ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp21 no. 1 rup. 3-4
  • Ivyo abantu bavuga ku bijanye no gusenga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo abantu bavuga ku bijanye no gusenga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Ivyo bijanye
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Uburyo bwo Kuronka Imfashanyo mu Gusenga
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
wp21 no. 1 rup. 3-4
Abantu bo mu mihingo itandukanye y’isi bariko barasenga basaba Imana ngo ibayobore.

Ivyo abantu bavuga ku bijanye no gusenga

“Igihe ndiko ndasenga, nca numva umengo Imana iri iruhande yanje, imfashe ukuboko ikanyobora igihe nzazaniwe.”​—MARÍA.

“Umugore wanje yapfuye amaze imyaka 13 arwaye kanseri. Ndibuka ingene buri musi nasenga Imana, ngaca numva ko vy’ukuri yariko iranyumviriza mu mubabaro narimwo. Naca numva mfise amahoro.”​—RAÚL.

“Isengesho ni ingabire nziza cane Imana yahaye abantu.”​—ARNE.

María, Raúl, Arne, hamwe n’abandi benshi, babona ko isengesho ari ingabire idasanzwe. Babona ko gusenga bituma baganira n’Imana, bakayishimira, bakongera bakayisaba ko yobafasha. Baremera badakeka yuko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no gusenga Imana ari ukuri. Igira iti: “Uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.”​—1 Yohani 5:14.

Ariko rero, hariho abandi bantu benshi bigora kwemera ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no gusenga. Nk’akarorero, uwitwa Steve avuga ati: “Igihe nari mfise imyaka 17, hari abagenzi banje batatu bahitanywe n’amasanganya abiri atandukanye. Umwe yahitanywe n’isanganya ry’umuduga, babiri na bo basoma nturi mu kiyaga.” None Steve yakoze iki? Avuga ati: “Narasenze Imana ndayisaba kumenya igituma ivyo vyose vyari vyabaye, ariko nta nyishu naronse. Naciye nibaza nti: ‘None gusenga bimaze iki?’” Kuba benshi barasenze ariko bakabona umenga amasengesho yabo ntiyishurwa, vyatumye bibaza nimba vy’ukuri gusenga hari ico bimaze.

Hariho n’izindi mvo zituma abantu bakekeranya ku bijanye n’akamaro ko gusenga. Hariho abavuga ko kubera ko Imana izi vyose, ikaba isanzwe izi ivyo dukeneye be n’ingorane turimwo, ko rero bidakenewe ko tuyibwira ibituraje ishinga.

Abandi na bo, babona ko Imana yanka kwumviriza amasengesho bayitura, kubera amakosa bakoze muri kahise. Nk’akarorero, uwitwa Jenny avuga ati: “Ingorane nyamukuru mfise ni ukwumva ko ata co maze namba. Narakoze ibintu bituma nicuza, nkaba rero mbona ko Imana itoshobora kunyumviriza.”

Umugore ari mu rusengero ariko arasenga araba hejuru, abandi na bo bakaba bariko basenga bunamitse imitwe.

None wewe ubona gute ibijanye no gusenga? Nimba vyarashitse ukagira amakenga nk’ayo ku bijanye no gusenga, urashobora guhumurizwa no kumenya ko Bibiliya itanga inyishu zitomoye. Ivyo ivuga ku bijanye n’isengesho ni ivyo kwizigirwa.a Irashobora kukuronsa inyishu z’ibi bibazo:

  • Imana yoba vy’ukuri yumviriza amasengesho yacu?

  • Kubera iki itishura amasengesho amwamwe?

  • Wosenga gute kugira ngo ikwumvirize?

  • Amasengesho yokumarira iki?

a Bibiliya irimwo amasengesho y’abasavyi b’Imana benshi, ushizemwo n’ayo Yezu Kristu yatuye. Ivyanditswe vy’igiheburayo, ivyo abenshi bakunze kwita Isezerano rya kera, birimwo amasengesho arenga 150.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika