ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb rup. 2-3
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Niwigane ukwizera kwabo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Isubiramwo ry’igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ingene twokoresha agatabu Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Intangamarara
    Be maso!—2019
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb rup. 2-3
Umuryango uriko uriga igitabu Ivyigwa dukura muri Bibiliya wifashishije Bibiliya

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Bagenzi dusangiye ukwizera,

Kubera ko dusenga Yehova, turakunda Ijambo ryiwe Bibiliya. Turazi neza ko ririmwo amakuru ya kahise atarimwo amakosa, impanuro nziza n’ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko Yehova adukunda. (Zaburi 119:105; Luka 1:3; 1 Yohani 4:19) Turipfuza cane gufasha abandi kumenya ukuri kw’agaciro kuri mw’Ijambo ry’Imana. Ni co gituma duhimbawe no kubaronsa iki gitabu «Ivyigwa dukura muri Bibiliya.» Dukundire tubacire ku mayange ibiri muri co.

Iki gitabu ahanini categuriwe abana. Ariko rero, kirashobora no gukoreshwa mu gufasha abakuze bipfuza kumenya vyinshi kuri Bibiliya. Bisubiye, kubera ko Bibiliya igenewe abantu bose, kwihweza ivyigwa biri muri yo birashobora kutugirira akamaro twese, kuko bidufasha kuronka agahimbare nyakuri.

Iki gitabu kirigana kahise k’umuryango w’abantu uhereye kw’irema, kikabigira gifatiye ku nkuru zo muri Bibiliya. Twarigoye kugira dushikirize izo nkuru mu buryo burashe kandi bworoshe gutahura, kandi aho bishoboka hose twazitondetse nk’uko zagiye zirakurikirana.

Yamara rero, iki gitabu ntigipfa kwigana gusa inkuru zo muri Bibiliya. Igisomwa n’amashusho birimwo vyateguwe ku buryo bidufasha kubona neza ibivugwa muri izo nkuru no gutahura ukuntu abavugwa muri zo biyumva.

Iki gitabu kiradufasha kubona ko Bibiliya ivuga ivyerekeye abantu, baba abagamburukiye Yehova canke abatamugamburukiye. Kiradufasha kandi kubona ivyigwa twobigirako. (Abaroma 15:4; 1 Abakorinto 10:6) Kigabuwe mu bihimba 14, kimwe cose kikaba gitangurwa n’incamake y’ivyigwa tugikuramwo.

Nimba uri umuvyeyi, urashobora gusomera hamwe n’umwana wawe icigwa kanaka, mugaca muganira ku mashusho arimwo. Nimuce musomera hamwe ivyanditswe ico cigwa gishingiyeko. Numufashe kubona isano riri hagati y’ivyo asomye muri Bibiliya n’ivyo yasomye mu gitabu. Twoshobora kubigenza gutyo nyene igihe dufasha umuntu akuze kubona muri make ibivugwa muri Bibiliya.

Turizigiye ko iki gitabu kizofasha abantu bose b’imitima igororotse, baba abato canke abakuze, kwiga Ijambo ry’Imana no gushira mu ngiro ivyo biga. Ivyo bizotuma na bo nyene basenga Imana bifatanije n’umuryango w’abasavyi bayo yikundira.

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika