UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZEKIYELI 28-31
Yehova yarahaye impera ihanga ry’abapagani
Nimba Yehova yarahaye impera ihanga ry’abapagani ku gikorwa ryakoze, wumva none atazorushiriza gushima igikorwa c’abasavyi biwe b’intahemuka?
IVYO ABANYABABILONI BAKOZE
Barugarije Tiro
IVYO NKORA
Ndiko ndwana urugamba uruhe mu buryo bw’impwemu?
AKIGORO BAGIZE
Bamaze imyaka 13 bugarije Tiro kandi bahatakarije vyinshi
Abasoda b’Abanyababiloni barahacumukuriye cane
Nta mpembo Abanyababiloni baronse
AKIGORO NGIRA
Akigoro ngira mu gukorera Yehova ni akahe?
IMPERA YEHOVA YAHAYE BABILONI
Yehova yabahaye Misiri nk’isahu
IMPERA YEHOVA AMPA
Yehova yampaye impera iyihe?