Yohani Umubatizi yoba yarabayeho vy’ukuri?
Inkuru zo mu Njili ziravuga umuntu yitwa Yohani Umubatizi yamamaza i Yudaya ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Abahinga mu vya kahise boba bashigikira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’uwo mugabo? Raba:
Bibiliya ivuga iti: «Yohani Umubatizi aza kwamamaza mu bugaragwa bw’i Yudaya, avuga ati: “Nimwigaye kuko Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi.”» (Matayo 3:1, 2) Hoba hariho ibindi bitabu vyemeza ico kintu? Egome.
Umuhinga mu vya kahise wo mu kinjana ca mbere yitwa Flavius Josèphe yaravuze umugabo yitwa «Yohani batazira Umubatizi», «yaremesha Abayuda kwisunga ubugororotsi», «kwihebera Imana», no «kubatizwa.»—Histoire ancienne des Juifs, Igitabu ca XVIII.
Bibiliya iravuga ko Yohani yahambariye Herodi Antipa, buramatari w’intara ya Galilaya na Pereya. Herodi yitwa ko ari Umuyuda yubahiriza amategeko ya Musa. Yohani yaraneguye Herodi kubera yubakanye na Herodiya umugore wa mwene wabo. (Mariko 6:18) N’iyo nkuru nyene turayisanga mu bindi bitabu atari Bibiliya.
Wa muhinga Josèphe yavuze ko Antipa «[yakunze] Herodiya» aca «aramusaba ngo bubakane.» Herodiya yaremeye aca arava ku mugabo wiwe aja kubana na Antipa.
Bibiliya ivuga ko «abantu b’i Yeruzalemu, i Yudaya hose no mu karere kose ko mu micungararo ya Yorodani baguma baza kuri [Yohani], na we akababatiza mu ruzi Yorodani.»—Matayo 3:5, 6.
N’ivyo Josèphe arabishigikira. Yanditse ko abantu «benshi cane» baza kuraba Yonani kandi ko «ivyo yigisha vyabakora ku mutima cane.»
Biragaragara ko uwo muhinga mu vya kahise wo mu kinjana ca mbere yabona ko Yohani Umubatizi yabayeho vy’ukuri. Natwe ni ko dukwiye kubibona.