Ibibazo vy’abasomyi
Ibivugwa mu 2 Abatesalonika 3:14 bijanye no gushira ikimenyetso ku muntu, vyoba bigirwa n’abakurambere canke bigirwa n’umukirisu umwumwe ku giti ciwe?
Intumwa Pawulo yandikiye abakirisu b’i Tesalonika ati: «Nimba hari uwudakurikiza ivyo tubabwiye muri iri kete, mumushireko ikimenyetso.» (2 Tes. 3:14, akajambo k’epfo.) Twahora tuvuga ko ubwo buyobozi bwahawe abakurambere. Hagize umuntu abandanya guhonyanga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kandi amaze guhanurwa kenshi, vyarashika abakurambere bagatanga insiguro yo kugabisha ishengero. Ivyo vyatuma umwamamaji wese ku giti ciwe yirinda kwifatanya n’uwo muntu.
Ariko rero hari ivyahindutse. Biboneka ko iyo mpanuro Pawulo yatanze, yerekeza ku vyo umukirisu umwumwe ku giti ciwe akwiye gukora, bivanye n’uko ibintu biba vyifashe. Ntibikenewe rero ko abakurambere bashikiriza insiguro yo kugabisha ishengero. Ni kubera iki none bihindutse? Reka turabe ivyo Pawulo yariko aravuga igihe yatanga iyo mpanuro.
Pawulo yarabonye ko abantu bamwebamwe bo muri iryo shengero bariko barigenza «mu buryo butabereye.» Barasuzugura impanuro yabaha zishingiye ku Vyanditswe. Mu rugendo yari yagize imbere y’aho, yari yategetse ati: «Uwudashaka gukora, no kurya ntarye.» Naho ari ukwo, hari abaguma banka gukora kugira ngo bitunge, kandi bari babishoboye. Vyongeye, baguma bita mu bitabaraba. None abakirisu bari bakwiye gufata gute abo bantu bigenza muri ubwo buryo butabereye?—2 Tes. 3:6, 10-12.
Ku bijanye n’umuntu nk’uyo, Pawulo yavuze ati: «Mumushireko ikimenyetso.» Mu kigiriki, iyo mvugo itekeye iciyumviro co kugumiza ijisho kuri uwo muntu, ukamubako maso. Ubwo buyobozi Pawulo ntiyabuhaye abakurambere gusa, ahubwo yabuhaye ishengero ryose. (2 Tes. 1:1; 3:6) Umukirisu umwumwe ku giti ciwe rero, abonye mugenziwe ariko atera akagere impanuro zishingiye ku Vyanditswe, yohisemwo ‘kureka kwifatanya’ n’uwo muntu yaba ariko yigenza mu buryo butabereye.
None ivyo vyoba bisobanura ko uwo muntu yafatwa nk’uwakuwe mw’ishengero? Habe namba, kuko Pawulo yongeyeko ati: «Mubandanye kumukebura nk’umuvukanyi.» Abavukanyi rero bobandanije kwifatanya n’uwo muntu ku makoraniro no mu ndimiro, ariko bagahitamwo kutifatanya na we mu bihe vyo kwinezereza no kuryoherwa. Uti kubera iki? Pawulo yavuze ati: «Kugira ngo amaramare.» Gushira ikimenyetso rero kuri uwo mukirisu yigenza mu buryo butabereye, vyotumye amaramara maze agahindura ingendo.—2 Tes. 3:14, 15.
None tweho twokurikiza gute iyo mpanuro muri iki gihe? Ica mbere coco, turakeneye kubanza kumenya neza nimba vy’ukuri umuntu kanaka ariko yigenza «mu buryo butabereye», nk’uko Pawulo yabivuze. Pawulo ntiyariko avuga abantu tutabona ibintu kumwe bivanye n’ijwi ryacu ryo mu mutima, canke bivanye n’ivyo twikundira. Vyongeye, ntiyariko avuga ababa batubabaje. Ahubwo yariko avuga canecane abahitamwo n’ibigirankana kudakurikiza impanuro zitomoye Imana iduha.
Muri iki gihe, nitwabona umukirisu mugenzi wacu afise agatima nk’ako ko kugambarara,a tuzokwihitiramwo kutifatanya na we mu biringo vyo kwinezereza no kuryoherwa. Kubera ko iyo ari ingingo umwe wese yifatira ku giti ciwe, nta bandi dukwiye kubibwira kiretse abo mu muryango tubana. Vyongeye, turabandanya kwifatanya n’uwo muntu ku makoraniro no mu ndimiro. Niyikosora, tuzoca dusubira kwifatanya na we no mu bindi, nk’uko vyahora.
a Nk’akarorero, umukirisu mugenzi wacu yoshobora kwanka gukora kugira yitunge kandi abishoboye, kwanka guheba gukundana n’uwudasenga Yehova, canke gukwiragiza amakuru acanishamwo canke urusaku rubabaza. (1 Kor. 7:39; 2 Kor. 6:14; 2 Tes. 3:11, 12; 1 Tim. 5:13) Abaguma bakora ivyo baba bigenza «mu buryo butabereye.»