Ururirimbo rwa 83
Igituma Siyoni ikwiye kunezerwa
1. Eh’ubu haravutse
“Igihugu” ciza
C’Imana kandi ni ho
Ata coturiza.
Siyoni ya Yehova
Yaravyay’abana
Bavugiye aheru,
Bahay’iryo zina.
(Icitabirizo)
2. Nya gihugu cavutse
Kiduter’urweze.
Gitez’imber’Ubwami,
Bwa bundi twiteze.
Nya bana ba Siyoni
Baratiny’Ijambo
Ry’Imana bakigisha,
Bavuga rugabo.
(Icitabirizo)
3. Yehov’atigitisha
Amahanga yose,
’Vy’igiciro bikaza
Kwa Siyoni vyose.
N’agateka batewe
Ko kumushemeza
No kumupfukamira
Be no kumwambaza.
(ICITABIRIZO)
Nezeranwa hamwe na Siyoni.
Yehov’arayikunda runini!
’Bana bayo baribonekeza,
Abatera agateka keza. za.