ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb15 rup. 170
  • Numvise noheba gukorera Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Numvise noheba gukorera Imana
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
  • Ivyo bijanye
  • Inkuru nziza ku bakene n’abatagira uburaro
    Be maso!—2015
  • Icatumye umupatiri ahindura idini
    Be maso!—2015
  • Narahevye kwizigira amadini
    Bibiliya irahindura ubuzima
  • Yehova yampaye ibirenze ivyo nkwiriye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015
yb15 rup. 170
Ifoto ku rup. 171

RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Numvise noheba gukorera Imana

Martín Paredes

  • YAVUTSE 1976

  • YABATIJWE 1991

  • IVYIWE MURI MAKE Martín yamenye ukuri igihe yariko arigira ubupadiri. Kuva ico gihe, aramaze gufasha abantu benshi baraba abasavyi b’Imana.

Ifoto ku rup. 170

NAKURIYE mu muryango w’abagatolika b’imena bipfuza cane ko mba umupadiri. Rero, igihe nari mfise imyaka 12, narakurikiranye ivyigwa bitatu nigishwa n’abapadiri batatu. Mu nyuma, mu 1990, mfise imyaka 14, nararungitswe kwiga kuri imwe mu maseminari meza kuruta ayandi yo mu gihugu.

Narateye imbere ningoga kandi nabwiwe ko hamwe nobandanya nihata, nobaye musenyeri. Yamara, naravunitse umutima. Aho kwiga Bibiliya, twiga filozofiya y’abantu. N’ikindi kandi, abapadiri bari ibihumbu. Igihe baguma barondera kumpumbisha, naciye numva noheba gukorera Imana.

Muri ico gihe, hari umugabo n’umugore wiwe b’abamisiyonari bagendeye umunyabigega w’iyo seminari maze bamuha igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakimazi. Yarakintije maze ndagisoma cose. Nibwiye nti: ‘Iki ni co nyene nariko ndarondera.’ Naravuye mw’iseminari, nca ntangura kwiga n’Ivyabona no kwitaba amakoraniro. Haheze amezi umunani, muri Mukakaro 1991, narabatijwe. Naratanguye ubutsimvyi busanzwe kandi mu nyuma narubakanye na mushiki wacu w’umutsimvyi yitwa María. Kuva mu 2006, turi abatsimvyi badasanzwe. Aho guheba gukorera Imana, ubu ndakunda gufasha abantu banyotewe ukuri ngo babe abasavyi bayo b’ukuri.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika