UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | LUKA 10-11
Umugani w’Umusamariya w’imbabazi
Yezu yaciye uwo mugani kugira yishure uwari amubajije ngo: “None mugenzanje ni nde?” (Lk 10:25-29) Yezu yari azi ko ishengero rya gikirisu ryohavuye rigirwa n’abantu “b’uburyo bwose,” ushizemwo Abasamariya n’abanyamahanga. (Yoh 12:32) Uwo mugani wigishije abayoboke biwe ko bakwiye kwihatira kugaragariza abandi urukundo, mbere n’aboba batandukanye cane na bo.
NIWIBAZE UTI:
‘Mbona gute abavukanyi tudasangiye imico kama?’
‘Noba namana canecane n’abantu dufise ivyo duhurizako?’
‘Noba nshobora kwaguka mu mutima nkagerageza kumenyana n’abakirisu tudasangiye imico kama?’ (2Kr 6:13)
Ni nde notumira kugira ngo . . .
tuzojane mu ndimiro
tuzosangire udufungurwa
azoze mu Gusenga kwo mu muryango tuzogira ubutaha