ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yp2 rup. 50
  • Akarorero wokwigana—Yozefu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akarorero wokwigana—Yozefu
  • Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Ivyo bijanye
  • “Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yozefu yaragamburukiye Imana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
yp2 rup. 50

Akarorero wokwigana—Yozefu

Yozefu ntiyorohewe. Umugore wa shebuja amaze igihe amwinginga ngo baryamane. N’ubu arasubiriye! Ariko Yozefu ntarota amwemerera. Nkako, amwishura ashikamye ati: “Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye ngacumura koko ku Mana?” Uwo mugore ntagondozwa, ahubwo aca ashaka kumucakira, ariko Yozefu ntatinya guhunga. Aca yiruka akava muri iyo nzu! Yozefu arerekana ko ari umusore yigenza runtu.—Itanguriro 39:7-12.

Na wewe vyoshobora gushika umuntu akakwosha ngo ugire nk’uko inambu y’umubiri wawe igize. Kuba ufise umwiyemezo vyonyene ntibihagije. Bisaba ko uba ufise icipfuzo co guhimbara Umuremyi wawe Yehova Imana. Mu bisanzwe, Yozefu vyarashika akagira inambu y’umubiri nk’uko na wewe bigushikira. Ariko rero, ntiyarota ahaza iyo nambu y’umubiri mu buryo bwobabaje Umuremyi wiwe. Na wewe nyene urakwiye kumenya udakeka ko ubuhumbu bubabaza Imana be n’uko amaherezo butuma umuntu agira intuntu mu mutima. Niwihatire rero gutsimbataza no kugumana inyifato runtu nka Yozefu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika