ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 4 rup. 6
  • 3 Niwumireko

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 3 Niwumireko
  • Be maso!—2016
  • Ivyo bijanye
  • Urashobora gushika ku migambi yawe y’ivy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Icogufasha kwimenyereza ibintu vyiza
    Be maso!—2016
  • Noshika gute ku migambi yanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • 1 Genda bukebuke
    Be maso!—2016
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 4 rup. 6
Umugore ariko ashira utumenyetso ku kirangamisi

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ICOGUFASHA KWIMENYEREZA IBINTU VYIZA

3 Niwumireko

Ikirangamisi kiriko utumenyetso

Bivugwa ko bisaba imisi 21 kugira utsimbataze akamenyero gashasha. Ariko rero, ubushakashatsi bwerekana ko hari abo bisaba igihe gito kugira bagire amahinduka ahambaye, abandi na bo bikabasaba igihe kinini. Ivyo vyoba bikwiye kuguca intege?

Zirikana kuri iki kintu: Fata ko ushaka kwama winonora imitsi gatatugatatu mu ndwi.

  • Indwi ya mbere, urashitse ku mugambi wawe.

  • Indwi ya kabiri, usivye umusi umwe.

  • Indwi ya gatatu, urasubiye gushika kuri wa mugambi.

  • Indwi ya kane, winonoye imitsi umusi umwe gusa.

  • Indwi ya gatanu, usubiye gushitsa umugambi kandi uciye ubandanya neza.

Vyagufashe indwi zitanu kugira umenyere ikintu gishasha. Womenga ni ikiringo kirekire, ariko umaze kubishikako urahimbarwa cane.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka.”​—Imigani 24:16.

Bibiliya ituremesha kwumirako. Igihambaye si incuro tugwa, ahubwo ni incuro tuvyuka.

Igihambaye si incuro tugwa, ahubwo ni incuro tuvyuka

ICO WOKORA

  • Bishitse bikakugora, ntubone ko kabaye. Numenye ko hatazobura ibishaka gusubiza inyuma umugambi wawe.

  • Nugumize umutima ku bihe wavyifashemwo neza. Nk’akarorero, nimba uriko uragerageza kuvugana neza n’abana bawe, niwibaze uti: ‘Ni ryari mperuka kwumva nokankamira abana banje ariko sinabigira? Nakoze iki? Nogisubiramwo gute?’ Bene ivyo bibazo vyogufasha kubandanya uvyifatamwo neza aho kugumiza umutima ku bitagenze neza.

Woba woshima kumenya ukuntu impanuro zo muri Bibiliya zishobora kugufasha no mu yindi mice y’ubuzima, nk’igihe ufise amaganya, ukuntu wogira agahimbare mu rugo canke ingene woronka umunezero nyakuri? Nuvugane n’Icabona ca Yehova canke uje ku rubuga rwacu, jw.org.

BIBILIYA IVUGA KANDI ITI:

“Amaso . . . yawe akwiye kuguma ahanze imbere yawe adakebaguzwa.”​—Imigani 4:25.

“Mu kwibagira ibiri inyuma nkaramiriza ku biri imbere, ndashishikara urugendo rwanje ngana kw’ihangiro.”​—Abafilipi 3:13, 14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika