ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ssb ururirimbo 181
  • Jamwo muri ya ndirimbo y’Ubwami!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Jamwo muri ya ndirimbo y’Ubwami!
  • Ririmbira Yehova amashemezo
  • Ivyo bijanye
  • Jamwo mu ndirimbo y’Ubwami!
    Turirimbire Yehova
  • Jamwo muri ya ndirimbo y’Ubwami!
    Turirimbire Yehova tunezerewe
  • Ririmba ururirimbo rw’akamwemwe k’Ubwami
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Ururirimbo ruririmbirwa Yehova
    Ririmbira Yehova amashemezo
Ibindi
Ririmbira Yehova amashemezo
Ssb ururirimbo 181

Ururirimbo rwa 181

Jamwo muri ya ndirimbo y’Ubwami!

(Zaburi 98:1)

1. Indirimbo nshasha y’intsinz’iriho;

Ishemeza Segaba wa vyose.

Ivy’ivuga bitang’icizigiro.

Turirimbe vyumvikane rwose:

‘Yehova ni We aganza.

Majuru mwe, Hamiriza’.

Itubwira k’ubu Kristu yimitswe

N’ukw’abantu bomwemera bose.

2. Nya ndirimbo iramamaz’Ubwami.

Yezu ni we aganz’isi nzima.

Vyaravuzwe, ihanga ryaravutse;

Riganzwa n’uwo yamaze kwima.

‘Bantu mwese, Mupfukame;

Seng’Imana, Muyishime!

Ingo mwige nya ndirimbo y’Ubwami

Maz’Imana nta vyiz’izobima’.

3. Ni ’ndirimbo abitonda bomenya,

N’amajambo yay’araremesha.

Mw’isi yose abenshi barayize

Baca baratumir’abashasha.

‘Seng’Imana, Muyihaye,

Kw’izozura Abapfuye’.

Jamwo nawe; ririmbira Yehova

N’indirimbo twebw’idushimisha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika