30 WA MUPFAKAZI W’I ZAREFATI
Yaragize umutima rugabo mu bihe bitoroshe
ASHOBORA kuba yibaza ko ata wumubona, ariko si ko vyari biri. Hoba hari uwabona ivyo yariko aracamwo? Hoba hari uwari avyitayeho? Yari umupfakazi akaba na inabibondo. Muri Isirayeli, abapfakazi barungukira ku mategeko y’Imana arangwa urukundo yakingira abapfakazi n’impfuvyi. Ariko uwo mupfakazi ntiyari Umwisirayelikazi. Yaba i Zarefati, igisagara co mu karere ka Sidoni. Biboneka ko Etibayali umwami wa Sidoni yari umuherezi w’imanakazi Ashitoreti. Gusenga Ashitoreti vyarimwo ibintu bibi vy’ubwoko bwose. Muri ico gihugu ubwicanyi bwari bwagwiriye, abantu na bo ntiboroherwa no kuronka ikibabeshaho kubera uruzuba n’inzara. None uwo mupfakazi w’umukene yoba yokwizigiye ko hari uwomwitayeho?
Yarakora cane kugira we n’umuhungu wiwe baronke utwo bafungura. Ariko rero ibintu vyaguma vyunyuka kandi vyasa n’uko bari bagiye gupfa.
Mugabo hari ikintu kidasanzwe kandi c’agaciro uwo mupfakazi yari afise. Haciye nk’imyaka 1.000, Yezu Kristu yaravuze ko Yehova yabonye ko uwo mupfakazi yari atandukanye cane n’Abisirayeli batari bafise ukwizera. Bishoboka ko uwo mupfakazi yari yarize ivyerekeye Yehova Imana y’Abisirayeli. Kumbure yari yarakozwe ku mutima n’ukuntu Yehova afata abasavyi biwe. Yaramwizera. Ariko none Yehova yokoreye iki uwo mugore aba mu karere k’abanyamahanga, mu gihugu c’abapagani? Yaramurungikiye ingabire idasanzwe.
Yehova yarasavye umuhanuzi wiwe Eliya ngo agende mu buraruko kuraba uwo mupfakazi, maze agumane na we muri ico kiringo c’uruzuba. Igihe uwo muhanuzi yashika i Zarefati yarabonye umugore ariko aratoragura udukwi. Yaramuyagishije n’umutima mwiza, amusaba ikintu gisanzwe ati: «Ndagusavye umfashishe utuzi two kunywa.» Uwo mugore ntiyari bwigere abona Eliya, ariko Bibiliya ivuga ko ‘yaciye agenda kumuzanira amazi.’ Kumbure yumvise ijwi Eliya yakoresheje n’amajambo aranga ubuntu yamubwiye, akaraba n’ukuntu yari yambaye, yaramenye ko uwo mugabo yari umuhanuzi wa Yehova. Eliya na we nyene ashobora kuba yaribajije nimba uwo mugore ari we mupfakazi Yehova yari yamutumyeko. Ni co gituma kugira ngo abimenye yaciye amusaba ngo amuzanire n’agakate.
Ivyo vyatumye uwo mupfakazi yiganira Eliya uko ivyiwe vyifashe. Yatanguye avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, yo Mana yawe.» Ivyo birerekana ko yizera ko Yehova ari Imana y’ukuri, «Imana nzima.» (Yer. 10:10) Yaciye abwira Eliya ko ata mukate afise. Yari afise gusa agafu gakeya mu mubindi munini n’utuvuta dukeyi mu gakarabo. Yagira acane kugira ateke imfungurwa za nyuma asangira n’umuhungu wiwe. Yavuze ati: «Nta bindi tuzoronka, tuzoca dupfa.»
Wa mupfakazi w’i Zarefati n’umuhungu wiwe bari basigaranye utuntu twa nyuma two gufungura, ariko umuhanuzi wa Yehova yamusavye kumuha n’utwo yari asigaranye
Ategerezwa kuba yaratangaye cane igihe Eliya yamubwira ati: «Ntutinye.» None yari kubuzwa n’iki gutinya kandi yimirije kubona umuhungu wiwe yicwa n’inzara? Naho ari ukwo yaramwumvirije. Eliya yaciye abwira uwo mupfakazi ikintu gitangaje Yehova yasezerana kumukorera. Yamubwiye ko hamwe yobanza kumukorera agakate akakamuha, Yehova yomuhezagiye. Yamubwiye ko muri uwo mubindi no muri ako gakarabo hatokwigeze haburamwo ifu n’amavuta gushika uruzuba ruheze.
Uwo mupfakazi yoba yari kwerekana ko yizera Yehova, agakora ivyo Eliya amubwiye? Yoba yari guha uwo muhanuzi wa Yehova udufungurwa twa nyuma nyene yari asigaranye? Biboneka ko yari azi ko Yehova yakoreye abasavyi biwe ibintu vyinshi cane bitangaje, ko rero atonanirwa no kugaburira uwo mupfakazi n’umuhungu wiwe. None yoba yari kugira umutima rugabo wo kugamburuka? Bibiliya igira iti: «Nya mugore aragenda, akora ivyo Eliya amubwiye.»
Yehova yarahezagiye cane uwo mugore. Mu buryo bw’igitangaro yaratumye hatigera habura ifu n’amavuta vyo kugaburira Eliya n’uwo mupfakazi n’umuhungu wiwe gushika uruzuba rurangiye. Yehova mbere yaramukoreye ikintu gitangaje kuruta. Bukwi na bukwi, uwo muhungu w’uwo mupfakazi yararwaye aca arapfa. Mugabo Yehova yarakoresheje Eliya arazura uwo muhungu! Iryo ni ryo zuka rya mbere rivugwa muri Bibiliya. Uwo mupfakazi ategerezwa kuba yararushirije kugira umutima rugabo amaze kubona ico gitangaro. Kuva ico gihe akarorero kiwe kararemesheje abantu benshi kugira ukwizera gukomeye.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Wa mupfakazi w’i Zarefati yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Abantu b’i Sidoni basenga iki, kandi ni ibiki bakora mu bijanye no gusenga? Ukwo kuntu basenga vyagize akosho akahe ku Bisirayeli? (it «Sidon, Sidoniens» ing. 4-wcgr) A
Penta Springs Limited/Alamy Stock Photo
Ifoto A: Igishusho ca Ashitoreti cahinguwe nko mu 1500 imbere ya Kristu
2. Umwami Etibayali yapfana iki na Ahabu umwami wa Isirayeli? (it «Ethbaal»-wcgr)
3. Abo mu karere wa mupfakazi yabamwo basenga imanakazi yitwa Ashitoreti (Astarte). Ni imigenzo iyihe ijanye no gusenga kwabo ikiriho no muri iki gihe? (g93 22/11 13 ing. 1-4-wcgr)
4. Igihe umuhungu wa wa mupfakazi yapfa, ni igiki gishobora kuba caratumye uwo mupfakazi abaza Eliya ati: «Mbega waje iwanje kunyibutsa ivyaha vyanje no kunyicira umwana?» (1 Abm. 17:18; w14 15/2 15 ing. 4-5) B
Ifoto B
Rondera ivyigwa wohakura
Yehova yarabona wa mupfakazi naho yaba ahantu basenga imana z’ikinyoma. Ivyo bikwigisha iki ku vyerekeye Yehova no ku kuntu dukwiye kubona abantu bo mu cibare cacu? (Ivyak. 10:35)
Abakirisu bafise ingorane y’ivy’ubutunzi bokwigira iki ku kwizera n’umutima rugabo vya wa mupfakazi w’i Zarefati? C
Ifoto C
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa wa mupfakazi w’i Zarefati?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza wa mupfakazi w’i Zarefati niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Cokimwe na wa mupfakazi w’i Zarefati, twokwerekana gute ko ubucuti dufitaniye na Yehova buhambaye kuruta ibintu vy’umubiri?
«Gushimwa n’Imana bishikana ku buzima budahera» (w11 15/2 13-17)
Raba ivyemeza ko Yehova ashima ibikorwa vyose biranga ukwizera naho vyoba ari bitobito.