ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 13 rup. 66-69
  • Yarakurikije ubuyobozi busa n’ubutumvikana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yarakurikije ubuyobozi busa n’ubutumvikana
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Yosuwa 1:9: “Gira umutima rugabo kandi ukomere”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Ivyo Yosuwa Yibutse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yosuwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Yipfuza ko twererwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 13 rup. 66-69

13 YOSUWA

Yarakurikije ubuyobozi busa n’ubutumvikana

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

YOSUWA ariko aritegereza igisagara ca Yeriko, Imana ikaba yamubwiye ngo agitere maze agihonye. Aribuka amajambo Yehova yamubwiye imbere y’uko Musa apfa ati: «Gira umutima rugabo kandi ukomere.» (Gus. 31:23) Yehova kandi aheruka kumubwira amajambo asa n’ayo, ati: «Gira umutima rugabo kandi ukomere cane.» (Yos. 1:7) Emwe, Yosuwa yari akeneye cane umutima rugabo. Uti kubera iki?

Yeriko nticari igisagara kinini cane ariko cari gikomeye, gikikujwe n’uruzitiro runini rugikingira. Ni co Abisirayeli babwirizwa gutangura gutera kugira ngo bigarurire igihugu c’isezerano. Abantu bo muri ico gisagara bakora ibintu bibi cane. Imyaka amajana imbere y’aho, Yehova yari yarabwiye Aburahamu ibijanye n’«ikosa ry’Abamori», aho akaba yariko yerekeza ku bantu bose baba muri ako karere ka Kanani. Yavuze ko umusi uri izina ibikorwa vyabo bibi ‘vyokwuzuye’, maze agaca ashitsa urubanza yabaciriye. (Ita. 15:​16, akajambo k’epfo.) Uwo musi wari ushitse. Abantu b’aho barasenga ibigirwamana, bagakora ubumaraya ku rusengero, bakaryamana n’abo basangiye ibitsina, bakaryamana n’incuti zabo za hafi, bakaryamana n’ibikoko, mbere bagashikana abana babo ngo babe ibimazi vy’imana z’ikinyoma. Abanyakanani bari barabaye babi cane ku buryo igihugu cabo cagomba kubadahwa! (Lew. 18:​3, 6, 21-27) None Imana yoshikije urwo rubanza gute?

Yehova yabwiye Yosuwa ngo atere igisagara cari gikikujwe n’uruhome akoresheje uburyo umuntu asanzwe ari umusoda yabona umengo ntibwumvikana

Imana yokoresheje Yosuwa n’abasoda biwe b’intahemuka. Abo basoda bari biteguriye gukurikiza ubuyobozi bwa Yehova. Igikorwa co gukura abantu babi muri ico gihugu Yehova yagitanguriye i Yeriko. Ariko Yehova yahaye Yosuwa ubuyobozi wamengo ntibwumvikana! Ntiyamubwiye ngo bashike batera ico gisagara, canke ngo bamare igihe bacugarije. Ahubwo yamubwiye ngo bakizunguruke. Yamubwiye ngo bamare imisi itandatu bakizunguruka, rimwerimwe ku musi. Yabwiye n’abaherezi ngo bakizunguruke bafise isandugu y’isezerano bongera bavuza inzamba. Ku musi ugira indwi, bose babwirizwa kuzunguruka ico gisagara incuro indwi, bagaca bavuza induru.

Abasoda b’Abanyakanani biteguriye kurwana, bahagaze ku ruhome rwa Yeriko bariko bararaba bahagaritse umutima ukuntu Abisirayeli bazunguruka ico gisagara.

Yosuwa yari amenyereye indwano. Ku muntu asanzwe ari umusoda ubwo buyobozi ntibwumvikana. Vyogenze gute Abisirayeli batsinzwe kuri urwo rugamba? Ubwo ntivyari gutuma abandi Banyakanani bose bo mu bindi bisagara biyemera, bagaca batera Abisirayeli?

Ariko Yehova yari yamaze kwereka Yosuwa imvo zotuma amwizigira. Igihe Yosuwa yarungika abantu babiri ngo baje gusuma urusaku i Yeriko, bariboneye ko abantu b’i Yeriko batinya cane Abisirayeli. Yehova kandi yari yaratumye amazi y’uruzi Yorodani ahagarara, Abisirayeli babona kujabuka.

Nta gukeka ko Yosuwa yazirikanye kuri ivyo bintu vyatuma arushiriza kwizera Imana yiwe. Ivyo vyaratumye agira umutima rugabo wo kugamburuka. Yaciye aja imbere abasoda biwe barazunguruka Yeriko, abaherezi na bo baravuza inzamba. Ariko nta n’uwadobotse ava muri ico gisagara. Cari «cugaye kidadiye» kubera ubwoba. Bukeye Yosuwa yarasubiriye kuja imbere mu kuzunguruka ico gisagara, arakora nk’uko nyene Yehova yamubwiye. Bamaze imisi itandatu babigenza ukwo nyene. Umusi ugira indwi waratevye urashika.

Kuri uwo musi, Yosuwa n’abasoda biwe bazungurutse Yeriko incuro indwi. Bahejeje kuzunguruka incuro igira indwi, baciye bagira ikintu kidasanzwe. Yosuwa yaciye asemerera ati: «Nimwihe akamo, kuko Yehova abahaye iki gisagara.» Emwe, ntibatebaganye. Dusoma duti: ‘Abasoda bakimara kwiha akaruru gakomeye k’intambara, uruzitiro ruca rusenyukira hasi.’

Yosuwa n’abasoda biwe baciye binjira muri ico gisagara, barica ikintu cose kiri n’ubuzima, nk’uko Yehova yari yabategetse. Igihe cose Yehova yari kumwe na Yosuwa n’abasoda biwe, barahoneje ibisagara vyinshi n’amahanga menshi. Yehova yari agiye yakura muri ico gihugu «ikosa ry’Abamori»!

Ariko, hariho agace gatoya k’uruhome rwa Yeriko katabomotse. Kubera iki? Kubera ko hariho umugore wo muri ico gisagara yagaragaje umutima rugabo udasanzwe yongera arizera Imana bimwe bishitse. Turabona ivyiwe mu kigabane gikurikira.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Gusubira mu vyagezwe 20:​16-18

  • Yosuwa 2:​1, 9-11, 24; 3:​14-17; 5:1; 6:​1-21, 24

Ikibazo co kuganirako:

Yosuwa yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Ivyanditswe vyahumetswe Yosuwa yashobora kuronka vyari ibihe? (w09 1/12 17 ing. 4, akajambo k’epfo.) A

    Yosuwa yicaye imbere y’ihema ariko arasoma umuzingo mw’ijoro.

    Ifoto A

  2. 2. Imbere y’uko Abisirayeli bazunguruka Yeriko, ni igiki Yehova yabwiye Yosuwa gukora? Kubera iki womengo ico kintu nticari kibereye? (Yos. 5:​2-8; w18.10 23 ing. 5-7)

  3. 3. Ni igiki cerekana ko igisagara ca Yeriko cafashwe ata kiringo kirekire kihaciye gisugerejwe? (w15 15/11 13) B

    Kennedy, Titus (2023). The Bronze Age Destruction of Jericho, Archaeology, and the Book of Joshua. Accessed via researchgate.net. Licensed under CC by 4.0 DEED

    Ifoto B: Imibindi yarimwo intete zikaranze yubuwe ahahora igisagara ca Yeriko

  4. 4. Ubuhanuzi bwerekeye Yeriko buvugwa muri Yosuwa 6:26 bwarangutse gute? (w98 15/9 21 ing. 8-wcgr)

Rondera ivyigwa wohakura

  • Ni ibiki vyafashije Yosuwa kwizigira ivyo Yehova yasezeranye? (Yos. 23:14) Ni igiki codufasha kugira ukwizera nk’ukwo muri iki gihe?

  • Akarorero ka Yosuwa kadufasha gute gukurikiza ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe ry’Imana? C

    Sebibondo ahagarikiye ugusenga kwo mu muryango ariko arafasha umukenyezi wiwe n’abana biwe babiri kwitegurira ivyago vyoshobora gushika. Bariko bararaba ya videwo ivuga ngo «Woba witeguriye icago?» Imbere yabo hari amacupa y’amazi, amahera, Bibiliya, ibifungurwa vyo mu magopo, amasakoshi yo guhungana, n’ibindi.

    Ifoto C

  • Wokwigana gute umutima rugabo wa Yosuwa?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Yosuwa niyazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Akarorero ka Yosuwa kadufasha gute kugira ivyo twigiye ku bantu bahumuye, kwizigira ivyo Imana yasezeranye no kuguma turi intahemuka naho abakirisu bagenzi bacu botubabaza?

«Ivyo Yosuwa yibutse» (w02 1/12 9-12)

Nufashe abana bawe kugira ivyo bigiye ku bintu bihambaye vyabaye mu buzima bwa Yosuwa.

«Yosuwa» (Agakarata k’uwuvugwa muri Bibiliya)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika