URURIRIMBO RWA 11
Ivyaremwe birashemeza Imana
Integuro icapuwe
1. Mana yacu, ur’igitangaza
Amajuru arakwamamaza.
Ivyaremwe burya biravuga,
Nah’ijwi ryavyo ata ryo twumva.
Ivyaremwe burya biravuga
Nah’ijwi ryavyo ata ryo twumva.
2. Kugutinya ni bwo bwenge Mana,
Tukabona inzira tujana.
Ivy’uvuga biratuyobora
Tuvyisunze biratugorora.
Ivy’uvuga biratuyobora
Tuvyisunze biratugorora.
3. Kukumenya vyaradutabaye.
Utwigisha kuk’utubabaye.
Kwez’izina ryawe n’agateka,
Uwushaka wese yogaterwa.
Kwez’izina ryawe n’agateka,
Uwushaka wese yogaterwa.
(Raba kandi Zab. 12:6; 89:7; 144:3; Rom. 1:20.)