UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 25-26
Ikintu nyamukuru cari mw’itaberenakulo
Ya Sandugu ni co ikintu cari gihambaye cane mw’Itaberenakulo no mw’ikambi ya Isirayeli. Iyo igicu kije hagati ya ba bakerubi babiri bari hejuru y’umurumyo w’isandugu, vyaba vyerekana ko Imana ari ho iri. Ku musi w’impongano waba buri mwaka, umuherezi mukuru yarinjira Aheranda Rwose maze akamijagira amaraso y’ishuri n’ay’impene imbere y’uwo murumyo kugira atangire impongano ibicumuro vy’Abisirayeli. (Lw 16:14, 15) Ivyo vyagereranya igihe Yezu wa muherezi mukuru ahambaye yaseruka imbere ya Yehova mw’ijuru kugira ashikirize agaciro k’inkuka y’incungu yatanze.—Heb 9:24-26.
Ivyanditswe bikurikira nubihuze n’ivyiza twironkera kubera incungu:
IVYANDITSWE
IVYIZA TWIRONKERA
icizigiro co kubaho ibihe bidahera
ukubabarirwa ibicumuro
ijwi ryo mu mutima ryiza
Twokora iki none kugira twironkere ivyo vyiza?