Ururirimbo rwa 137
Igihe cashinzwe kiregereje
1. Yehova we mweranda
Ni we Gitandara,
Guc’urubanza kwawe
Kugiye kugera.
Naho vyotebagana
Vyo ntibizoteba. Ni
Vyo kuko umuhero
Ugir’uze vuba!
2. Nta gihe gisigaye
Ng’ubangur’inkota.
Ubu biraboneka
K’usengwa, we Data.
Ababi baratwanka
Nk’aho utabizi. Me!
Ugiye kubereka
Ko ur’Umuhizi.
3. Yehov’izina ryawe
Ni ryo rikuranga.
Bose nibaceceke,
Bumve k’ur’Indanga.
Ubu urahangamye
Nta wukwegereza. Ko
Uvyagiye ku ntebe,
Isi uraganza.
4. Tuduz’ijwi n’urweze
Tukakuririmba.
Urihagurukiye,
Kiza nk’uk’ugomba.
Rugira, iki ni ca
Gihe we washinze. Twe
Turindiye k’utsinda
Tugushemagize.