UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Ntiwigane Elifazi igihe uremesha abandi
Elifazi yabwiye Yobu ngo abantu ntibokwigera bahimbara Imana (Yb 15:14-16; w05 15/9 26 ing. 4-5)
Elifazi yashatse kwerekana ko Yobu yari umubisha kandi ko ari co cariko kiratuma ashikirwa n’ingorane (Yb 15:20)
Amajambo ya Elifazi ntiyaremesheje Yobu (Yb 16:1, 2)
Ivyo Elifazi yabwiye Yobu vyari ibinyoma. Yehova araha agaciro akigoro tugira ko kumukorera. (Zb 149:4) N’abagororotsi barashobora gushikirwa n’ingorane.—Zb 34:19.
IVYO KUZIRIKANAKO: Ni gute “twoyagisha abacitse intege n’ijwi ryirura”?—1Ts 5:14; w15 15/2 9 ing. 16.