ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/4/04 rup. 23-24
  • Amaruru yo gusaba amahinduka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amaruru yo gusaba amahinduka
  • Be maso!—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibintu vyoba bikwiye guhinduka canke kuguma uko vyahora?
  • Abaharanira amahinduka boba bafise umuti w’ingorane?
    Be maso!—2004
  • Ikintu kiruta amahinduka asanzwe
    Be maso!—2004
  • Ivyabona vya Yehova boba ari Abaporoti?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Abakirisu boba bakwiye kuja muri politike?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Be maso!—2004
g04 8/4/04 rup. 23-24

Amaruru yo gusaba amahinduka

VYASHIKIRIJWE N’UMWANDITSI WA BE MASO! MU BUDAGI

“Iyo mba nkiri muto, nari gushinga umuhari uharanira amahinduka”!

Ukwo ni ko umugore w’imyaka 80 yitwa Anna wo mu Budagi yavuze.

Uwitwa Robert yaciye amubaza ati: “Wari guhindura iki?”.

Anna yishuye ati: “Ibintu vyose!”.

HARI abantu benshi boshigikira Anna. Itohoza ryagizwe mu Budagi hagati y’imyaka ya 1990 ryahishuye yuko mu bantu babajijwe, 2 kuri 3 biyumvira ko hari hakenewe ‘amahinduka agera kure be n’inagurwa rihambaye mu vy’ikibano’. Kumbure ibintu ni ko vyifashe no mu gihugu ubamwo.

Igihe abanyagihugu bakoma amaruru basaba icohinduka, kenshi usanga hari amahinduka baca basezeranirwa. Ku vyerekeye ihinduka rijanye n’indero mu mashure, uwitwa Frederick Hess akaba ari umuporofeseri afasha mu vy’indero no mu vy’intwaro, yanditse ati: “Ihinduka ahanini usanga ari akigoro kadafashe ko gusubiriza umutima mu nda abantu baba babuze ukwihangana”. Turasoma imitwe y’ibiganiro vyo mu binyamakuru itangaza amahinduka mu vy’amakori, mu vy’ukubungabunga amagara y’abantu, mu vy’uburimyi no mu vy’amategeko. Turumva hashikirizwa ivyiyumviro vyerekana icohinduka mu bijanye n’indero mu mashure, mu bijanye n’ineza y’abanyagihugu be no mu bijanye n’amategeko mpanavyahaa. Turasoma kandi ko abayoboke b’amadini amwamwe bariko barasaba bivuye inyuma yuko haba amahinduka mu bijanye n’inyigisho atanga.

Ibintu vyoba bikwiye guhinduka canke kuguma uko vyahora?

Ni igiki gituma abantu basaba ko ibintu bihinduka? Umuntu yama nantaryo arondera kuryohora ikibano abamwo. Yaragerageje kubigira akoresheje amatora, amahera, amategeko canke inguvu. Ivyo biva ku cipfuzo gishinze imizi mu muntu co kuryohora ubuzima bwiwe, gutegekaniriza abana biwe kazoza keza kuruta canke gutuma ikibano kibaho mu buryo buhuje n’ivyo abona ko ari vyiza, ko biranga inyifato runtu be n’ubutungane. Mu gihe hakiriho abantu bagwa bavyuka kugira ngo bave mu ngorane ziterwa n’ubujuju, indwara, ubukene n’inzara, hazokwama hariho abatera amaruru basaba amahinduka.

Naho hari benshi bakiriza yompi amahinduka, hari abandi babona nabi abaharanira amahinduka be n’ivyo bagerageza gushikako. Bamwebamwe bahitamwo kutagira ico bahinduye ku kibano, ibintu bikigumira uko vyahora. Babona ko abaharanira amahinduka ari abantu ivyiyumviro vyabo ari indoto nsa, bashaka guhindura isi, kandi baheruka inzira mu ci. Igitabu kimwe (Handbuch der deutschen Reformbewegungen 1880-1933) kivuga yuko abaharanira amahinduka “bakunda gutyozwa, gushushanywa mu buryo bwo kubatwengera mw’ijigo mu binyamakuru bivuga ivya politike, gutyekezwa no guhemwa”. Wa mwanditsi w’ibikino w’Umufaransa Molière igihe kimwe yavuze ati: “Mu vyiyumviro vyose vy’ubupfu, nta kiza kiruta ico kurondera ko isi irushiriza kuba nziza”.

Woba wibaza ko amahinduka ashobora guteza imbere isi? Canke, abaharanira amahinduka, boba ari abantu bari mu ndoto nsa? Tuvuge iki ku mahinduka yagizwe muri kahise? Abayaharaniye boba barashitse ku vyo bipfuza? Ikiganiro gikurikira kiraza guca irya n’ino ivyo bibazo.

[Akajambo k’epfo]

a Mu buryo buhuje n’intumbero yaco, ikinyamakuru Be maso! “[ki]guma ata ho gihengamiye mu vya politike”. Iki kiganiro cerekeye amahinduka gifise intumbero yo kumenyesha amakuru abasomyi bacu no kudoma urutoke ku muti nyakuri umwe rudende w’ingorane abantu bafise.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika