ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Myandagaro rup. 7
  • Yezu yarapfiriye n’umuvukanyi wawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yarapfiriye n’umuvukanyi wawe
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ivyo bijanye
  • Nuzigame ubumwe mw’ishengero
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Mugumane muri mwebwe wa mutima Kristu yari afise
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Mugiriranire Urukundo Rufashe”
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Niwirinde gutsitaza “aba batoyi”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Myandagaro rup. 7
Yezu ariko yigisha abayoboke biwe

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Yezu yarapfiriye n’umuvukanyi wawe

Yezu yapfiriye abantu badatunganye. (Rm 5:8) Nta gukeka ko dukenguruka kuba Yezu yaradukunze akemera gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. Ariko rero, turakeneye kuza turiyibutsa ko Kristu yapfiriye n’umuvukanyi wacu. None abavukanyi bacu badatunganye nkatwe, twobagaragariza gute mwene urwo rukundo rwa Kristu? Raba uburyo butatu. Ubwa mbere, turashobora kwagura urutonde rw’abo tugira abagenzi, tugashiramwo n’abo tudahuje imico kama. (Rm 15:7; 2Kr 6:12, 13) Ubwa kabiri, twokwiyubara kuvuga canke gukora ibintu vyotsitaza abandi. (Rm 14:13-15) Ubwa nyuma, twokwihutira kubabarira umuvukanyi yoducumurako. (Lk 17:3, 4; 23:34) Nitwihata cane kugira ngo twigane Yezu muri ubwo buryo, Yehova azobandanya guhezagira ishengero rigume rirangwamwo ubumwe n’amahoro.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NURUSHIRIZE KUMERA NEZA!, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Miki ahawe ikaze mw’ishengero yimukiyemwo

    Mu ntango Miki yabona gute ishengero yarimwo?

  • Miki arashavujwe n’abandi bo mw’ishengero

    Ni ibiki vyatumye ahindura ukuntu yiyumva?

  • Yezu agaragarije umutima mwiza intumwa ziwe n’aho zari zatwawe n’agatiro

    Akarorero ka Yezu kamufashije gute guhindura ukuntu yabona ibintu? (Mr 14:38)

  • Miki aratwenze kuko yishesheko ikinyobwa yari afise bivuye ku gahungu kamuciyeko

    Mu Migani 19:11 hadufasha gute kubona abakirisu bagenzi bacu mu buryo bwiza?

IKIBAZO CO KUZIRIKANAKO:

Hoba hari amakosa kanaka bankoreye nguma niyumvira, kandi nari nkwiye kuyirengagiza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika