ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb17 rup. 169-170
  • Abakirde bakira ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakirde bakira ukuri
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
yb17 rup. 169-170
Mushiki wacu ariko yigisha umugore umwe mu gikirde

JEWOROJIYA

Abakirde bakira ukuri

GULIZAR avuga ati: “Nama nshimira Yehova kubona narashoboye kwiga ibimwerekeye mu rurimi nonse.”

Gulizar yamaze imyaka umunani ari umwamamaji, ariko yagiye kubatizwa ari uko atanguye kwitaba amakoraniro mu rurimi yonse rw’igikirde. Ni umwe mu Bakirde benshi bo muri Jeworojiya bakiriye ukuri muri iyi myaka iheze. None Abakirde ni bande?

Abakirde baramaze imyaka amajana baba mu bihugu vy’Abarabu. Incabwenge zimwezimwe zivuga ko boba bakomoka ku Bamedi bavugwa muri Bibiliya. (2 Abm. 18:11; Ivyak. 2:9) Ururimi rwabo ruri mu ndimi zivugwa muri Irani.

Muri iki gihe, hari Abakirde amamiliyoni baba mu bihugu bitandukanye nka Armeniya, Irani, Iraki, Siriya na Tirkiya. Muri Jeworojiya hari Abakirde nka 20.000. Muri rusangi, barubaha Imana bagakunda n’ibintu vy’Imana.

Ubu muri Jeworojiya hari abamamaji 500 b’Abakirde, n’amashengero atatu y’igikirde. Mu 2014, baranezerewe no kugira ihwaniro ry’akarere rya mbere mu gikirde. Ryabereye i Tbilisi, rikaba ryitabwe n’abashitsi bavuye muri Armeniya, Ubudagi, Tirkiya na Ukraine.

Abana b’Abakirde barakunda twa tuvidewo twa Kalebu
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika