ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g18 no. 3 rup. 3
  • Intuntu yo kubura uwawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intuntu yo kubura uwawe
  • Be maso!—2018
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2018
  • Muri iyi nomero: Ivyofasha abatuntuye
    Be maso!—2018
  • Ivyo wokwitega
    Be maso!—2018
  • Intangamarara
    Be maso!—2018
Ibindi
Be maso!—2018
g18 no. 3 rup. 3
Umugabo afise intuntu yicaye ukwiwe muri resitora

IVYOFASHA ABATUNTUYE

Intuntu yo kubura uwawe

“Twe na Sophiaa twari tumaze imyaka irenga 39 twubakanye igihe yahitanwa n’indwara yari amaranye igihe kirekire. Abagenzi baramfashije cane, kandi nanje nama mfise vyinshi nkora. Ariko namaze umwaka wose mfise intuntu idasanzwe. Ivyanje vyaguma bihindagurika. Vyarashika nkagira intuntu nyinshi ahandi na ho igacureha. Mbere n’ubu naho haheze imyaka nk’itatu apfuye birashika nkumva intuntu, kandi akenshi bikaza giturumbuka.”​—Kostas.

Woba umaze kubura uwawe? Nimba vyaragushikiye, Kostas uramutahura neza. Nta coza gitera intuntu canke kivuna umutima kuruta kubura uwo mwubakanye, incuti, canke umugenzi wikundira. N’abahinga biga ibijanye n’intuntu iterwa n’ukubura, baravyemeza. Ikiganiro kimwe co mu kinyamakuru co muri Amerika kivuga ivy’indwara zo mu mutwe, kivuga ko kubura uwawe ari co cago gitera intuntu idasanzwe kuruta, kuko abenshi babona ko iyo babuze uwabo biba biheze. Intuntu nk’iyo iratuma uwabuze uwiwe yibaza ati: ‘Iyi ntuntu izohera ryari? Noba nzosubira kunezerwa? Nokura hehe impumurizo?’

Iki kinyamakuru Be maso! kirishura ivyo bibazo. Ikiganiro gikurikira, kiravuga ivyo wokwitega nimba uherutse kubura uwawe. Ibindi na vyo, biraca irya n’ino ibintu vyogufasha kugabanya intuntu.

Turizigiye tudakeka ko ibiganiro bikurikira biza kuremesha no gufasha cane uwo wese atuntujwe no kubura uwiwe.

a Muri ibi biganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika