ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lff icig. 45
  • Kutagira aho duhengamiye bisobanura iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kutagira aho duhengamiye bisobanura iki?
  • Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • TWINJIRE MU MIZI
  • INCAMAKE
  • RONDERA N’IBINDI
  • Tugume ata ho duhengamiye mw’isi yiciyemwo ibice
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova bataja muri politike?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • “S’Ab’Isi”
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • “Si Ab’Isi”
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
Ibindi
Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
lff icig. 45
Icigwa ca 45. Mushiki wacu akiri muto ahagaze mu gihe abandi bariko barasubiramwo amajambo ahayagiza igihugu. Wewe ntasubiramwo ayo majambo canke ngo ashire ikiganza ciwe ku gikiriza nk’uko abandi banyeshure bariko barabigira.

ICIGWA CA 45

Kutagira aho duhengamiye bisobanura iki?

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

Yezu yigishije ko abigishwa biwe badakwiye ‘kuba ab’isi.’ (Yohani 15:19) Aho harimwo kutagira aho duhengamiye mu vya politike no mu ntambara zo muri iyi si. Tuvugishije ukuri, ntivyama vyoroshe kuguma ata ho duhengamiye. Abandi barashobora kudutwenga. None ni gute twoguma ata ho duhengamiye maze tukaguma turi intahemuka kuri Yehova Imana?

1. Abakirisu b’ukuri babona gute intwaro z’abantu?

Abakirisu barubaha intwaro. Turashira mu ngiro ivyo Yezu yavuze, “[tukishura] Sezari ivya Sezari.” Ivyo tubigira mu gukurikiza amategeko y’igihugu, nk’ayadusaba kuriha amakori. (Mariko 12:17) Bibiliya yigisha ko intwaro z’abantu ziriho kubera Yehova yabaye arazireka. (Abaroma 13:1) Rero turatahura ko ububasha bw’abantu bufise aho bugarukira. Twiteze ko Ubwami bw’Imana buri mw’ijuru ari bwo buzokuraho ingorane z’abantu.

2. Twokwerekana gute ko ata ho duhengamiye?

Cokimwe na Yezu, ntitwisuka mu vya politike. Igihe abantu babona kimwe mu bitangaro Yezu yakoze, baragerageje kumugira umwami wo kw’isi, ariko ntiyavyemeye. (Yohani 6:15) Kubera iki none atavyemeye? Nk’uko mu nyuma yahavuye abivuga, ni kubera ko ‘ubwami bwiwe atari ubwo muri iyi si.’ (Yohani 18:36) Kubera ko turi abigishwa ba Yezu, turagaragaza ko ata ho duhengamiye mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, ntituja mu ntambara. (Soma Mika 4:3.) Turubaha ibimenyetso vy’igihugu nk’idarapo, ariko ntitubiha icubahiro kibereye Imana. (1 Yohani 5:21) Vyongeye, ntidushigikira canke ngo turwanye umugambwe kanaka canke umuntu yitoje. Muri ubwo buryo hamwe n’ubundi, tuba twerekanye ko dushigikira duherejeko intwaro y’Imana, ni ukuvuga Ubwami bwayo.

TWINJIRE MU MIZI

Reka twihweze ibintu vyoshobora gutuma bitugora kuguma ata ho duhengamiye n’ingene twofata ingingo zihimbara Yehova.

Umugabo agumye ata ho ahengamiye. Ntariko yumviriza abantu bariko bitoza bo mu migambwe itandukanye.

3. Abakirisu b’ukuri baguma ata ho bahengamiye

Yezu n’abigishwa biwe baratubereye akarorero keza. Nimusome Abaroma 13:1, 5-7 na 1 Petero 2:13, 14. Nimuce muraba iyo VIDEWO hanyuma muganire kuri ibi bibazo:

IVIDEWO: Abakirisu b’ukuri baguma ata ho bahengamiye—Igice ca 1 (4:28)

  • Kubera iki dukwiye kwubaha abategetsi?

  • Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe twokwerekana ko tubagamburukira?

Mu bihe vy’intambara, ibihugu bimwebimwe vyoshobora kuvuga ko ata ho bihengamiye ariko ugasanga birashigikira iyo migwi yompi irwana. Ariko mu vy’ukuri, kutagira aho duhengamiye bisobanura iki? Nimusome Yohani 17:16. Nimuce muraba iyo VIDEWO hanyuma muganire kuri iki kibazo:

IVIDEWO: Abakirisu b’ukuri baguma ata ho bahengamiye—Igice ca 2 (3:11)

  • Kutagira aho duhengamiye bisobanura iki?

Bite ho abategetsi badusavye ikintu giteye kubiri n’ivyo Imana idusaba? Nimusome Ivyakozwe 5:28, 29. Nimuce muraba iyo VIDEWO hanyuma muganire kuri ibi bibazo:

IVIDEWO: Abakirisu b’ukuri baguma ata ho bahengamiye—Igice ca 3 (1:18)

  • Igihe amategeko y’abantu adusavye gukora ikintu gitandukanye n’ivyo Imana idusaba, tugamburukira nde?

  • Ni nko mu biki ubona ko abakirisu batogamburukira abategetsi?

4. Nugume ata ho uhengamiye mu vyo wiyumvira no mu vyo ukora

Nimusome 1 Yohani 5:21. Nimuce muraba iyo VIDEWO hanyuma muganire kuri ibi bibazo:

IVIDEWO: Abakirisu b’ukuri barakeneye umutima rugabo—Kugira bagume ata ho bahengamiye muri ino si (2:49)

  • Muri iyo videwo, kubera iki Ayenge yanse kuja mu mugambwe canke kugira uruhara mu bintu bijanye na politike nko kuramutsa idarapo?

  • Wibaza ko yafashe ingingo nziza?

Ni ibindi bintu ibihe vyoshobora gutuma bitugora kuguma ata ho duhengamiye? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

IVIDEWO: Ivyigwa dukura mu Munara w’Inderetsi: Nugume ataho uhengamiye mw’isi yiciyemwo imice (5:16)

  • Ni gute twoguma ata ho duhengamiye igihe turaba inkino zihuza ibihugu?

  • Ni gute twoguma ata ho duhengamiye mbere naho ingingo zafashwe n’abanyepolitike zoba zitugirako ingaruka?

  • Ni gute ibimenyeshamakuru canke abantu twifatanya bishobora gutuma bitugora kuguma ata ho duhengamiye?

Amafoto: 1. Abantu bashavuye bafise ivyapa bakaba bari mu myerekano. 2. Umugabo ariko akoma induru adugije idarapo, akaba ariko arorera urukino. 3. Umunyeshure ariko asubiramwo amajambo ahayagiza igihugu. 4. Umusoda afise ikigwanisho. 5. Abanyepolitike babiri bariko bashikiriza ivyiyumviro vyabo. 6. Umugore ariko ashira ikarata y’itora mu gasandugu.

Ni ryari umukirisu ategerezwa kuguma ata ho ahengamiye mu vyo avuga no mu vyo akora?

HARI UWOBAZA ATI: “Kubera iki mutaramutsa idarapo canke ngo muririmbe ururirimbo rw’igihugu?”

  • Wokwishura gute?

INCAMAKE

Abakirisu barihatira kuguma ata ho bahengamiye mu vya politike, haba mu vyo biyumvira, mu vyo bavuga no mu vyo bakora.

Wize iki?

  • Dukwiye kubona gute intwaro z’abantu?

  • Kubera iki tuguma ata ho duhengamiye mu vya politike?

  • Ni ibiki bishobora gutuma bitugora kuguma ata ho duhengamiye?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Ni ibiki vyoba ngombwa ko duheba kugira tugume ata ho duhengamiye?

Yehova ntiyigeze aduheba (3:14)

Ni ibiki imiryango yokora kugira yitegurire ibintu vyoshobora gutuma bibagora kuguma ata ho bahengamiye?

Nugume ata ho uhengamiye mu biringo muhuriramwo n’abantu benshi (4:25)

Kubera iki kurwanira igihugu atari co kintu gihambaye cane?

“Ku Mana vyose birashoboka” (5:19)

Nurabe ukuntu twoguma tutari ab’isi igihe dufata ingingo zijanye n’akazi.

“Umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro” (Umunara w’Inderetsi, 15 Ntwarante 2006)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika