ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w20 Mukakaro rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ivyo bijanye
  • Muzoba “ubwami bw’abaherezi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Yehova yari yaravuze ibijanye n’isezerano rishasha
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Nukenguruke agateka ufise ko gusengera Yehova mu rusengero rwiwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
w20 Mukakaro rup. 31

Ibibazo Vy’abasomyi

Yezu yabaye Umuherezi Mukuru ryari, kandi hoba hariho itandukaniro hagati y’igihe isezerano rishasha ryemezwa n’igihe ryatangura gukora?

Ibimenyamenya vyerekana yuko Yezu yabaye Umuherezi Mukuru igihe yabatizwa mu 29. Ivyo tuvyemezwa n’iki? Igihe yabatizwa yarishikanye ku gicaniro kigereranya “ukugomba” kw’Imana. (Gal. 1:4; Heb. 10:5-10) Kubera ko ico gicaniro c’ikigereranyo cabayeho kuva Yezu abatijwe, urusengero rwo mu buryo bw’impwemu, urugereranya intunganyo ya Yehova ijanye n’ugusenga kw’ukuri hishimikijwe incungu, rutegerezwa kuba na rwo nyene rwatanguye ico gihe nyene. Ico gicaniro ni ikintu nyamukuru muri urwo rusengero rwo mu buryo bw’impwemu.​—Mat. 3:16, 17; Heb. 5:4-6.

Kubera ko hari habonetse urusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu, hari hakenewe n’umuherezi mukuru arukoreramwo. Kugira Yezu ashingwe iryo banga, yararobanujwe “impwemu nyeranda be n’ububasha.” (Ivyak. 10:37, 38; Mrk. 1:9-11) Ariko none twokwemezwa n’iki yuko Yezu yagenywe ngo abe Umuherezi Mukuru imbere y’urupfu rwiwe n’izuka ryiwe? Akarorero ka Aroni n’abaherezi bakuru bamusubiriye karadufasha kuronka inyishu.

Nk’uko Itegeko ryabisaba, umuherezi mukuru ni we wenyene yashobora kwinjira Aheranda Rwose h’itaberenakulo. N’igihe urusengero rwari rumaze kwubakwa, ni we wenyene yinjira Aheranda Rwose. Aheranda be n’Aheranda Rwose hatandukanywa n’irido. Ku Musi w’impongano ni ho umuherezi mukuru yarengana iryo rido. (Heb. 9:1-3, 6, 7) Nka kurya nyene Aroni n’abamusubiriye babanza kurobanurwa bakaba abaherezi bakuru imbere yo guca muri “rya rido” ry’itaberenakulo, na Yezu ategerezwa kuba yabanje kurobanurwa araba Umuherezi Mukuru wo mu rusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu imbere y’uko apfa maze mu nyuma agaca “muri rya rido, ari ryo mubiri wiwe,” aja mw’ijuru. (Heb. 10:20) Ni co gituma intumwa Paulo yavuze ko Yezu aza “bwa muhererezi mukuru” maze agaca “[m]w’ihema rinini kuruta kandi ritunganye kuruta ritakozwe n’amaboko,” no “mw’ijuru ubwaho.”​—Heb. 9:11, 24.

Nta tandukaniro rihari hagati y’igihe isezerano rishasha ryemezwa n’igihe ryatangura gukora. Uti kubera iki? Igihe Yezu yasubira mw’ijuru maze agashikiriza agaciro k’ubuzima bwiwe butunganye yatanze ku bwacu, yari ateye intambwe ya mbere yotumye isezerano rishasha ryemezwa. Ico gihe nyene iryo sezerano ryaciye ritangura gukora. Ehe raba ivyasabwa kugira ritangure gukora.

Ubwa mbere, Yezu yaraserutse imbere ya Yehova, ubukurikira arashikiriza Yehova agaciro k’incungu yatanze, mu nyuma Yehova aremera agaciro k’amaraso ya Yezu yasesetse. Isezerano rishasha rero ryagiye gutangura gukora ari uko izo ntambwe zose zimaze guterwa.

Bibiliya ntitubwira igihe nyezina Yehova yemereye agaciro k’ikimazi Yezu yatanze. Muri ubwo buryo nyene, ntitwovuga igihe nyezina isezerano rishasha ryemejwe rigatangura gukora. Ariko rero, turazi yuko Yezu yaduze mw’ijuru hagisigaye imisi cumi ngo Pentekoti ibe. (Ivyak. 1:3) Muri ico kiringo kigufi, yarashikirije Yehova agaciro k’incungu yatanze, na we arakemera. (Heb. 9:12) Ikimenyamenya c’uko isezerano rishasha ryari ryatanguye gukora, carigaragaje neza kuri Pentekoti. (Ivyak. 2:1-4, 32, 33) Ivyo vyarerekanye ko isezerano rishasha ryari ryatanguye gukora.

Mu ncamake, isezerano rishasha ryemejwe ryongera ritangura gukora inyuma y’aho Yehova yemereye agaciro k’amaraso ya Yezu yasesetse. Yezu rero ni we yari Umuherezi Mukuru be n’Umuhuza muri iryo sezerano.​—Heb. 7:25; 8:1-3, 6; 9:13-15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika