Intangamarara
Vyoba birashika ukibaza ko Imana itishura amasengesho uyitura? Nimba vyarashitse, nturi wenyene. Hari abantu benshi basenze Imana ngo ibafashe mu ngorane barimwo, mugabo ntizahera. Muri uru rukurikirane rw’ibiganiro, turaza kubona igituma twohera amazinda yuko Imana yumviriza amasengesho tuyitura, igituma itishura amasengesho amwamwe, n’ingene wosenga kugira yishure amasengesho yawe.