UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ibintu bitatu twokora vyerekana ko twiheka kuri Yehova
Dawidi yaratsinze Goliyati kubera yiheka kuri Yehova. (1Sm 17:45) Yehova yipfuza kwerekana inkomezi ziwe ku bw’abasavyi biwe. (2Ng 16:9) Ni gute none twokwiheka ku mfashanyo Yehova atanga aho kwiheka ku tuntu n’utundi tuzi canke ku bubangukirwe dufise? Ng’ibi ibintu bitatu twokora:
Nusenge kenshi. Ntusenge gusa usaba imbabazi igihe wamaze gukora ikosa ahubwo kandi nusenge usaba inkomezi igihe uhanganye n’ikigeragezo. (Mt 6:12, 13) Ntusenge usaba gusa ko Yehova ahezagira ingingo wamaze gufata ahubwo kandi numusenge umusaba ubuyobozi n’ubukerebutsi imbere y’uko ufata ingingo.—Yak 1:5
Nugire akamenyero ko gusoma Bibiliya no kuyiga. Nusome Bibiliya buri musi. (Zb 1:2) Nuzirikane ku burorero buri muri Bibiliya wongere ushire mu ngiro ivyigwa ubukuramwo. (Yak 1:23-25) Niwitegurire indimiro aho kwiheka ku vyo umaze gushikako. Niwungukire bimwe bishitse ku makoraniro y’ishengero mu kuyategura imbere y’igihe
Nukurikize ubuyobozi bw’ishirahamwe rya Yehova. Nugume urondera kumenya ubuyobozi bugezweho ishirahamwe ritanga kandi wihutire kubukurikiza. (Gh 9:17) Nutege yompi abakurambere igihe batanga impanuro n’ubuyobozi.—Heb 13:17
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NTA MVO YOTUMA DUTINYA URUHAMO, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
• Ni ibintu biteye ubwoba ibihe vyashikiye abavukanyi na bashiki bacu?
• Ni ibiki vyabafashije gutsinda ubwoba?