ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb19 Myandagaro rup. 8
  • Ibikorwa vyiza bitigera vyibagirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikorwa vyiza bitigera vyibagirwa
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Ivyo bijanye
  • Woba Ushobora Kwitanga?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Uratumiwe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Beteli ni iki?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
mwb19 Myandagaro rup. 8
Umudada ariko akorera mu gikoni kuri Beteli

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ibikorwa vyiza bitigera vyibagirwa

Abasavyi b’Imana bose barashobora gukorera Yehova ibintu azokwama yibuka. Kurya kw’umuvyeyi akunda abana biwe kandi ntiyigere yibagira ivyiza bakoze, ni ko na Yehova atibagira igikorwa cacu be n’urukundo dukunda izina ryiwe. (Mt 6:20; Heb 6:10) Ego ni ko twese ntidushoboye bimwe, kandi uko ivyacu vyifashe kuratandukanye. Ariko dukoze ivyo dushoboye vyose mu murimo wa Yehova turashobora guhimbarwa. (Gl 6:4; Kl 3:23) Mu myaka n’iyindi, abavukanyi na bashiki bacu ibihumbi baritanze barakorera kuri Beteli. Woba nawe ushobora kwitanga ugakorera kuri Beteli? Nimba bidakunda, ubona woremesha uwundi kubigira canke na ho ugafasha umunyabeteli kuguma muri ico gikorwa kidasanzwe?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO WOBA WOKWITANGA UGAKORERA KURI BETELI?, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni igiki gikwiye gutuma dukorera kuri Beteli?

  • Ni ibiki bamwe bavuze ku bijanye n’imihezagiro iri mu gukorera kuri Beteli?

  • Ni ibiki bisabwa ku bashaka gukorera kuri Beteli?

  • Wosaba gute gukorera kuri Beteli?

Abanyabeteli batatu bariko barakorera kuri orodinateri; umuvukanyi ariko arapakira ibitabu mu makarato; umuvukanyi ariko arabaza imbaho kuri Beteli

Ibisabwa uwipfuza gukorera kuri Beteli

  • Akwiye kuba akunda cane Yehova n’ishirahamwe ryiwe

  • Akwiye kuba yisunga ingingo mfatirwako z’ivy’ukwigenza runtu ziri hejuru kandi afise ijwi ryo mu mutima ryiza imbere ya Yehova

  • Akwiye kuba yambara kandi yitunganya mu buryo bubereye abakirisu

  • Ivyo araba, ivyo yumviriza, be n’ubundi buryo bwo kwisamaza ahitamwo, bikwiye kuba bibereye umukirisu

  • Mu bisanzwe, akwiye kuba afise imyaka iri hagati ya 19 na 35

  • Akwiye kuba afise amagara meza mu bwenge, mu nyiyumvo no ku mubiri

  • Akwiye kuba ashoboye gusoma, kwandika no kuvuga neza ururimi nyamukuru rukoreshwa kw’ishami

  • Akwiye kuba yemera kuhaguma n’imiburiburi umwaka umwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika