ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Rusama rup. 32
  • Nutegure umutima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutegure umutima
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ivyo bijanye
  • Nugire Umutima Uhimbara Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kwigisha abatohoji gutegura
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Nurondeze Yehova Umutima Uteguye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Rinda umutima wawe
    Turirimbire Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Rusama rup. 32

INGENE WOKWIYIGISHA

Nutegure umutima

Igihe twiga Bibiliya, twipfuza ko inyigisho za Yehova zidukora ku mutima, ni ukuvuga zigashika ibwina muri twebwe. Ezira yaratubereye akarorero muri ivyo, kuko «yari yarateguye umutima wiwe kugira asuzume amategeko ya Yehova.» (Ezr. 7:10) None twotegura gute umutima wacu?

Nusenge. Nusenge igihe cose ugira wiyigishe. Nusabe Yehova agufashe gutahura ivyo ugiye kwiga no kubishira mu ngiro.—Zab. 119:​18, 34.

Niwicishe bugufi. Yehova ntahishurira ukuri abishira hejuru, bakishimikiza ubwenge bwabo. (Luka 10:21) Niwirinde kugira ubushakashatsi mu ntumbero yo kwereka abandi ko uri agahambaye. Niwicishe bugufi uhindure ivyiyumviro vyawe igihe ubonye ko bidahuye n’ivy’Imana.

Niwumvirize ururirimbo rw’Ubwami. Umuziki urafise ububasha bwo kudukora ku mutima, gutyo tukitegurira kwakira inyigisho za Yehova. Wumvirije rero ururirimbo rw’Ubwami imbere y’uko wiyigisha, vyogufasha gutegura umutima.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika