UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ingeso zitanduye be n’icubahiro kigera kure biragondoza imitima
Akenshi ingeso nziza abakenyezi bakirisu bagaragaza ni zo zigondoza abagabo babo bakakira ukuri. Ariko rero, hari igihe ivyo bisaba ko bamara imyaka myinshi bihanganiye ibintu bitoroshe. (1Pt 2:21-23; 3:1, 2) Nimba uriko urafatwa nabi, nubandanye gutsinda ikibi ukoresheje iciza. (Rm 12:21) Akarorero keza utanga karashobora kugira ububasha ku wo mwubakanye kuruta ivyo wovuga.
Gerageza kubona ibintu nk’uko uwo mwubakanye abibona. (Fp 2:3, 4) Nugaragaze impuhwe n’ikibabarwe kandi ukore ukwo ushoboye kwose ushitse ivyo usabwa, ariko ugume umugaragariza icubahiro. Nube umuntu azi gutega yompi. (Yak 1:19) Niwihangane kandi ukure amazinda uwo mwubakanye ko umukunda. N’igihe nyene atokwigera akugaragariza umutima mwiza n’icubahiro nk’uko ubigira, nuhimbarwe no kumenya ko Yehova aha agaciro ukudahemuka kwawe.—1Pt 2:19, 20.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO YEHOVA ARADUFASHA KWIKORERA IMITWARO YACU, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Ubuzima bwa Grace Li bwari bumeze gute agitangura kubana n’umugabo wiwe?
Ni igiki catumye yiga ukuri kwo muri Bibiliya?
Yihanganiye gute ingorane inyuma y’ibatisimu?
Yasenga asaba iki ku bijanye n’umugabo wiwe?
Ni imihezagiro iyihe yironkeye kubera ingeso ziwe zitanduye be n’icubahiro kigera kure yagaragaje?
Ingeso zitanduye be n’icubahiro kigera kure biri n’ububasha!