ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/12 rup. 16-18
  • Umugabo nyawe ameze gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umugabo nyawe ameze gute?
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ivyofasha sebibondo kuguma ashikirana n’umuhungu wiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Twoba tuberanye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Ingene woba sebibondo mwiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ni ibiki biriko birashikira umubiri wanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Ibindi
Be maso!—2012
g 12/12 rup. 16-18

Urwaruka ruribaza

Umugabo nyawe ameze gute?

“Dawe yapfuye mfise imyaka itatu. Birashika nkumva ngiriye ishari abana bǎkuze bafise ba se. Basa n’abatekaniwe cane kundusha.”—Alex.a

“Imigenderanire mfitaniye na dawe ntishemeye. Mbwirizwa kwironderera kumenya ico bisobanura kuba umugabo nyawe.”—Jonathan.

WOBA umaze kwiyumva gutyo? Woba utinya ko utazokwigera umenya ico bisobanura kuba umugabo nyawe bitumwe n’imvo kanaka? Nimba ari ukwo biri, ntiwihebure.

Rimbura ukuntu woshobora gutsinda ingorane zibiri zikunda gushika.

INGORANE YA 1: Ivyiyumviro bitari vyo bikunda gushikirizwa ku bijanye n’ubugabo

Ivyo bamwebamwe bavuga:

● Abagabo nyabo amosozi yabo atemba aja mu nda.

● Abagabo nyabo ntibatamikwa ijambo.

● Abagabo bararuta abagore.

Ubundi buryo bibonwa: Ubugabo ni igihushane c’ubwana, si igihushane c’ubugore. Uba umugabo nyawe igihe uretse kugira kamere nk’iz’umwana. Intumwa Paulo yanditse ati: “Igihe nari uruyoya, navuga nk’uruyoya, nkiyumvira nk’uruyoya, nkazirikana nk’uruyoya; mugabo ubu ko nabaye umugabo, narakuyeho uturanga tw’uruyoya.” (1 Abakorinto 13:11) Mu yandi majambo, uko urushiriza kureka kwiyumvira, kuvuga no gukora nk’umwana maze ukiyumvira, ukavuga ukongera ugakora nk’umuntu ahumuye, ni ko urushiriza kwerekana ko uri umugabo nyawe.b

Gerageza iki kintu: Niwandike ku rupapuro inyishu wotanga ku bibazo bikurikira:

1. Ni hehe maze kuryohora mu bijanye no kwiyambura “uturanga tw’uruyoya”?

2. Ni hehe noryohora?

Icanditswe wokwisomera: Luka 7:36-50. Raba ukuntu Yezu yerekanye ko ari umugabo nyawe mu (1) gushigikira ibigororotse no mu (2) kuntu yafatana abandi icubahiro, harimwo n’abagore.

“Ndemera umugenzi wanje Ken. Ni umugabo akomeye ku mubiri, mu nyiyumvo no mu vy’Imana, mugabo kandi ni umugabo ameze neza. Akarorero kiwe karanyigishije yuko umugabo nyawe adakengera abandi arondera gusa kwishira hejuru.”—Jonathan.

INGORANE YA 2: Kuba umuntu atagira se amubera akarorero

Ivyo bamwebamwe bavuga:

● Nimba so wawe ata co anezwe mu muryango, ntuzokwigera umenya vy’ukuri ico bisobanura kuba umugabo.

● Nimba so wawe adatanga akarorero keza, ubwirizwa kwigana amakosa yiwe.

Ubundi buryo bibonwa: Naho nyene ubwana bwawe bwoba bwari bubi, si ngombwa ngo uce ureka kugira ico ushitseko. Urashobora kurengera ico kintu. (2 Abakorinto 10:4) Urashobora guhitamwo gukurikiza impanuro Umwami Dawidi yahaye umuhungu wiwe Salomo igira iti: “Ukomere kandi werekane ko uri umugabo.”—1 Abami 2:2.

Ni ivy’ukuri ko vyoshobora kuba bigoye gukura ufise so ataco yitaho canke utamufise namba. Umwe Alex twavuga mu ntango, agira ati: “Kubaho udafise so ni ingorane ikomeye mu buzima. Mfise imyaka 25, mugabo numva umenga ubu ni ho ndiko ndiga ibintu nari nkwiye kwiga igihe natangura kuba umuyabaga.” Nimba wiyumva nk’ukwo kwa Alex, wokora iki?

Gerageza iki kintu: Nurondere uwogufasha, ni ukuvuga umuntu atanga akarorero keza mu bijanye no kuba umugabo.c Numubaze kamere abona canecane ko zihambaye kugira ngo umuntu abe umugabo nyawe. Nuce umubaza ukuntu ushobora kuzitsimbataza.—Imigani 1:5.

Icaanditswe wokwisomera: Imigani ikigabane ca 1 gushika ku ca 9. Raba impanuro za kivyeyi zishobora gufasha umwana akazoba umugabo w’inkerebutsi kandi akunda ivy’Imana.

“Ndahimbawe n’aho ngeze mu kuba umugabo. Naho nari kuryoherwa n’uko dawe agira uruhara mw’ikura ryanje, ndizeye ko muri kazoza bizogenda neza. Ndizigiye neza ko nzogira ico nshitseko.”—Jonathan.

Raba ayandi makuru yofasha imiyabaga ku muhora wa Internet www.jw.org

Inyuma ya Be maso! yo muri Kigarama 2012, ibiganiro bivuga ngo “Urwaruka ruribaza” bizohora bishirwa gusa ku muhora wa Internet at www.jw.org

[Utujambo tw’epfo]

a Bamwebamwe mu bavugwa muri iki kiganiro si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

b Raba uruzitiro ruvuga ngo “Umwana—Umugabo.”

c Abakurambere bo mw’ishengero rya gikirisu boshobora kugufasha.

[Uruzitiro ku rup. 17]

Ian: Kuba umugabo ntibisobanura gusa kwifata nk’umugabo ariko kandi bisobanura ko ugira umutima ukunze wo gukora ugatama, ugacungera inyiyumvo zawe ukongera ukemera kubazwa ivyo ukora.

[Ifoto ku rup. 17]

[Uruzitiro ku rup. 17]

UMWANA — UMUGABO

Umwana yoshobora kuba . . .

atagira urupfasoni.

yikunda.

akunda kwinezereza.

atwarwa n’inyiyumvo ziwe.

Umugabo nyawe yihatira . . .

kwubaha abandi.—Abaroma 12:10.

kwitanga.—1 Abakorinto 10:24.

kwitwararika ibintu.—Abagalatiya 6:5.

gucungera inyiyumvo ziwe.—Imigani 16:32.

[Uruzitiro ku rup. 18]

UBONA GUTE UBAJIJE ABAVYEYI BAWE?

Mwibaza ko umugabo nyawe ameze gute? Mubona ndavyifatamwo nk’umuntu ahumuye?

[Uruzitiro ku rup. 18]

IBIMENYESHEJWE ABAVYEYI

SEBIBONDO: Akarorero utanga ni ko ahanini gafasha umuhungu wawe gutahura ico kuba umugabo bisobanura. Ufatanye icubahiro umugore wawe, uba uriko wigisha umuhungu wawe kwubaha abagore. Ukoze ugatama kugira utunge umuryango wawe, naho kubigenza gutyo bisaba gukora igikorwa kigayitse canke kiruhisha, uba uriko wigisha umuhungu wawe gukora agatama no kuba umuntu yitwararika ibintu.—1 Timoteyo 5:8.

Ushobora kuba utari ufitaniye imigenderanire myiza na so wawe. Kumbure so wawe na we ntiyari afitaniye imigenderanire myiza na se wiwe. Mugabo numenye iki kintu: Urafise akaryo ko guhindura. Ntukagishe. Nuhitemwo kuguma ushikirana n’umuhungu wawe.d Umubereye akarorero keza, na we yoshobora gukura akaba umugabo nyawe, ni ukuvuga umugabo uzohimbarwa no kwita umuhungu wawe.—Imigani 23:24.

INABIBONDO: Ushobora gute gufasha umuhungu wawe gukura akaba umugabo nyawe? Niwirinde kumugereranya mu buryo bubi n’umugabo wawe. Nk’akarorero, dufate ko umuhungu wawe akoze ikosa rikwibutsa umugabo wawe. Hari aho wosanga ukankamye uti: “Geza aho. Uri ikibi nka so.” Ego ni ko, urafise uburenganzira bwo guhanura umuhungu wawe kubera akosheje. Mugabo uramenya iki kintu: Nimba ivyo uvuga canke ukora vyerekana ko ivyo umugabo wawe akora vyose ari bibi, utabiciye n’ikanda woshobora gusanga uriko urabuza umuhungu wawe gukura akaba umugabo.

Nufate mu mugongo umugabo wawe uko ashigikira umuhungu wanyu mu buzima. Nubaremeshe kumarana umwanya, kandi urondere uturyo two kwerekana kamere nziza z’umugabo wawe be n’ibintu vyiza akora. Yoba akora agatama kugira ngo atunge umuryango? Yoba amarana umwanya n’abana banyu? Yoba afatana abandi icubahiro? Numenyeshe umuhungu wawe ko ushima cane ivyo bintu. Ivyo bintu uvuga bizofasha umuhungu wanyu kwigira ku karorero keza se atanga.

[Akajambo k’epfo]

d Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo “Ivyofasha sebibondo kuguma ashikirana n’umuhungu wiwe?” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2011, wasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 16]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika