27 Rusama–2 Ruheshi
ABAGALATIYA 1-3
Ururirimbo rwa 106 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Naramurwanije amaso mu yandi”: (Imin. 10)
[Erekana ividewo ivuga Incamake y’igitabu c’Abagalatiya.]
Gl 2:11-13—Igihe abakirisu b’Abayuda baja kuraba Petero, yaciye areka kwifatanya n’abavukanyi b’Abanyamahanga kubera ugutinya abantu (w17.04 27 ing. 16)
Gl 2:14—Paulo yarakosoye Petero (w13 15/3 5 ing. 12)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Gl 2:20—Ukwiye kubona gute incungu, kandi kubera iki? (w14 15/9 16 ing. 20-21)
Gl 3:1—Kubera iki Paulo yise Abagalatiya “imburabwenge”? (it-1 940)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Gl 2:11-21 (th icigwa ca 10)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ividewo ya usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 5) Nimuyirabe mwongere muyiganireko.
Usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 3 canke idashika) Koresha agace kajanye na usubiyeyo ubwa kabiri. (th icigwa ca 2)
Inyigisho: (Imin. 5 canke idashika) bhs 202 ing. 18-19 (th icigwa ca 6)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Ingene umwe wese yofasha mu kwitwararika ibibanza dusengeramwo”: (Imin. 15) Ikiganiro co guhana ijambo gitangwa n’umukurambere. Muhejeje kuraba ividewo Twitwararike ibibanza dusengeramwo no kuganira ku bibazo bijanye, baza uwuserukira ishengero ryanyu muri Komite ijejwe Ingoro y’Ubwami utubazo dukurikira. (Mutamufise, baza umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere. Nimba ata rindi shengero musangiye Ingoro, baza uwuhagarikira ibikorwa vyo kuyibungabunga.) Muravye urutonde rw’ibikorwa vyo kubungabunga Ingoro, twoba turukurikiza neza? Twoba twirinda amasanganya? Ni ibikorwa ibihe vyo gusanura Ingoro biherutse gukorwa? Ni ibiki mutegekanya gukora? Nimba hari uwufise ubuhanga kanaka canke uwushaka kwigira ku babufise, yokora iki? Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, twese twofasha gute mu vyo kwitwararika Ingoro?
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 68
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 72 n’isengesho