6-12 Munyonyo
AMOSI 1-9
Ururirimbo rwa 60 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Rondera Yehova, ubone kubandanya kubaho”: (Imin. 10)
[Erekana akavidewo kavuga Incamake y’igitabu ca Amosi.]
Am 5:4, 6—Dutegerezwa kumenya Yehova tugakora ivyo agomba (w04 15/11 24 ing. 20)
Am 5:14, 15—Dukwiye kwemera ingingo ngenderwako za Yehova zigenga ikibereye n’ikitabereye kandi tukiga kuzikunda (jd 90-91 ing. 16-17)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Am 2:12—Twoshira mu ngiro gute icigwa dukura muri uwu murongo? (w07 1/10 14 ing. 8)
Am 8:1, 2—“Igisimbo c’ivyamwa vyo mu ci” casigura iki? (w07 1/10 14 ing. 6)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Am 4:1-13
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Tegura uburyo bwo gutanguza ibiyago muri uku kwezi: (Imin. 15) Guhana ijambo ku gice kivuga ngo “Ingene twotanguza ibiyago.” Kuri buri buryo, nimwerekane akavidewo bijanye muce muganira ku vyiyumviro nyamukuru.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Kugira amasubirayo”: (Imin. 15) Guhana ijambo. Murangije, nimurabe akavidewo kerekana abamamaji babiri bariko bagira isubirayo muce mukaganirako.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) kr “Igihimba ca 7—Imihango y’Ubwami—Gutuma ibintu vyose biba bishasha,” ikig. 21 ing. 1-7
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 143 n’isengesho