ICIGWA CA 11
Niwanke Idini y’Ikinyoma!
Shetani n’abadayimoni biwe ntibashaka ko ukorera Imana. Bashaka kwonkora umuntu wese ku Mana. Ivyo bagerageza gute kubigira? Uburyo bumwe, babicisha kw’idini y’ikinyoma. (2 Ab’i Korinto 11:13-15) Idini iba iy’ikinyoma mu gihe itigisha ukuri kwo muri Bibiliya. Idini y’ikinyoma imeze nk’inoti y’ikinyoma: inoti y’ikinyoma yoshobora gusa n’iy’ukuri, ariko ntaco iba imaze. Irashobora kuguteza ingorane nyinshi.
Ibinyoma vy’amadini ntibishobora kwigera bihimbara Yehova we Mana y’ukuri. Igihe Yezu yari kw’isi, hariho umugwi w’idini washaka kumwica. Biyumvira ko uburyo bwabo bwo gusenga ari bwo bwari bwiza. Bavuze bati: “Dufise Data umwe, n’Imana.” Yezu yoba yaravyemeye? Oya! Yababwiye ati: “Mur’aba so wa Murwanizi.” (Yohana 8:41, 44) Muri iki gihe, abantu benshi biyumvira yuko bariko basenga Imana, ariko mu vy’ukuri baba bariko bakorera Shetani n’abadayimoni biwe!—1 Ab’i Korinto 10:20.
Nk’uko nyene igiti kigwaye cama ivyamwa bibi, ni ko n’idini y’ikinyoma ivamwo abantu bakora ibintu bibi. Isi yuzuyemwo ingorane kubera ibintu bibi abantu bakora. Hariho ubushegabo, indwano, ubusuma, agahahazo, ubwicanyi, n’ugusambanya abantu ku nguvu. Abenshi mu bakora ivyo bintu bibi usanga bafise idini barimwo, mugabo idini yabo ntituma bakora ivyiza. Ntibashobora kuba abakunzi b’Imana kiretse baretse gukora ibintu bibi.—Matayo 7:17, 18.
Idini y’ikinyoma yigisha abantu gusenga ibigirwamana. Imana irabuza gusenga ibigirwamana. Ivyo birumvikana. Mbega wobishima mu gihe umuntu atigera akuvugisha mugabo akavugisha ifoto yawe. Mbega uwo muntu yokubera umukunzi nyakuri? Oya ntibishoboka. Yehova ashaka ko abantu bamuganiriza, ntibaganirize igishusho canke isanamu itagira ubuzima.—Kuvayo 20:4, 5.
Idini y’ikinyoma yigisha yuko kwica abandi mu gihe c’intambara ata kibi kirimwo. Yezu yavuze yuko abakunzi b’Imana bogiriraniye urukundo. Ntitwica abantu dukunda. (Yohana 13:35) Vyoba mbere ari bibi ko twica abantu babi. Igihe abansi ba Yezu baza kumufata, ntiyaretse ngo abigishwa biwe barwane intambara kugira bamukingire.—Matayo 26:51, 52.
Idini y’ikinyoma yigisha yuko abanyakibi bazobabarizwa mu muriro udahera. Yamara, Bibiliya yigisha yuko icaha gishikana umuntu ku rupfu. (Abaroma 6:23) Yehova ni Imana y’urukundo. Mbega Imana y’urukundo yobabaza abantu ibihe bidahera? Eka data! Mw’Iparadizo, hazoba hari idini imwe gusa, iyo Yehova yemera. (Ivyahishuriwe 15:4) Amadini ashingiye ku binyoma vya Shetani yose azoba yaravuyeho.