ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb20 Gitugutu rup. 3
  • Nuhe agaciro ubucuti ufitaniye na Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuhe agaciro ubucuti ufitaniye na Yehova
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ivyo bijanye
  • Woba ufitaniye na Yehova ubugenzi somambike?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Niwigishe abandi gukunda Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Uburyo Ushobora Kwiyegereza Imana
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Niwame wizigira Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
mwb20 Gitugutu rup. 3
Udufoto: Umugabo ariko arakomeza ubucuti afitaniye na Yehova. 1. Arasenga. Hari ishusho y’umwampi uraba hejuru. 2. Arasoma Bibiliya. Hari ishusho y’umwampi uraba hasi.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nuhe agaciro ubucuti ufitaniye na Yehova

Twebwe Ivyabona vya Yehova turi n’agateka kadasanzwe. Kubera turi Abakirisu biyeguye bakabatizwa, turabandanya gutsimbataza ubucuti somambike na Yehova. Yaradukwegereye kuri we abicishije ku Mwana wiwe. (Yoh 6:44) Arumviriza amasengesho yacu.​—Zb 34:15.

None twoshobora gute kuzigama ubucuti bw’agaciro dufitaniye n’Imana? Ikintu kimwe twokora ni ukwirinda ikosa Abisirayeli baguyemwo. Baragiraniye na Yehova ubucuti bushingiye kw’isezerano. Ariko budakeye na kabiri barihinguriye inyana y’inzahabu, baba baguye mu gusenga ibigirwamana. (Kv 32:7, 8; 1Kr 10:7, 11, 14) Umwe wese muri twebwe yokwibaza ati: ‘Ndavyifatamwo gute igihe nohejwe gukora ikintu kibi? Ivyo nkora vyoba vyerekana ko mpa agaciro ubucuti mfitaniye na Yehova?’ Urukundo rukomeye dukunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova ruzodufasha kwirinda ivyo yanka.​—Zb 97:10.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUZIGAME UBUCUTI UFITANIYE NA YEHOVA (KL 3:5), MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Umwina ni iki?

  • Dushobora gute kwirinda umwina no gusenga ibigirwamana?

  • Ukurenga ibigo n’ugusenga ibigirwamana bifitaniye isano gute?

  • Kubera iki abafise amabanga mw’ishengero bakwiye kuraba neza nimba bariko bitwararika ivyo abo bubakanye bakeneye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika