Ururirimbo rwa 193
Amamaza “iyi nkuru nziza y’Ubwami”!
(Matayo 24:14, NW)
1. Reka iyi nkuru nziza yamamazwe,
Ni ’ntahe ku mahanga yose.
N’izina Yehova nirishimagizwe
Vuba rigiye kwezwa rwose.
(Icitabirizo)
2. Kw’imis’ari mibi ducungur’umwanya
Ntitwishinge kwinezereza.
Tubanz’ivy’Ubwami ata kwiziganya.
Tuzoronka rya tunga ryiza.
(Icitabirizo)
3. Vug’inkuru nziza ntutinye ngo n’uko
Bakurwanya bimwe bikaze.
Gir’ubuntu n’ubugenge, wumireko;
Kwamamaza ubikomeze.
(ICITABIRIZO)
Iyi nkuru yamamaze.
Tumira abitonda baze.
’Bakuru n’abato baje ku ruhande
Rwa Yehova kukw’ar’Uwera.