UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 23-24
Ntukurikire isinzi
Mu bihe vyo guca imanza, Yehova yaragabishije ivyabona n’abacamanza kutaja ku mabwire y’isinzi ngo bashinge intahe y’ikinyoma canke ngo bagoreke urubanza, kandi ivyo birakora no mu yindi mice y’ubuzima. Isi yama iriko igerageza kwosha Abakirisu ngo bisunge ivyiyumviro n’ingeso vy’abantu batubaha Yehova.—Rm 12:2.
Kubera iki bitaranga ubukerebutsi dukurikiye isinzi igihe
twumvise ibihuha canke urusaku?
duhitamwo ukuntu twambara, ingene dutunganya umushatsi canke uburyo twisamaza?
turi kumwe n’abantu tudasangiye ibara ry’urukoba, imico kama canke tutanganya ubutunzi, be n’igihe twiyumvira ibiberekeye?