République dominicaine
MU 1492, uwitwa Christophe Colomb yaragiye n’ubwato arashika mu karere yahavuye yita Isi nshasha. Hari ahantu hashasha hateye igomwe, hari ubutunzi n’ibintu vyinshi vyo kuratira ijisho. Mu mazinga yubuye, rimwe yaryise La Isla Española, canke Hispaniola, igice kinini c’iryo zinga ubu kikaba citwa République dominicaine. Mu myaka iheze, abantu ibihumbi baba muri République dominicaine barubuye ikintu gitandukanye cane n’ico Colomb yubuye. Ico kintu bubuye ni ukuri kwerekeye isi nshasha yimirije y’ubugororotsi izoba itwarwa n’Ubwami bw’Imana. (2 Pet. 3:13) Tugira twiganirwe inkuru ikora ku mutima yerekeye abantu b’imitima nziraburyarya bubuye ico kintu c’agaciro.