8-14 Myandagaro
1 ABAMI 3-4
Ururirimbo rwa 88 n’isengesho
Intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Agaciro k’ubukerebutsi”: (Imin. 10)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
1Bm 4:20—Imvugo ngo “bari benshi, mu bwinshi ari nk’udutete tw’umusenyi turi iruhande y’ikiyaga” yerekana iki? (w98 1/2 21 ing. 15)
Mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi, ni ibiki wize ku vyerekeye Yehova, ubusuku bwo mu ndimiro canke ikindi kintu?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4) 1Bm 3:1-14 (th icigwa ca 5)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 3) Hera ku ciyumviro kijanye na mugihura. Numusigurire ko twigisha abantu Bibiliya uce umuha agakarata kamenyekanisha ibijanye no kwiga Bibiliya. (th icigwa ca 1)
Usubiyeyo: (Imin. 4) Hera ku ciyumviro kijanye na usubiyeyo. Nuce umuha agatabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera, muce mumera nk’aho muhejeje kuraba ya videwo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya. (th icigwa ca 3)
Inyigisho: (Imin. 5) lff icigwa ca 06, iciyumviro ca 4 (th icigwa ca 12)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ibikenewe iwanyu: (Imin. 10)
Niwishingire imigambi yo mu mwaka w’umurimo uza: Gutanga cane: (Imin. 5) Guhana ijambo. Nimurabe ividewo ivuga ngo Niwinjire mu muryango uja ku gikorwa biciye ku kwizera—“[Nushire] ikintu ku ruhande” ku bw’igikorwa ca Yehova. Nuce ubaza uti: Ni mu buryo ubuhe uwo mugabo n’umugore batanze cane?
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) lff icigwa ca 15 n’akajambo ko ku mpera ka 2
Amajambo yo gusozera (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 14 n’isengesho