24 Ruhuhuma–1 Ntwarante
ITANGURIRO 20-21
Ururirimbo rwa 108 n’isengesho
Amajambo y’intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Yehova yama ashitsa ivyo asezerana”: (Imin. 10)
It 21:1-3—Sara yarasamye inda maze avyara umwana w’umuhungu (wp17.5 14-15)
It 21:5-7—Ivyasa n’ibidashoboka Yehova yaratumye bishoboka
It 21:10-12, 14—Aburahamu na Sara barizera cane ivyo Yehova yasezeranye ku bijanye na Izahaki
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
It 20:12—Ni mu buryo ki Sara yari mushiki wa Aburahamu? (wp17.3 12, akajambo k’epfo)
It 21:33—Aburahamu yambaje gute “izina rya Yehova”? (w89 1/7 20 ing. 9)
Mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi, ni ibiki wize ku vyerekeye Yehova, ubusuku bwo mu ndimiro canke ikindi kintu?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) It 20:1-18 (th icigwa ca 5)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ividewo ya usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 5) Guhana ijambo. Erekana iyo videwo, uce ubaza uti: Ni gute uwo mwamamaji yerekanye akamaro k’icanditswe basomye? Kubera iki ubwo ari uburyo bwiza twokwigana mu gufasha uwashimishijwe?
Usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 3 canke idashika) Koresha agace kajanye na usubiyeyo ubwa kabiri. (th icigwa ca 4)
Inyigisho: (Imin. 5 canke idashika) bhs 35 ing. 19-20 (th icigwa ca 3)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Raporo y’umwaka w’umurimo: (Imin. 15) Insiguro itangwa n’umukurambere. Mumaze gusoma ikete rivuye ku biro vy’ishami rijanye na raporo y’umwaka w’umurimo, nubaze ibibazo abamamaji wacaguye imbere y’igihe bafise ibintu biremesha biboneye mu ndimiro mu mwaka uheze.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 105
Amajambo yo gusozera (Imin. 3 canke idashika)
Ururirimbo rwa 119 n’isengesho