12 KALEBU
Yararwaniye Imana yiwe adahemuka
NKO mu gihe Musa yahunga akava mu Misiri, hari umwana yitwa Kalebu yavutse ku Bisirayeli b’abashumba bari ng’aho. Uwo mwana yakuriye mu buja, ariko yahavuye abona ingene barekurwa. Igihe Kalebu yari afise imyaka nka 40, Musa yarasubiye mu Misiri, ico gihe hoho akaba ari Yehova yari yamutegetse ngo aje gukura Abisirayeli mu buja. Kalebu ashobora kuba yaratangaye yongera aranezerezwa no kubona ingene Yehova yerekana ububasha bwiwe mu guteza vya vyago cumi, mu gucamwo kubiri ikiyaga Gitukura no mu kurokora abasavyi biwe.
Kalebu ntiyigeze yibagira ivyo bintu bikomeza ukwizera yiboneye. Haheze amezi makeyi, Abisirayeli benshi batagira ukwizera baragararije ku musozi Sinayi ariko Kalebu yagumye ari intahemuka. Mu nyuma Musa yarashinze Kalebu igikorwa kidasanzwe co kuja gusuma urusaku mu gihugu c’isezerano ari kumwe na Yosuwa n’abandi bakuru cumi b’Abisirayeli.
Abo bagabo 12 baragize umutima rugabo baraja i Kanani bamara imisi 40 basuma urusaku mu bisagara vyaho, mu bantu baho no mu vyimburwa vyo muri ico gihugu. Bagarutse bafise ivyamwa bimwebimwe, harimwo ishami rinini cane ririko inzabibu. Ryari rinini cane ku buryo abagabo babiri ari bo baritwara. Ariko hageze ko biganira abandi Bisirayeli ivyo bari babonye, Kalebu ategerezwa kuba yaravunitse umutima yumvise ivyo abo bandi bagabo cumi bavuze. Dusoma duti: «Baguma bashikiriza Abisirayeli amakuru mabi.» Baridoze bavuga ko Abanyakanani bari bakomeye cane ku buryo batoshobora kubatsinda kandi ko bari baninibanini. Mbere baranavuze ko abo Banyakanani bakomoka ku Banefili kandi Abanefili bari barahonejwe n’umwuzure. Abantu bose baciye bagira ubwoba, mbere baca bavuga ko botora iyindi ndongozi ngo ibasubize mu Misiri.
Kalebu na Yosuwa bobo bagumye bizigiye Yehova. Baragerageje kuremesha abo Bisirayeli bari bafise ubwoba bwinshi, bababwira bati: «Yehova ari kumwe natwe. Ntimubatinye.» Ariko abo Bisirayeli batagira ukwizera baciye barushiriza gushavura. Baranavuze ko bokwicisha amabuye Kalebu na Yosuwa!
Ivyo vyarababaje cane Yehova. Inyuma y’ibintu vyose yari yarabakoreye mu kurwanya ihanga rikomeye rya Misiri, Abisirayeli ntibatevye gutakaza ukwizera. Ariko Imana yarabonye umutima rugabo n’ukwizera Kalebu na Yosuwa bari bafise. Yehova mbere yavuze ati: ‘Umusavyi wanje Kalebu ntiyabaye nka bo kandi yagumye ankurikira n’umutima wiwe wose.’ Yafashe ingingo y’uko urwo runganwe rwose rutagira ukwizera rwopfiriye mu bugaragwa.a Ariko Kalebu na Yosuwa bari mu bantu bakeyi Yehova yemeye ko bobandanya kubaho bakinjira mu gihugu c’isezerano.
Kalebu yagumye ari intahemuka kuri Yehova naho Abisirayeli bahemutse kandi bakaba bashaka kumugirira nabi
Mu kiringo cose c’imyaka 40 Abisirayeli bamaze bayerera mu bugaragwa, Kalebu yagumye agaragaza ukwizera n’umutima rugabo. Yarashigikiye Musa adahemuka yongera arashigikira Yosuwa Musa amaze gupfa, igihe Yehova yashinga Yosuwa ibanga ryo kuyobora abasavyi biwe akabajabukana uruzi Yorodani, akabinjiza mu gihugu c’isezerano. Naho Kalebu yari ashaje, yararwanye n’abansi b’Imana i Kanani abigiranye umutima rugabo.
Inyuma y’imyaka itandatu abasavyi b’Imana bajabutse uruzi Yorodani, bari bamaze kwigarurira igihugu c’isezerano nka cose. Haza hagera ko Kalebu ahitamwo aho yoja kuba we n’umuryango wiwe. Yahisemwo i Heburoni, akarere ba basumyi b’urusaku batagira ukwizera bari bavuze ko gakingiwe n’abarwanyi bakomeye, ko Abisirayeli badashobora kukigarurira. Naho Kalebu yari afise imyaka 85, yari yizigiye Yehova bimwe bikomeye ku buryo yavuze ati: «Yehova azobana nanje. Nzobomora nk’uko Yehova yabisezeranye.» Kandi ukwo nyene ni ko vyagenze. Kalebu yarigaruriye ico gisagara, aca akibamwo. Inyuma y’aho, Bibiliya ivuga iti: «Nuko igihugu kiruhuka intambara.»
Imyaka mirongo imbere y’aho, Musa yari yabwiye Kalebu ati: «Wakurikiye Yehova Imana yanje n’umutima wawe wose.» Nta gukeka ko Kalebu yagumye akurikira Yehova gushika apfuye, kandi nta gukeka ko azobandanya amukurikira no muri kazoza niyazuka!
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Kalebu yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Inzabibu zo mu gihugu c’isezerano zoba vy’ukuri zari nininini nk’uko bivugwa mu Guharura 13:23? (w06 15/6 16 ing. 1-2)
2. Igihugu c’isezerano coba vy’ukuri carimwo «amata n’ubuki» vyinshi nk’uko Kalebu na Yosuwa babivuze? (Guh. 14:8; w11 1/3 15) A
Institute of Archaeology/Hebrew University © Tel Rehov Excavations
Ifoto A: Imizinga y’ibumba yo muri Isirayeli yo kuva mu kinjana ca cumi imbere ya Kristu gushika mu ntango z’ikinjana c’icenda
3. Igihe Musa yarungika ba bagabo 12 ngo baje gusuma urusaku bavuye i Kadeshi, hari hasigaye urugendo rungana gute ngo Abisirayeli binjire mu gihugu c’isezerano? (w04 15/10 17 ing. 11-12) B
Ifoto B
4. Ni gute Yehova yahaye impera Kalebu kubera ukwizera kwiwe n’umutima rugabo? (w06 1/10 18 ing. 11)
Rondera ivyigwa wohakura
Naho Kalebu yagaragaje ukwizera, yabwirijwe kuyererana n’abandi Bisirayeli mu bugaragwa. Ariko yagumye yizigiye Yehova abigiranye ukwicisha bugufi. Ni ryari vyosaba ko twigana Kalebu?
Akarorero ka Kalebu kadufasha gute kunanira abatwosha ‘gukurikira isinzi’? (Kuv. 23:2) C
Ifoto C
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Kalebu?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Kalebu niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Raba ingene ukwizera kwa Kalebu kwari gufitaniye isano rya hafi n’umutima rugabo wiwe.
«Tugire umutima rugabo biciye ku kwizera no ku gutinya Imana» (w06 1/10 16-19 ing. 1-12)
Ni kubera iki umutama Kalebu w’imyaka 85 yavuze ati: «Nakurikiye Yehova Imana yanje n’umutima wanje wose»? (Yos. 14:8)
«Woba ukurikira Yehova mu buryo bwuzuye?» (w93 15/5 26-29-wcgr)
a Ingingo Yehova yafashe ntiyaraba Abalewi canke Abisirayeli batari bwashikane imyaka 20 ico gihe.—Guh. 14:29.