ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb17 Kigarama rup. 5
  • Bishasha mw’ikoraniro ry’Ubuzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bishasha mw’ikoraniro ry’Ubuzima
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ivyo bijanye
  • Kirisitu Yinjirana Impundu i Yeruzalemu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Umwami yinjira i Yeruzalemu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • A7-G Ibintu nyamukuru vyabaye mu buzima bwa Yezu bwo kw’isi: Igikorwa ca nyuma Yezu yakoreye i Yeruzalemu (Igice ca 1)
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Yehova arahimbarwa igihe uvuze “amen”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
mwb17 Kigarama rup. 5
Injili ya Matayo muri ya nteguro yo kwiga ya Bibiliya y’isi nshasha y’icongereza iri kuri internet

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Bishasha mw’ikoraniro ry’Ubuzima

Kuva muri Nzero 2018, mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu tuzoza turarimbura amakuru adufasha kwiga be n’amashusho, vyakuwe mu nteguro yo kwiga ya Bibiliya y’isi nshasha yo mu congereza (nwtsty) iri kuri internet, naho itaraboneka mu rurimi rwacu. Ayo makuru azotuma twunguka vyinshi igihe dutegura iryo koraniro. N’igihambaye kuruta, ese yotuma turushiriza kwiyegereza Umuvyeyi wacu yuzuye urukundo Yehova.

AMAKURU ADUFASHA KWIGA

Ayo makuru aravuga ibijanye n’imico, uturere be n’ururimi, bidufasha gutahura imirongo myinshi yo muri Bibiliya.

Matayo 12:20

Urutambi ruyenga: Abenshi bakoresha agatara ko mw’ibumba bashiramwo amavuta ya elayo. Bagashiramwo urutambi rw’ilino rwakwega ayo mavuta maze urubeya rukaguma rwaka. Imvugo y’ikigiriki ngo “urutambi ruyenga” ishobora kuba yerekeza ku rutambi rufumba umwotsi kuko urubeya rwaba ruriko ruradegera canke rwamaze kudegera. Ubuhanuzi bwo muri Yesaya 42:3 bwaravuze ko Yezu yogaragaje impuhwe. Ntiyokwigeze azimya icizigiro na gitoyi abantu baciye bugufi canke bahahazwa bobaye bafise.

Matayo 26:13

Ni ukuri: Mu kigiriki ni a·menʹ rikaba ryakuwe mw’ijambo ry’igiheburayo ʼa·menʹ, risobanura ngo “ni bibe ukwo nyene” canke ngo “nta nkeka.” Yezu yarakunda gukoresha iyo mvugo igihe yaba agomba kuvuga ikintu ntaseswa, gutanga umuhango, canke kuvuga ubuhanuzi. Yaba ashaka gushimangira ko ivyo agira avuge ari ukuri kwuzuye kandi ko ari ivyo kwizigirwa. Ukwo kuntu Yezu yakoresha imvugo “ni ukuri” canke ameni, bivugwa ko ata handi wobisanga kiretse mu vyo yavuze mu Njili. Aho iyo mvugo iboneka kabiri gakurikirana (a·menʹ a·menʹ), nk’uko biri mu Njili ya Yohani, ica ihindurwa ngo “ni ukuri kwose.”​—Yoh 1:51.

AMASHUSHO

Amafoto, ibicapo be n’utuvidewo dutandukanye tutarimwo amajwi bizoturonsa amakuru y’ido n’ido y’ibivugwa muri Bibiliya.

Betifage, Umusozi w’Imyelayo be na Yeruzalemu

Aka kavidewo karerekana ibarabara rija i Yeruzalemu uvuye mu buseruko, mu kigwati ubu citwa et-Tour, gushika kw’isonga rirerire ry’Umusozi w’Imyelayo. Ico kigwati vyiyumvirwa ko ari ca gisagara Betifage kivugwa muri Bibiliya. Igisagara ca Betaniya kiri mu buseruko bwa Betifage, ku nkike y’Umusozi w’Imyelayo y’amaja mu buseruko. Igihe Yezu n’abigishwa biwe baba bari i Yeruzalemu, barakunda kurara i Betaniya, ubu hakaba hari igisagara citwa el-ʽAzariyeh (El ʽEizariya). Iryo zina ryo mu carabu risobanura ngo “Ikibanza ca Lazaro.” Nta gukeka ko Yezu yarara iwabo na Marita, Mariya na Lazaro. (Mt 21:17; Mr 11:11; Lk 21:37; Yoh 11:1) Igihe Yezu yaba avuye kwa ba Lazaro agiye i Yeruzalemu, ashobora kuba yaca mw’ibarabara nk’iri tubona muri aka kavidewo. Ku wa 9 Nisani 33, igihe Yezu yadugana Umusozi w’Imyelayo agiye i Yeruzalemu ari ku nyana y’indogobwa, ashobora kuba yari avuye i Betifage.

Ibarabara Yezu ashobora kuba yaracamwo avuye i Betaniya agiye i Yeruzalemu
  1. Ibarabara riva i Betaniya rija i Betifage

  2. Betifage

  3. Umusozi w’Imyelayo

  4. Umwonga Kidironi

  5. Ahari urusengero

Umusumari uteye mw’igufa ry’igitsintsiri

Igufa ry’igitsintsiri c’umuntu ritewemwo umusumari

Iyi ni ifoto y’igufa ry’igitsintsiri c’umuntu ritewemwo umusumari ureha na santimetero 11,5. Iryo gufa bafotoye, ryubuwe mu 1968 mu vyacukuwe mu buraruko bwa Yeruzalemu, rikaba ari iryo mu bihe vy’Abaroma. Ni ikimenyamenya c’uko mu kumanika umuntu ku giti bashobora kuba bakoresha imisumari. Uwo musumari ushobora kuba umeze cokimwe n’iyo abasoda b’Abaroma bakoresheje mu kumanika Yezu Kristu ku giti. Iryo gufa barisanze mw’isandugu ibajwe mw’ibuye yashirwamwo ibisigarira vy’amagufa y’umuntu. Ivyo vyerekana ko umuntu yaba yiciwe ku giti, mu nyuma yashobora guhambwa.​—Mt 27:35.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika