amahanga ya kera yari atuye mu Buseruko Ncahagati aratanga akarorero k’ivyabaye kera gatuma twishura ico kibazo. Abatari bake barasenze imana yitwa Bayali. Barasenze kandi abanagore bagenzi ba Bayali, nka Ashera. Insengo ya Ashera yarimwo ikoreshwa ry’umugogo mutagatifu běmera ko ari ikigereranyo c’ivy’ukwimara inambu y’umubiri. Abacukurabutaka bakoze muri iyo ntara bǎrimvye baratora amashusho indiri y’abagore bari umutumburwe. Ayo mashusho, nk’uko bivugwa icese n’igitabu The Encyclopedia of Religion, “yerekana imanakazi yanikiye ibihimba vy’irondoka, iseguye amabere yayo,” kandi “ngirango igereranya . . . Ashera.” Kimwe coco kidaharirwa, insengo ya Bayali kenshi yari nshegabo.

Ntidutangazwa rero n’uko insengo ya Bayali yarimwo ubudandahirwe bwo mu vy’ukwimara inambu y’umubiri. (Guharūra 25:1-3) Shekemu Umunyakanani, yarasambanije ku gahato ya nkumi Dina y’isugi. Nanzi ivyo, nticabujije ko abonwa nk’umugabo mwubahwa kuruta bose mu muryango iwabo. (Itanguriro 34:1, 2, 19) Ubugoke, ubumaranenambu gitsinakimwe, hamwe n’ivy’ukwimarira inambu ku gikoko, vyari akandagaye. (Abalewi 18:6, 22-24, 27) Ijambo “ubusodomu” ryonyene, agasangwa ni umumogorero w’abamaranenambu gitsinakimwe, rivuye mw izina ry’igisagara cigeze kubaho muri urwo ruhande rw’isi. (Itanguriro 19:4, 5, 28) Insengo ya Bayali kandi yaragirwamwo n’ivy’ugusesa amaraso. Kanatsinda, abasenzi ba Bayali bǎrata abana babo babona mu muriro ururumba, ngo ni ikimazi bahaye imana zabo! (Yeremiya 19:5) Iyo mimogorero yose yari ijanye n’inyigisho z’ivy’idini. Uti gute?

“Ubusomore, amarara hamwe n’ivy’ukwihereza ibitito binyakanani,” ivyo bisigurwa na Dgt. Merrill Unger mu gitabu ciwe Archaeology and the Old Testament, “ni bibi bihebuje kuruta ahandi hose mu Buseruko Ncahagati muri ico gihe. Kandi ikiranzi gitangaje c’ibimana binyakanani, ic’uko bitǎgira ingeso runtu n’umuziriziri, gishobora kuba gikomeza utugeso tubi bihebuje mu bǎzīyahagurira, gitegerezwa kuba carakwega myinshi mu mimogorero y’intěkūza vy’ico gihe, nk’uburâyaguzi (ubumaraya), [n’]ugutangako abana ibimazi.”

Imana none yoba yaremera insengo y’abanyakanani? Urumva ko bitashoboka. Yarigishije Abisirayeli ukugene boyisenga mu buryo butyorotse. Ku biraba imimogorero ihejeje kuvugwa, yabûye iti: “Ntimuze mugire ico mwiyandurisha na kimwe mur’ivyo vyose; kukw ivyo vyose ari vyo vyanduje amahanga ngira nze nirukane imbere yanyu, bikanduza n’igihugu cabo; ni co gituma ngira ngihōre ibigabitanyo vyaco, ico gihugu kikahava kidahwa abakibamwo.”—Abalewi 18:24, 25.

Insengo Ityorotse Icîka Iyandukijwe

Abisirayeli benshi ntibemeye ukuntu Imana yabona insengo ityorotse. Ahubwo, bararetse insengo ya Bayali irabandanya mu gihugu iwabo. Nuko, Abisirayeli ntibatevye kuryosharyoshwa ngo bagerageze kuvanganya insengo ya Yehova n’iya Bayali. Imana none yoba yaremeye ubwo bwoko bw’insengo y’imvange? Ihweze ivyashitse mu gihe c’ingoma y’Umwami Manase. Yarashingiye ibicaniro Bayali, araturira umwana wiwe bwite ngo atanze ikimazi, yongera aramogorera ubumaji. “Ca gishushanyo ca Ashera [ʼashe·rahʹ mu giheburayo] yabāje agishinga mu ngoro y’Uhoraho, iyo Uhoraho yari [yaravuze] . . . ati Mur’iyi ngoro, . . . nzohashira izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose.”—2 Abami 21:3-7.

Abatwarwa ba Manase barakurikiye akarorero k’umwami wabo. Kukaba nkako, “[yagumye] abakwegera mu bibi kuruta ivyo amahanga yakora, ayo Uhoraho yaranduye imbere y’Abisirayeli.” (2 Abami 21:9) Ah’ukutirengagiza imburizi nyisubirizi zava ku bamenyeshakazoza b’Imana, Manase yarakoze ubugandaguzi gushika aho Yeruzalemu ayuzuza amaraso y’inzirabusa. Naho Manase yahavuye atunganya ibintu busha, umwana wiwe ari na we yamusubiriye, Umwami Amoni, yaravyukirije insengo ya Bayali.—2 Abami 21:16, 19, 20.

Mu nyuma, abarume b’indaya batangura gukorera mu rusengero. None Imana yabona gute iyo nseruro y’insengo ya Bayali? Biciye kuri Musa, yari yabūye ati: “Ntihaze hagire ūjana mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu ibihērewe maraya, cank’ibihērewe umugabo yendwa ngw abishikishe isezerano iry’ari ryo ryose: kukw ivyo vyompi ar’ubuyobe k’Uhoraho Imana yanyu.”—Gusubira mu vyagezwe 23:17, 18, ivyanditse amaja epfo (NW).

Umwuzukuru wa Manase, Umwami Yosiya, yarahumanuye urusengero arukuramwo insengo y’ubushegabo ya Bayali. (2 Abami 23:6, 7) Ariko amazi yari yamaze kurenga inkombe. Inyuma y’urupfu rw’Umwami Yosiya, ata n’igihe kinini giheze, insengo y’ibigirwamana yari yasubiye kubera mu rusengero rwa Yehova. (Ezekiyeli 8:3, 5-17) Ni co gituma Yehova yatumye umwami w’i Babiloni asenyagura Yeruzalemu n’urusengero rwaho. Ico kirukuri giteye umubabaro co muri kahise ni igihinyuza c’uko imero zimwezimwe z’insengo zitemerwa n’Imana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika