30 Mukakaro–5 Myandagaro
LUKA 14-16
Ururirimbo rwa 125 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Umugani w’umwana w’icangazi”: (Imin. 10)
Lk 15:11-16—Umwana w’icangazi yasesaguriye intoranwa yiwe mu buhumbu (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Lk 15:17-24—Yarigaye maze umuvyeyi wiwe munyarukundo aramwakira (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Lk 15:25-32—Ivyiyumviro vya mukuruwe vyarakosowe
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya (Imin. 8)
Lk 14:26—Muri uyu murongo, ijambo ‘kwanka’ risobanura iki? (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Lk 16:10-13—Ni icigwa ikihe Yezu yashaka gutanga igihe yavuga ivy’“ubutunzi butagororotse”? (w17.07 8-9 ing. 7-8)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Lk 14:1-14
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 3 canke idashika) Hera ku gace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago. Nuce umutumira kw’ikoraniro.
Usubiyeyo ubwa gatatu: (Imin. 3 canke idashika) Ihitiremwo icanditswe wokoresha, hanyuma ushikirize igitabu canke agatabu dukoresha mu kuyobora inyigisho.
Inyigisho: (Imin. 6 canke idashika) lvs 37-38 ing. 14-15
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Umwana w’icangazi agaruka”: (Imin. 15) Guhana ijambo. Banza murabe agace k’ividewo Umwana w’icangazi agaruka.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 31
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 139 n’isengesho