15-21 Mukakaro
2 ABATESALONIKA 1-3
Ururirimbo rwa 67 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Ihishurwa rya wa mugarariji”: (Imin. 10)
[Erekana ividewo ivuga Incamake y’igitabu ca 2 Abatesalonika.]
2Ts 2:6-8—“Nya mugarariji,” uwari yaratanguye gukora ico gihe, yotevye agahishurwa (it-1 221)
2Ts 2:9-12—Abazimizwa na “nya mugarariji” bazocirwa urubanza (it-2 255 ing. 7)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
2Ts 1:7, 8—Ni mu buryo ki Yezu n’abamarayika bazohishurwa “mu muriro uyingana”? (it-1 890 ing. 6)
2Ts 2:2—Igihe Paulo yavuga ngo “ijambo ry’irihumekano” yashaka kuvuga iki? (it-1 1188 ing. 1)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) 2Ts 1:1-12 (th icigwa ca 10)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ividewo ya usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 5) Nimuyirabe mwongere muyiganireko.
Usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 3 canke idashika) Koresha agace kajanye na usubiyeyo ubwa mbere. (th icigwa ca 6)
Usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 4 canke idashika) Hera ku gace kajanye na usubiyeyo ubwa mbere, uce umubwira ibijanye n’igitabu Bibiliya itwigisha iki? (th icigwa ca 12)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Umurimo wawe woba utakikuryohera?: (Imin. 15) Erekana ividewo ivuga ngo Ni gute wonezererwa umurimo urangura?
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 75
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 111 n’isengesho