UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ni ibiki twokwigira ku bakirisu b’inararibonye?
Mu mashengero turimwo turahasanga abamaze imyaka myinshi bakorera Yehova. Turashobora kubigirako vyinshi turavye ingene bagumye bamwihekako badahemuka. Twobabaza nk’ibijanye na kahise k’ishirahamwe rya Yehova canke ukuntu Yehova yabafashije mu ngorane baciyemwo. Turashobora no gutumira umwe muri bo mu Gusenga kwo mu muryango kugira atuyagire utuntu n’utundi yabonye.
Nimba uri umukirisu w’inararibonye, ntiwitinye kuyagira abakiri bato ibijanye n’ukwizera kwawe. Yakobo na Yozefu barabwiye ababakomotseko ivyo Yehova yabakoreye. (It 48:21, 22; 50:24, 25) Mu nyuma, Yehova yategetse ba serugo kwigisha abana babo ibijanye n’ibikorwa vyiwe vy’agatangaza. (Gus 4:9, 10; Zb 78:4-7) No muri iki gihe, abavyeyi hamwe n’abandi bo mw’ishengero bakwiye kubwira abakiri bato ivyiza biboneye Yehova yakoze abicishije kw’ishirahamwe ryiwe.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO BAGUMYE BUNZE UBUMWE IGIHE IGIKORWA CARI KIBUJIJWE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Ishami ryo muri Otrishe ryafashije gute abavukanyi bo mu bihugu bimwebimwe aho igikorwa cari kibujijwe?
Abavukanyi bo muri ivyo bihugu bagumye bakomeza ukwizera kwabo gute?
Kubera iki abamamaji benshi bo muri Rumaniya biyonkoye kw’ishirahamwe rya Yehova, kandi bagarutse gute?
Ivyo bintu vyabaye bikomeza gute ukwizera kwawe?
Abakirisu b’inararibonye nubigireko vyinshi vyokomeza ukwizera kwawe